আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

পৃষ্ঠা নং:close

external-link copy
265 : 2

وَمَثَلُ ٱلَّذِينَ يُنفِقُونَ أَمۡوَٰلَهُمُ ٱبۡتِغَآءَ مَرۡضَاتِ ٱللَّهِ وَتَثۡبِيتٗا مِّنۡ أَنفُسِهِمۡ كَمَثَلِ جَنَّةِۭ بِرَبۡوَةٍ أَصَابَهَا وَابِلٞ فَـَٔاتَتۡ أُكُلَهَا ضِعۡفَيۡنِ فَإِن لَّمۡ يُصِبۡهَا وَابِلٞ فَطَلّٞۗ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٌ

Nayo akarorero ka barya batanga amatungo yabo barondera gushimwa n’Imana Allah, no gutsimbataza ukwemera mu mitima yabo, ni nk’ak’umurima utotahaye uri ahantu hataramutse himbuka, haguye imvura nyinshi, gutyo umwimbu uva muri nya murima ukiyongera incuro zine; iyo muri nya murima hataguye imvura nyinshi iranyanyagira, amama yayo akaba akwiye kugira ngo umwimbu wiyongere[55]. Burya Imana Allah ivyo mukora vyose Irabibona neza, ni Nyenukubona. info

[55] Ni na ko abatanga ku bw’Imana Allah imperezwa zabo zaba nke canke nyinshi zakirwa zikagwizwa n’Imana Allah incuro nyinshi mu ndishi.

التفاسير:

external-link copy
266 : 2

أَيَوَدُّ أَحَدُكُمۡ أَن تَكُونَ لَهُۥ جَنَّةٞ مِّن نَّخِيلٖ وَأَعۡنَابٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ لَهُۥ فِيهَا مِن كُلِّ ٱلثَّمَرَٰتِ وَأَصَابَهُ ٱلۡكِبَرُ وَلَهُۥ ذُرِّيَّةٞ ضُعَفَآءُ فَأَصَابَهَآ إِعۡصَارٞ فِيهِ نَارٞ فَٱحۡتَرَقَتۡۗ كَذَٰلِكَ يُبَيِّنُ ٱللَّهُ لَكُمُ ٱلۡأٓيَٰتِ لَعَلَّكُمۡ تَتَفَكَّرُونَ

Mbega muri mwebwe, hari uwipfuza ko yoba afise umurima ugizwe n’ibiti vy’itende n’imizabibu, musi yavyo hatemba inzuzi z’amazi meza y’akanovera, muri nya murima akaba afisemwo amoko yose y’ivyamwa, na we akaba ageze mu za bukuru atagishoboye guteragira, akaba afise rero n’abana bakiri bato bakeneye kwikora kuri nya murima, hanyuma hakaza umuyaga w’igihuhusi uvanze n’umuriro ukawuturira[56]! Ni nk’ukwo nyene rero, Imana Allah Ibatomorera Aayah n’ingingo zayo kugira ngo mwiyumvire muheze mutahure icobagirira akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, maze rero mutange imperezwa zanyu ku bwayo. info

[56] Ukwo ni ko bizogendera abatanga ku kwiyerekana ku musi w’izuka ry’ibiremwa, nta ndishi bazoronka.

التفاسير:

external-link copy
267 : 2

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَنفِقُواْ مِن طَيِّبَٰتِ مَا كَسَبۡتُمۡ وَمِمَّآ أَخۡرَجۡنَا لَكُم مِّنَ ٱلۡأَرۡضِۖ وَلَا تَيَمَّمُواْ ٱلۡخَبِيثَ مِنۡهُ تُنفِقُونَ وَلَسۡتُم بِـَٔاخِذِيهِ إِلَّآ أَن تُغۡمِضُواْ فِيهِۚ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ غَنِيٌّ حَمِيدٌ

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa zayo! Nimutange mu vyiza birekuwe mwarondeye, no mu vyo Twabahaye kwikorako mu biri mu kuzimu. Ntimugatumbere ibidashemeye ngo mubitangeko imperezwa ku bw’Imana Allah, kandi na mwe nyene mu gihe mwobihabwako mutovyakira kiretse mu gihe mwokwirengagiza ukuntu bidashemeye. Muraheza rero mumenye kandi ko Imana Allah Yikenuye, ata co Ikeneye ku mperezwa zanyu, Ishimwa ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo mu bihe vyose. info
التفاسير:

external-link copy
268 : 2

ٱلشَّيۡطَٰنُ يَعِدُكُمُ ٱلۡفَقۡرَ وَيَأۡمُرُكُم بِٱلۡفَحۡشَآءِۖ وَٱللَّهُ يَعِدُكُم مَّغۡفِرَةٗ مِّنۡهُ وَفَضۡلٗاۗ وَٱللَّهُ وَٰسِعٌ عَلِيمٞ

Kuba ingumyi no gutanga ibidashemeye biterwa n’inyoshambi za shetani, ibizeza ubukene mu gihe mwotanga ibishemeye, gutyo ikabosha kuba ingumyi, ikanabategeka gukora ibibi, kandi Imana Allah na Yo Ibasezeranira ko mu gihe mwotanga imperezwa muzogumirizwa akabanga ku vyaha vyanyu, vyirengagizwe ntimubihanirwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, mukongererezwa no mu ngabirano zayo ibibabeshaho. Burya rero Imana Allah ni Nyenimpano-ntangere, Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana, kandi Izobibahembera. info
التفاسير:

external-link copy
269 : 2

يُؤۡتِي ٱلۡحِكۡمَةَ مَن يَشَآءُۚ وَمَن يُؤۡتَ ٱلۡحِكۡمَةَ فَقَدۡ أُوتِيَ خَيۡرٗا كَثِيرٗاۗ وَمَا يَذَّكَّرُ إِلَّآ أُوْلُواْ ٱلۡأَلۡبَٰبِ

Imana Allah Iha ugutumbera ukuri mu mvugo n’ingiro uwo Ishatse. Uwo Imana Allah Ihaye ugutumbera ukuri mu mvugo n’ingiro, uwo ni ukuri aba ahawe ivyiza vyinshi. Ivyo nta n’uwuvyibuka kiretse abanyabwenge. info
التفاسير: