Traducción de los significados del Sagrado Corán - Traducción al Kirundi - Yusuf Ghahiti

Número de página:close

external-link copy
171 : 7

۞ وَإِذۡ نَتَقۡنَا ٱلۡجَبَلَ فَوۡقَهُمۡ كَأَنَّهُۥ ظُلَّةٞ وَظَنُّوٓاْ أَنَّهُۥ وَاقِعُۢ بِهِمۡ خُذُواْ مَآ ءَاتَيۡنَٰكُم بِقُوَّةٖ وَٱذۡكُرُواْ مَا فِيهِ لَعَلَّكُمۡ تَتَّقُونَ

Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi n'igihe Twarerura umusozi hejuru ya Bene Israyeli, nya musozi ukaba nk’igicu kibakingiye izuba, bibaza ko uhava ubakorokerako nibatemera amabwirizwa ari muri Tawurati! Ni ho Twebwe Allah Twababwira Duti: “Nimufate nkama munubahirize ata gushidikanya ivyo Twabahaye, munibuke isezerano rihambaye Twabahaye muri Tawurati ryo kwubahiriza ibirimwo, kugira mugamburukire Imana Allah”. info
التفاسير:

external-link copy
172 : 7

وَإِذۡ أَخَذَ رَبُّكَ مِنۢ بَنِيٓ ءَادَمَ مِن ظُهُورِهِمۡ ذُرِّيَّتَهُمۡ وَأَشۡهَدَهُمۡ عَلَىٰٓ أَنفُسِهِمۡ أَلَسۡتُ بِرَبِّكُمۡۖ قَالُواْ بَلَىٰ شَهِدۡنَآۚ أَن تَقُولُواْ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ إِنَّا كُنَّا عَنۡ هَٰذَا غَٰفِلِينَ

Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Imana yawe Rurema Allah Yaha isezerano Bene Adamu bakiri intanga mu migongo ya ba se, ko boyisenga ari Imwe Rudende, Iraheza Ibagira ivyabona kuri nya sezerano, Iti: “Si Jewe Mana yanyu Rurema Allah, mukwiye gusenga mutambangikanije!”. Baraheza bishura bemanga bati: “Wobuzwa n’iki kuba Imana yacu Allah dusenga ari Imwe Rudende! Ego cane turavyemanze”. Twabagize ivyabona kuri iryo sezerano rero, kugira ntimuzohave muvuga mwiregura ku musi w’izuka muti: “Mu vy’ukuri, ntitwigeze tumenya ko hakwiye gusengwa Imana Imwe Rudende Allah! Twari twaragoswe n’ubujuju bwo kutamenya, tuba ba sindabibazwa”; info
التفاسير:

external-link copy
173 : 7

أَوۡ تَقُولُوٓاْ إِنَّمَآ أَشۡرَكَ ءَابَآؤُنَا مِن قَبۡلُ وَكُنَّا ذُرِّيَّةٗ مِّنۢ بَعۡدِهِمۡۖ أَفَتُهۡلِكُنَا بِمَا فَعَلَ ٱلۡمُبۡطِلُونَ

Canke kugira ntimuzovuge mwigovyora muti: “Ni ukuri, ba data gusa ni bo barenze kw’isezerano aho hambere, baraheza babangikanya Imana Allah, gutyo na twe mu nyuma dushoka tubakurikira ukwo. None ga Mana! Ushaka kuduhonya, Uduhora icaha cakozwe n’abakubangikanije bigatuma ibikorwa vyabo bicika impfagusa!”. info
التفاسير:

external-link copy
174 : 7

وَكَذَٰلِكَ نُفَصِّلُ ٱلۡأٓيَٰتِ وَلَعَلَّهُمۡ يَرۡجِعُونَ

Ntumwa y'Imana! Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twatomoye Aayah zacu n’ibihano Twahaye abazihakanye - Dutomorera abantu warungitsweko Aayah n'ivyemezo kugira bavavanure n’ibangikanyamana, baheze bagaruke ku Mana yabo Rurema Allah. info
التفاسير:

external-link copy
175 : 7

وَٱتۡلُ عَلَيۡهِمۡ نَبَأَ ٱلَّذِيٓ ءَاتَيۡنَٰهُ ءَايَٰتِنَا فَٱنسَلَخَ مِنۡهَا فَأَتۡبَعَهُ ٱلشَّيۡطَٰنُ فَكَانَ مِنَ ٱلۡغَاوِينَ

Ntumwa y’Imana! Cira agace abantu warungitsweko ku nkuru y’umuntu umwe muri Bene Israyeli Twahaye ivyemezo vyacu, maze arabitahura, hanyuma arabihakana, abirenza inyuma y’umugongo, gutyo shetani na yo ishoka imwigarurira, aca aja mu bantu bahuvye inzira. info
التفاسير:

external-link copy
176 : 7

وَلَوۡ شِئۡنَا لَرَفَعۡنَٰهُ بِهَا وَلَٰكِنَّهُۥٓ أَخۡلَدَ إِلَى ٱلۡأَرۡضِ وَٱتَّبَعَ هَوَىٰهُۚ فَمَثَلُهُۥ كَمَثَلِ ٱلۡكَلۡبِ إِن تَحۡمِلۡ عَلَيۡهِ يَلۡهَثۡ أَوۡ تَتۡرُكۡهُ يَلۡهَثۚ ذَّٰلِكَ مَثَلُ ٱلۡقَوۡمِ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَاۚ فَٱقۡصُصِ ٱلۡقَصَصَ لَعَلَّهُمۡ يَتَفَكَّرُونَ

Iyo rero Twebwe Allah Dushaka kumuduza icubahiro mu kwemera nya vyemezo, Twari kumushoboza kubigendera, ariko rero we yihebeye ivy’isi ha kwitegurira ubuzima bw’inyuma yo gupfa, araheza akurikira ivyipfuzo vyiwe, agabitanya ku Mana Allah. Uyo rero akarorero kiwe, ni nk’imbwa; iyo uyirukanye irekereza ururimi, wayireka naho nyene ikarekereza ururimi[23]. Ntumwa y’Imana! Iyo rero, ni yo ngeso y’abantu bahakanye ivyemezo vyacu imbere yuko urungikwa. Biganire rero inkuru z’ivyashikiye ab’aho hambere, kuko harimwo ibitangaro vyotuma bibuka bakwemere; info

[23] Ni nk’uko rero uwuhakana ivyemezo vy’Imana Allah akabirenza umugongo, ukumuhanura canke kumwirengagiza nta co bihindura kuri we.

التفاسير:

external-link copy
177 : 7

سَآءَ مَثَلًا ٱلۡقَوۡمُ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَأَنفُسَهُمۡ كَانُواْ يَظۡلِمُونَ

Ako ni ko karorero kabi cane; akarorero k’abantu bagararije mu guhakana bivuye inyuma ivyemezo vyacu, burya rero ni bo nyene bari birenganije. info
التفاسير:

external-link copy
178 : 7

مَن يَهۡدِ ٱللَّهُ فَهُوَ ٱلۡمُهۡتَدِيۖ وَمَن يُضۡلِلۡ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ

Uwushobojwe n’Imana Allah akemera ku bugamburutsi bwiwe, uyo ni we yashobojwe kuba umugororotsi; nayo uwubaye intumva, maze Imana Allah Ikamureka agahuba, uyo ni we azoba ari mu bahomvye ubuzima bwabo bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير: