আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

পৃষ্ঠা নং:close

external-link copy
38 : 2

قُلۡنَا ٱهۡبِطُواْ مِنۡهَا جَمِيعٗاۖ فَإِمَّا يَأۡتِيَنَّكُم مِّنِّي هُدٗى فَمَن تَبِعَ هُدَايَ فَلَا خَوۡفٌ عَلَيۡهِمۡ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ

Twabategetse Duti: “Nimumanuke mwese muve mu Bwami bw’ijuru. Nimwashikirwa n’uburongozi bwanje, abazokwemera bagakurikiza uburongozi bwanje, abo nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu y’ivyo basize kw’isi”. info
التفاسير:

external-link copy
39 : 2

وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَكَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَآ أُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ

Nayo abazogarariza Imana Allah bagahakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyacu vyerekana ko hakwiye gusengwa Imana Imwe Rudende Allah Itabangikanywa, abo ni bo bantu bo mu muriro. Bazowubamwo ibihe bidahera. info
التفاسير:

external-link copy
40 : 2

يَٰبَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ ٱذۡكُرُواْ نِعۡمَتِيَ ٱلَّتِيٓ أَنۡعَمۡتُ عَلَيۡكُمۡ وَأَوۡفُواْ بِعَهۡدِيٓ أُوفِ بِعَهۡدِكُمۡ وَإِيَّٰيَ فَٱرۡهَبُونِ

Emwe Bene Israyeli[5]! Enda nimwibuke inema zanje Nabahaye, mwongere mwubahirize isezerano ryanje ryo kwemera Ibitabu n’Intumwa zanje ata kuvangura, maze mwubahirize amabwirizwa yanje, nanje Nzoheza Nubahirize isezerano ryanyu ryo kubagirira impuhwe kw’isi no kubaha impera y’ivyo mwakoze mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Kandi ni Jewe rero gusa mutegerezwa gutinya mu kwiyubara ko mwohabwa ibihano vyanje hamwe mwongarariza, info

[5] Biswe Bene Israyeli kuko bamuka kuri Yakobo mwene Ibrahimu, akaba ari we atazirwa Israyeli.

التفاسير:

external-link copy
41 : 2

وَءَامِنُواْ بِمَآ أَنزَلۡتُ مُصَدِّقٗا لِّمَا مَعَكُمۡ وَلَا تَكُونُوٓاْ أَوَّلَ كَافِرِۭ بِهِۦۖ وَلَا تَشۡتَرُواْ بِـَٔايَٰتِي ثَمَنٗا قَلِيلٗا وَإِيَّٰيَ فَٱتَّقُونِ

Maze mwemere n’iyi Qor’ani Namanuriye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ishimangira ukuri mu vyo mwahawe muri Tawurati. Ntimukabe rero aba mbere bayihakana, kandi ntimukagurishe Aayah zanje ku giciro gito cane mu kuyirengagiza canke ngo muzihindure. Kandi ni Jewe rero gusa mutegerezwa kugamburukira mu kwubahiriza amabwirizwa yanje; info
التفاسير:

external-link copy
42 : 2

وَلَا تَلۡبِسُواْ ٱلۡحَقَّ بِٱلۡبَٰطِلِ وَتَكۡتُمُواْ ٱلۡحَقَّ وَأَنتُمۡ تَعۡلَمُونَ

Kandi ntimukavange ukuri n’ikinyoma murementanya, ntimukanyegeze ukuri muzi mu biranga Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi muzi neza ko ibiyiranga vyanditswe mu Bitabu musoma. info
التفاسير:

external-link copy
43 : 2

وَأَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتُواْ ٱلزَّكَوٰةَ وَٱرۡكَعُواْ مَعَ ٱلرَّٰكِعِينَ

Nimube rero abislamu, maze mutsimbataze amasengesho-bwirizwa, mwongere mutange n’ishikanwa-bwirizwa, hanyuma mugamburukire Imana Allah, muyunamire hamwe n’abunama. info
التفاسير:

external-link copy
44 : 2

۞ أَتَأۡمُرُونَ ٱلنَّاسَ بِٱلۡبِرِّ وَتَنسَوۡنَ أَنفُسَكُمۡ وَأَنتُمۡ تَتۡلُونَ ٱلۡكِتَٰبَۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ

Mbega mutegeka abantu gukora ivyiza mukiyibagira kwibwiriza ngo mube abislamu, mu gihe mwebwe nyene musoma Igitabu ca Tawurati canditswemwo ibiranga Intumwa Muhamadi n’uko mutegerezwa kuyemera! Mbega none ntimugira ubwenge ngo mutahure ko muca kubiri n’ivyo muvuga! info
التفاسير:

external-link copy
45 : 2

وَٱسۡتَعِينُواْ بِٱلصَّبۡرِ وَٱلصَّلَوٰةِۚ وَإِنَّهَا لَكَبِيرَةٌ إِلَّا عَلَى ٱلۡخَٰشِعِينَ

Bemeramana! Mu gutunganya ivyanyu, nimwifashishe kwihangana mu gukora ivyo mwategetswe no mu kwirinda ivyo mwabujijwe, mwongere mwifashishe no gusenga isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo n’aho bigoye cane kiretse ku bantu bitonesha bakicisha bugufi ku Mana Allah; info
التفاسير:

external-link copy
46 : 2

ٱلَّذِينَ يَظُنُّونَ أَنَّهُم مُّلَٰقُواْ رَبِّهِمۡ وَأَنَّهُمۡ إِلَيۡهِ رَٰجِعُونَ

Abizeye ko bazohura n’Imana yabo Rurema Allah igihe bazutse, bakizera mu vy’ukuri ko bazosubira kuri Yo kugira baharurirwe baheze bahemberwe ivyo bakoze. info
التفاسير:

external-link copy
47 : 2

يَٰبَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ ٱذۡكُرُواْ نِعۡمَتِيَ ٱلَّتِيٓ أَنۡعَمۡتُ عَلَيۡكُمۡ وَأَنِّي فَضَّلۡتُكُمۡ عَلَى ٱلۡعَٰلَمِينَ

Emwe Bene Israyeli! Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwongere mwibuke ko mu gihe canyu Nabateye iteka gusumba abandi, mu kurungikwa muri mwebwe Abavugishwamana benshi no guhabwa Ibitabu vya Tawurati n’Injili; info
التفاسير:

external-link copy
48 : 2

وَٱتَّقُواْ يَوۡمٗا لَّا تَجۡزِي نَفۡسٌ عَن نَّفۡسٖ شَيۡـٔٗا وَلَا يُقۡبَلُ مِنۡهَا شَفَٰعَةٞ وَلَا يُؤۡخَذُ مِنۡهَا عَدۡلٞ وَلَا هُمۡ يُنصَرُونَ

Maze mwikingire ibihano vyo ku musi w’izurwa ry’ibiremwa, aho umuntu ata co azomarira uwundi, ntazokwemererwa no kugira uwo avugira, eka mbere nta n’ico kwigomboza mu bihano azotanga ngo cemerwe, n’aho yotanga amatungo y’isi yose, eka mbere bobo ntibazoronka n’uwubatabara ngo abakure mu bihano. info
التفاسير: