Traducción de los significados del Sagrado Corán - Traducción al Kirundi - Yusuf Ghahiti

Número de página:close

external-link copy
131 : 7

فَإِذَا جَآءَتۡهُمُ ٱلۡحَسَنَةُ قَالُواْ لَنَا هَٰذِهِۦۖ وَإِن تُصِبۡهُمۡ سَيِّئَةٞ يَطَّيَّرُواْ بِمُوسَىٰ وَمَن مَّعَهُۥٓۗ أَلَآ إِنَّمَا طَٰٓئِرُهُمۡ عِندَ ٱللَّهِ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ

Firawuni n’abantu biwe, igihe cose bashikiwe n’ivyiza, baca bavuga bati: “Ibi tubironse kuko tubikwiye”. Baramutse naho bashikiwe n’amapfa, baca bidogera Musa bati: “Ibi bidushikiye kubera Musa n’abari kumwe na we baduhumiye”. Emwe! Ivyabashikiye vyose, vyabashikira nk’uko vyagezwe n’Imana Allah, bitewe n'ibicumuro n’igarariza vyabo, ariko abenshi mu bantu ba Firawuni nta vyo bazi. info
التفاسير:

external-link copy
132 : 7

وَقَالُواْ مَهۡمَا تَأۡتِنَا بِهِۦ مِنۡ ءَايَةٖ لِّتَسۡحَرَنَا بِهَا فَمَا نَحۡنُ لَكَ بِمُؤۡمِنِينَ

Abantu ba Firawuni babwiye Musa bati: “Icemezo ico ari co cose wotuzanira ngo tuve mw’idini rya Firawuni, nta co turota twemera ngo tugukurikire”. info
التفاسير:

external-link copy
133 : 7

فَأَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمُ ٱلطُّوفَانَ وَٱلۡجَرَادَ وَٱلۡقُمَّلَ وَٱلضَّفَادِعَ وَٱلدَّمَ ءَايَٰتٖ مُّفَصَّلَٰتٖ فَٱسۡتَكۡبَرُواْ وَكَانُواْ قَوۡمٗا مُّجۡرِمِينَ

Ni ho rero Twebwe Allah, Twabarungikira umwuzurira maze uhitana ibiterwa n’ivyamwa. Twaranabarungikiye inzige zirya ikintu ico ari co cose zishikiriye: ibiterwa, imiryango, urusenge n’impuzu; Tubarungikira n’udukoko turya ibiterwa n’ibitungwa; Tubarungikira n’ibikere bikwiragira hose: mu bikoresho, mu mfungurwa no mu busaswa; Twaranahinduye inzuzi n’amariba bicika amaraso, ntibaheza ngo baronke amazi yo gukoresha. Ivyo vyose rero, vyari ivyemezo n’ibitangaro vyabashikiye mu bihe bitandukanye bivuye ku Mana Allah, ariko baragize amanyama ntibemera. Kira noneho, bari no mu bantu b’inkozi z’ikibi, barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
134 : 7

وَلَمَّا وَقَعَ عَلَيۡهِمُ ٱلرِّجۡزُ قَالُواْ يَٰمُوسَى ٱدۡعُ لَنَا رَبَّكَ بِمَا عَهِدَ عِندَكَۖ لَئِن كَشَفۡتَ عَنَّا ٱلرِّجۡزَ لَنُؤۡمِنَنَّ لَكَ وَلَنُرۡسِلَنَّ مَعَكَ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ

Igihe bashikirwa n’ibihano rero, baratekewe n’ubwoba baca bitura Musa bati: “Ewe Musa! Dusabire Imana yawe Rurema Allah ku vyo wahishuriwe ko ibihano bikurwaho n’ukwigaya. Uramutse udukuyeko ibihano turimwo, ni ukuri tuzoca tukwemera ko uri Intumwa, duheze turekurire Bene Israyeli bagukurikire, ntibaburagizwe kuja aho bashatse hose”. info
التفاسير:

external-link copy
135 : 7

فَلَمَّا كَشَفۡنَا عَنۡهُمُ ٱلرِّجۡزَ إِلَىٰٓ أَجَلٍ هُم بَٰلِغُوهُ إِذَا هُمۡ يَنكُثُونَ

Igihe Twebwe Allah Twabakurako vy’agateganyo ibihano mu kiringo gito, mu kurindira isango bazohanirwako mu gusomeshwa nturi, baciye barenga kw’isezerano ryo kwemera Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
136 : 7

فَٱنتَقَمۡنَا مِنۡهُمۡ فَأَغۡرَقۡنَٰهُمۡ فِي ٱلۡيَمِّ بِأَنَّهُمۡ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَكَانُواْ عَنۡهَا غَٰفِلِينَ

Ni ho rero Twashoka Tubihora hageze nya sango ryo guhanwa, Turabasomesha nturi mu kiyaga kubera ihakana ryabo ry’ibitangaro vyacu. Kira noneho, bari no mu bavyirengagiza bakigira ba sindabibazwa. info
التفاسير:

external-link copy
137 : 7

وَأَوۡرَثۡنَا ٱلۡقَوۡمَ ٱلَّذِينَ كَانُواْ يُسۡتَضۡعَفُونَ مَشَٰرِقَ ٱلۡأَرۡضِ وَمَغَٰرِبَهَا ٱلَّتِي بَٰرَكۡنَا فِيهَاۖ وَتَمَّتۡ كَلِمَتُ رَبِّكَ ٱلۡحُسۡنَىٰ عَلَىٰ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ بِمَا صَبَرُواْۖ وَدَمَّرۡنَا مَا كَانَ يَصۡنَعُ فِرۡعَوۡنُ وَقَوۡمُهُۥ وَمَا كَانُواْ يَعۡرِشُونَ

Abari baracinyijwe muri Bene Israyeli, bakagirwa abaja ba Firawuni, Twarabaraze igihugu co mu buseruko n’ico mu burengero bw’isi (Misiri na Shaamu), ari na vyo bihugu Twahezagiye bikagira isi ndimwa y’akanovera n’inzuzi, gutyo ijambo ry’isezerano ry’Imana yawe Rurema Allah ryo kubohoza no gutsimbataza Bene Israyeli bihanganiye Firawuni, riba riratunganye; Turaheza rero Duhonya ivyaranguwe na Firawuni n’abantu biwe, Tunasenyura n’inyubakwa bubatse. info
التفاسير: