আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

পৃষ্ঠা নং:close

external-link copy
260 : 2

وَإِذۡ قَالَ إِبۡرَٰهِـۧمُ رَبِّ أَرِنِي كَيۡفَ تُحۡيِ ٱلۡمَوۡتَىٰۖ قَالَ أَوَلَمۡ تُؤۡمِنۖ قَالَ بَلَىٰ وَلَٰكِن لِّيَطۡمَئِنَّ قَلۡبِيۖ قَالَ فَخُذۡ أَرۡبَعَةٗ مِّنَ ٱلطَّيۡرِ فَصُرۡهُنَّ إِلَيۡكَ ثُمَّ ٱجۡعَلۡ عَلَىٰ كُلِّ جَبَلٖ مِّنۡهُنَّ جُزۡءٗا ثُمَّ ٱدۡعُهُنَّ يَأۡتِينَكَ سَعۡيٗاۚ وَٱعۡلَمۡ أَنَّ ٱللَّهَ عَزِيزٌ حَكِيمٞ

Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe Intumwa y’Imana Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yasaba kwibonera ukuntu izurwa ry’ibiremwa riba, ikavuga iti: “Mana yanje Rurema Allah! Nyereka ukuntu Uzura abapfuye!”, Imana Allah Ikamubaza Iti: “Mbega none nturemera!”, na yo isubizayo iti: “Nobuzwa n’iki kwemera! Ahubwo nshaka gusa kwongerereza ukwemera ku kwemera kwanje, maze umutima wanje uturure kurusha”. Imana Allah ni ho Yamubwira Iti: “Fata rero inyoni zine uzibage, maze uzikebagure uduceduce, hanyuma uheze unyanyagize nya duce ku musozi umwumwe, uhejeje uhamagare nya nyoni, ziraheza zikwitabe vuba bwango ari nzima. Uraheza rero umenye kandi ko Imana Allah ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora”. Kukaba nkako Ibrahimu yabigenjeje nk’uko yabwiwe n’Imana Allah, agize ngo arahamagara nya nyoni, zaciye zimwitaba zinyaragasa. info
التفاسير:

external-link copy
261 : 2

مَّثَلُ ٱلَّذِينَ يُنفِقُونَ أَمۡوَٰلَهُمۡ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ كَمَثَلِ حَبَّةٍ أَنۢبَتَتۡ سَبۡعَ سَنَابِلَ فِي كُلِّ سُنۢبُلَةٖ مِّاْئَةُ حَبَّةٖۗ وَٱللَّهُ يُضَٰعِفُ لِمَن يَشَآءُۚ وَٱللَّهُ وَٰسِعٌ عَلِيمٌ

Akarorero k’abemeramana batanga amatungo yabo mu guharanira idini ry’Imana Allah, ni nka kurya kw’urutete rwateragiwe mw’isi y’akanovera, ruraheza ruranaga igiti gifise amashami indwi; maze kuri buri shami hakabako intete ijana, kanatsinda Imana Allah Igwiriza indishi uwo Ishatse Ikurikije umuzirikanyi wiwe. Burya rero Imana Allah ni Nyenimpano-ntangere, Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana, kandi Izobibahembera. info
التفاسير:

external-link copy
262 : 2

ٱلَّذِينَ يُنفِقُونَ أَمۡوَٰلَهُمۡ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ ثُمَّ لَا يُتۡبِعُونَ مَآ أَنفَقُواْ مَنّٗا وَلَآ أَذٗى لَّهُمۡ أَجۡرُهُمۡ عِندَ رَبِّهِمۡ وَلَا خَوۡفٌ عَلَيۡهِمۡ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ

Abatanga amatungo yabo mu guharanira idini ry’Imana Allah, hanyuma ntibakurikize ivyo batanze agashinyaguro canke agasuzuguro mu mvugo n’ingiro, bazosanga indishi yabo y’ivyo bakoze ku Mana yabo Rurema Allah, kandi nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu ku vyo basize kw’isi. info
التفاسير:

external-link copy
263 : 2

۞ قَوۡلٞ مَّعۡرُوفٞ وَمَغۡفِرَةٌ خَيۡرٞ مِّن صَدَقَةٖ يَتۡبَعُهَآ أَذٗىۗ وَٱللَّهُ غَنِيٌّ حَلِيمٞ

Burya akajambo keza wishura uwusaba, no kumubabarira ku kwama ariko arasega, ni vyiza kuruta imperezwa ikurikijwe agashinyaguro n’agasuzuguro mu mvugo n’ingiro. Burya Imana Allah Irikenuye nta co Ikeneye ku mperezwa y’ibiremwa, ni Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana. info
التفاسير:

external-link copy
264 : 2

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تُبۡطِلُواْ صَدَقَٰتِكُم بِٱلۡمَنِّ وَٱلۡأَذَىٰ كَٱلَّذِي يُنفِقُ مَالَهُۥ رِئَآءَ ٱلنَّاسِ وَلَا يُؤۡمِنُ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِۖ فَمَثَلُهُۥ كَمَثَلِ صَفۡوَانٍ عَلَيۡهِ تُرَابٞ فَأَصَابَهُۥ وَابِلٞ فَتَرَكَهُۥ صَلۡدٗاۖ لَّا يَقۡدِرُونَ عَلَىٰ شَيۡءٖ مِّمَّا كَسَبُواْۗ وَٱللَّهُ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلۡكَٰفِرِينَ

Emwe bemeye Imana Allah n’umusi w’imperuka! Ntimukonone indishi y’imperezwa zanyu ku kuzikurikiza agashinyaguro n’agasuzuguro mu mvugo n’ingiro, nka wa wundi atanga amatungo yiwe ku kwiyerekana ku bantu, atanemera Imana Allah n’umusi w’imperuka; uyo rero akarorero kiwe, ni nk’ak’ibuye ry’isare ririko ivu, hanyuma hakagwa imvura nyinshi igahungurura nya vu, igasiga rya buye ryererana ritagirako intumo; ni nk’uko rero, abatanga ku kwiyerekana, indishi y’ibikorwa vyabo iyonga, nta na kimwe baronka mu ndishi y’ivyo barondeye, burya Imana Allah ntishoboza abagarariji gutumbera ukuri mu gutanga ku bwayo. info
التفاسير: