Muvugishwamana! Ingendanyi zawe zirakubaza ivyerekeye imboneko y’amezi, igituma ukwezi kuboneka ari guto, kugakura hanyuma kugasubira kuba guto! Zishure uti: “Imboneko y’amezi, ni ibimenyetso abantu bamenyerako ibihe vyo gutunganya amasengesho no gushengerera ingoro ntagatifu iri i Makka “Hijja”, hamwe rero n’ibindi bikorwa vyabo vya misi yose. Nta neza iri mu kwinjira amazu muciye mu busongero bwayo mu gihe co gushengerera canke kugendera ingoro ntagatifu iri i Makka, ariko rero ineza iri mu kugamburukira no mu kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah. Ba mwinjira amazu rero muciye mu muryango mu gihe co gushengerera canke kugendera ingoro ntagatifu iri i Makka. Muheze kandi mwumvire Imana Allah mu vyo mukora kugira ngo muroranirwe kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Bemeramana! Nimuharanire idini ry’Imana Allah mu kurwanya ababarwanya, kandi ntimukarenganye mu kwica abantu kizira ko bicwa nk’abana, abagore n’abatama. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda namba abarenga imbibe zayo z’ibibujijwe.