আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

পৃষ্ঠা নং:close

external-link copy
197 : 2

ٱلۡحَجُّ أَشۡهُرٞ مَّعۡلُومَٰتٞۚ فَمَن فَرَضَ فِيهِنَّ ٱلۡحَجَّ فَلَا رَفَثَ وَلَا فُسُوقَ وَلَا جِدَالَ فِي ٱلۡحَجِّۗ وَمَا تَفۡعَلُواْ مِنۡ خَيۡرٖ يَعۡلَمۡهُ ٱللَّهُۗ وَتَزَوَّدُواْ فَإِنَّ خَيۡرَ ٱلزَّادِ ٱلتَّقۡوَىٰۖ وَٱتَّقُونِ يَٰٓأُوْلِي ٱلۡأَلۡبَٰبِ

Igihe co gushengerera ingoro ntagatifu iri i Makka ni amezi azwi[32]. Uwuzozirikana rero kuyishengerera muri ayo mezi, kizoba kizira kuri we kurangura amabanga y’abubatse, kuvuga ibishegu n’ibindi bijanye na vyo, hamwe rero no guharira gutera urwanko n’ishavu mu gihe co gutunganya ibikorwa vy’ishengerera ry’iyo ngoro. Ico mugira cose mu vyiza, Imana Allah Irakizi kandi Izokibahembera. Muraheza rero munatekere impamba ikwiye mu rugendo rwo kuyishengerera, hamwe rero n’impamba y’ivyeza umutima. Mu vy’ukuri, impamba nziza ni igamburukiramana. Muheze rero muntinye Jewe Allah emwe bantu b’incabwenge! info

[32] Ukwezi kwa cumi “Shawwaal”, ukwezi kwa cumi na rimwe “Dhu l-Qa’da” n’imisi cumi ya mbere mu kwezi kwa cumi na kabiri “Dhu l-Hijja”.

التفاسير:

external-link copy
198 : 2

لَيۡسَ عَلَيۡكُمۡ جُنَاحٌ أَن تَبۡتَغُواْ فَضۡلٗا مِّن رَّبِّكُمۡۚ فَإِذَآ أَفَضۡتُم مِّنۡ عَرَفَٰتٖ فَٱذۡكُرُواْ ٱللَّهَ عِندَ ٱلۡمَشۡعَرِ ٱلۡحَرَامِۖ وَٱذۡكُرُوهُ كَمَا هَدَىٰكُمۡ وَإِن كُنتُم مِّن قَبۡلِهِۦ لَمِنَ ٱلضَّآلِّينَ

Nta kibi kuri mwebwe kiri mu kurondera ingabirano z’Imana yanyu Rurema Allah mu rudandazwa mu gihe co gushengerera ingoro ntagatifu. Nihagera aho mutera muva “Arafaati” mugana “Muzdalifa” izuba rimaze kurenga[33], muraninahaza mutazira musaba kenshi Imana Allah mugeze “Muzdalifa” ahagenewe kuninaharizwa Imana Allah. Murayininahaza kenshi rero ku vyo Yabashoboje Ikabarongora mu nzira yayo. Ni ukuri mwari mu bahuvye imbere yuko Ibarongora. info

[33] Ku musi w’igenekerezo rya 9 mu kwezi kwa “Dhu l-Hijja” kwa 12.

التفاسير:

external-link copy
199 : 2

ثُمَّ أَفِيضُواْ مِنۡ حَيۡثُ أَفَاضَ ٱلنَّاسُ وَٱسۡتَغۡفِرُواْ ٱللَّهَۚ إِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٞ

Muraheza rero, mubandanye muvuye “Muzdalifa” mutera muja “Mina” mwahereye “Arafaati”, ari na ho Intumwa y’Imana Ibrahimu yahereye, muheze munasabe Imana Allah ikigongwe. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info
التفاسير:

external-link copy
200 : 2

فَإِذَا قَضَيۡتُم مَّنَٰسِكَكُمۡ فَٱذۡكُرُواْ ٱللَّهَ كَذِكۡرِكُمۡ ءَابَآءَكُمۡ أَوۡ أَشَدَّ ذِكۡرٗاۗ فَمِنَ ٱلنَّاسِ مَن يَقُولُ رَبَّنَآ ءَاتِنَا فِي ٱلدُّنۡيَا وَمَا لَهُۥ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ مِنۡ خَلَٰقٖ

Nimwaheza ibikorwa vyanyu bitegetswe mu gushengerera ingoro ntagatifu, muraninahaza mutazira Imana Allah kenshi cane, nka kurya mwigamba muhayagiza abavyeyi banyu canke murushirizeho. Burya mu bantu harimwo umugwi witwararika ivy’isi maze ugasaba uti: “Mana yacu Rurema Allah! Duhe kuroranirwa mu vy’isi: amagara meza, amatungo n’ibibondo”. Abo, nta mugabane bategekanirijwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa; info
التفاسير:

external-link copy
201 : 2

وَمِنۡهُم مَّن يَقُولُ رَبَّنَآ ءَاتِنَا فِي ٱلدُّنۡيَا حَسَنَةٗ وَفِي ٱلۡأٓخِرَةِ حَسَنَةٗ وَقِنَا عَذَابَ ٱلنَّارِ

Muri bo kandi harimwo umugwi witwararika ubuzima bw’inyuma yo gupfa, usaba uti: “Mana yacu Rurema Allah! Duhe kuroranirwa mu vyiza vyose vy’isi no mu vyiza bidushikana mu Bwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Wongere Udukingire ibihano vyo mu muriro udahera”. info
التفاسير:

external-link copy
202 : 2

أُوْلَٰٓئِكَ لَهُمۡ نَصِيبٞ مِّمَّا كَسَبُواْۚ وَٱللَّهُ سَرِيعُ ٱلۡحِسَابِ

Abo ni bo rero bategekanirijwe umugabane w’indishi nziza ku vyo barondeye. Burya Imana Allah Irananyarutsa mu guharurira no mu guhemba abaja bayo. info
التفاسير: