আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

পৃষ্ঠা নং:close

external-link copy
164 : 2

إِنَّ فِي خَلۡقِ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَٱخۡتِلَٰفِ ٱلَّيۡلِ وَٱلنَّهَارِ وَٱلۡفُلۡكِ ٱلَّتِي تَجۡرِي فِي ٱلۡبَحۡرِ بِمَا يَنفَعُ ٱلنَّاسَ وَمَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مِن مَّآءٖ فَأَحۡيَا بِهِ ٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ مَوۡتِهَا وَبَثَّ فِيهَا مِن كُلِّ دَآبَّةٖ وَتَصۡرِيفِ ٱلرِّيَٰحِ وَٱلسَّحَابِ ٱلۡمُسَخَّرِ بَيۡنَ ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَعۡقِلُونَ

Mu vy’ukuri, mw’iremwa ry’amajuru mu kuntu ahanitse, n’isi mu kuntu ishigikiwe n’imisozi, ikagira utubande n’amabahari; mw'ibisikanya n’ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango; mw’igendera ry’ubwato mw’ibahari bwunguruza ibifitiye akamaro abantu; mw’igwishwa ry’imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, maze Imana Allah Ikanagisha ibiterwa n’ivyimeza kw’isi hakoreshejwe amazi y'imvura, inyuma y’igaduka no gucika ubukumbagare kw’isi; mw’ikwiragizwa ry’ibinyabuzima bitandukanye bigendagenda mw’isi; mw’irungikwa ry’umuyaga hamwe n’isunikwa ry’ibicu mu kirere kiri hagati y’ijuru n’isi, mw'iremwa ry'ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abantu bafise ubwenge banyurwa bakikebuka, bagaheza bakamenya ko Imana Allah Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende. info
التفاسير:

external-link copy
165 : 2

وَمِنَ ٱلنَّاسِ مَن يَتَّخِذُ مِن دُونِ ٱللَّهِ أَندَادٗا يُحِبُّونَهُمۡ كَحُبِّ ٱللَّهِۖ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَشَدُّ حُبّٗا لِّلَّهِۗ وَلَوۡ يَرَى ٱلَّذِينَ ظَلَمُوٓاْ إِذۡ يَرَوۡنَ ٱلۡعَذَابَ أَنَّ ٱلۡقُوَّةَ لِلَّهِ جَمِيعٗا وَأَنَّ ٱللَّهَ شَدِيدُ ٱلۡعَذَابِ

N’aho biri ukwo, mu bantu harimwo abirengagiza Imana Allah bakagira mu gishingo cayo ibigirwamana bakunda nka kurya bategerezwa gukunda Imana Allah, kandi bitabikwiye. Nayo abemeramana barakunda bakubaha Imana Allah kurusha uko nya bantu bakunda ibigirwamana vyabo. Iyo abirenganije mw’ibangikanyamana bamenya igihe babonye ibihano vyo ku musi w’izuka, ko mu vy’ukuri Imana Allah ari Yo Nyeninguvu zose, n’uko Imana Allah Ihana Igahasha, ntibari gusenga ibigirwamana. info
التفاسير:

external-link copy
166 : 2

إِذۡ تَبَرَّأَ ٱلَّذِينَ ٱتُّبِعُواْ مِنَ ٱلَّذِينَ ٱتَّبَعُواْ وَرَأَوُاْ ٱلۡعَذَابَ وَتَقَطَّعَتۡ بِهِمُ ٱلۡأَسۡبَابُ

Igihe rero babonye ibihano ku musi w’izuka, indongozi z’abahakanyi zizokwigarama abazikurikiye mw’ibangikanyamana, n’ivyabahuza kw’isi vyose bizohera. info
التفاسير:

external-link copy
167 : 2

وَقَالَ ٱلَّذِينَ ٱتَّبَعُواْ لَوۡ أَنَّ لَنَا كَرَّةٗ فَنَتَبَرَّأَ مِنۡهُمۡ كَمَا تَبَرَّءُواْ مِنَّاۗ كَذَٰلِكَ يُرِيهِمُ ٱللَّهُ أَعۡمَٰلَهُمۡ حَسَرَٰتٍ عَلَيۡهِمۡۖ وَمَا هُم بِخَٰرِجِينَ مِنَ ٱلنَّارِ

Abakurikiye nya ndongozi na bo, bazoheza bavuge n’ishavu n’akantu bati: “Ese iyo tuba dushoboye gusubira kw’isi, maze tukigarama izo ndongozi nk’uko zitwigaramye!”. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Izobereka ibihano vyayo ku musi w’izuka - Izobereka ibikorwa vyabo vyabaye impfagusa maze bicuze, eka mbere bobo ntibazopfa bavuye mu muriro udahera. info
التفاسير:

external-link copy
168 : 2

يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ كُلُواْ مِمَّا فِي ٱلۡأَرۡضِ حَلَٰلٗا طَيِّبٗا وَلَا تَتَّبِعُواْ خُطُوَٰتِ ٱلشَّيۡطَٰنِۚ إِنَّهُۥ لَكُمۡ عَدُوّٞ مُّبِينٌ

Emwe bantu! Nimufungure mu vyimburwa mw’isi, ibirekuwe vyiza[22] bitabagirira ingaruka mbi, kandi ntimugakurikire inzira za shetani mu kuzirura ibizira, mu kuziririza ibiziruye, no mu kwadukana rero bishasha mw’idini. Mu vy’ukuri, shetani ni umwansi wanyu agaragara. info

[22] Ibirekuwe vyiza, ni birya vyose bisukuye bidahumanye, ata ngaruka mbi bigirira uwubifunguye canke uwubinyoye.

التفاسير:

external-link copy
169 : 2

إِنَّمَا يَأۡمُرُكُم بِٱلسُّوٓءِ وَٱلۡفَحۡشَآءِ وَأَن تَقُولُواْ عَلَى ٱللَّهِ مَا لَا تَعۡلَمُونَ

Ni ukuri, shetani ibategeka gukora ibibi n’ivyaha vy’agahomerabunwa no kurementaniriza Imana Allah mu kuziririza ibirekuwe canke kuzirura ibizira mudafitiye ubumenyi. info
التفاسير: