আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

পৃষ্ঠা নং:close

external-link copy
270 : 2

وَمَآ أَنفَقۡتُم مِّن نَّفَقَةٍ أَوۡ نَذَرۡتُم مِّن نَّذۡرٖ فَإِنَّ ٱللَّهَ يَعۡلَمُهُۥۗ وَمَا لِلظَّٰلِمِينَ مِنۡ أَنصَارٍ

Ico ari co cose mwatanze mu matungo, canke mwiyemeje gukora ku bw’Imana Allah, caba gito canke kinini, mu vy’ukuri Imana Allah Irakizi Izokibahembera. Uwuzoreka rero gutanga azoba yirenganije, kandi rero abirenganya mu kudatanga mu nzira y’Imana Allah nta babatabara mu kubakingira ibihano vy’Imana Allah bazoronka mu buzima bw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير:

external-link copy
271 : 2

إِن تُبۡدُواْ ٱلصَّدَقَٰتِ فَنِعِمَّا هِيَۖ وَإِن تُخۡفُوهَا وَتُؤۡتُوهَا ٱلۡفُقَرَآءَ فَهُوَ خَيۡرٞ لَّكُمۡۚ وَيُكَفِّرُ عَنكُم مِّن سَيِّـَٔاتِكُمۡۗ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٞ

Nimwatanga imperezwa ku mugaragaro ku bw’Imana Allah, ni vyiza; nimwayitanga naho mu mpisho mukayihereza abakene, bizoba ari vyiza kuri mwebwe gusumba kuko ata kwiyerekana kuba kurimwo. Gutyo rero Imana Allah Izonabababarira ivyaha vyanyu. Burya Imana Allah ivyo mukora vyose Irabizi, ni Muhetuziwavyose, kandi Izobibahembera. info
التفاسير:

external-link copy
272 : 2

۞ لَّيۡسَ عَلَيۡكَ هُدَىٰهُمۡ وَلَٰكِنَّ ٱللَّهَ يَهۡدِي مَن يَشَآءُۗ وَمَا تُنفِقُواْ مِنۡ خَيۡرٖ فَلِأَنفُسِكُمۡۚ وَمَا تُنفِقُونَ إِلَّا ٱبۡتِغَآءَ وَجۡهِ ٱللَّهِۚ وَمَا تُنفِقُواْ مِنۡ خَيۡرٖ يُوَفَّ إِلَيۡكُمۡ وَأَنتُمۡ لَا تُظۡلَمُونَ

Ntumwa y’Imana! Ntujejwe gushoboza abagarariji kurongoka, ariko rero Imana Allah Ishoboza kurongoka mu nzira yayo uwo Ishatse. Ico cose mutanga mu matungo muzogihemberwa ku neza yanyu, kanatsinda mwebwe mwemera, nta n’ico mutanga kiretse ku kurondera gushimwa n’Imana Allah. Ico ari co cose rero mutanze mu matungo muzohabwa indishi yaco, kandi ntimuzorenganywa mu kurenza urugero rw’ibihano canke mu kugabanywa indishi. info
التفاسير:

external-link copy
273 : 2

لِلۡفُقَرَآءِ ٱلَّذِينَ أُحۡصِرُواْ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ لَا يَسۡتَطِيعُونَ ضَرۡبٗا فِي ٱلۡأَرۡضِ يَحۡسَبُهُمُ ٱلۡجَاهِلُ أَغۡنِيَآءَ مِنَ ٱلتَّعَفُّفِ تَعۡرِفُهُم بِسِيمَٰهُمۡ لَا يَسۡـَٔلُونَ ٱلنَّاسَ إِلۡحَافٗاۗ وَمَا تُنفِقُواْ مِنۡ خَيۡرٖ فَإِنَّ ٱللَّهَ بِهِۦ عَلِيمٌ

Muragenera rero imperezwa zanyu abakene bihebeye guharanira idini ry’Imana, bigatuma badashobora guca irya n’ino kurondera ikibabeshaho, uwutabazi ababonye yokwibaza ko ari abatunzi bikenuye ku kwiyubaha ntibasege; ubamenyera ku bimenyetso vy’ugukena, ntibigera basabiriza; n’iyo bibaye ngombwa gusaba, ntibasega bakwizingirako ku gahato. Ico cose mutanze rero mu matungo, mu vy’ukuri Imana Allah Irakizi, Izokibahembera. info
التفاسير:

external-link copy
274 : 2

ٱلَّذِينَ يُنفِقُونَ أَمۡوَٰلَهُم بِٱلَّيۡلِ وَٱلنَّهَارِ سِرّٗا وَعَلَانِيَةٗ فَلَهُمۡ أَجۡرُهُمۡ عِندَ رَبِّهِمۡ وَلَا خَوۡفٌ عَلَيۡهِمۡ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ

Abatanga amatungo yabo ku bw’Imana Allah mw’ijoro no ku murango, mu mpisho no ku mugaragaro, abo bazosanga indishi yabo y’ivyo bakoze ku Mana yabo Rurema Allah, kandi nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu ku vyo basize kw’isi. info
التفاسير: