Traducción de los significados del Sagrado Corán - Traducción al Kirundi - Yusuf Ghahiti

Número de página:close

external-link copy
74 : 7

وَٱذۡكُرُوٓاْ إِذۡ جَعَلَكُمۡ خُلَفَآءَ مِنۢ بَعۡدِ عَادٖ وَبَوَّأَكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ تَتَّخِذُونَ مِن سُهُولِهَا قُصُورٗا وَتَنۡحِتُونَ ٱلۡجِبَالَ بُيُوتٗاۖ فَٱذۡكُرُوٓاْ ءَالَآءَ ٱللَّهِ وَلَا تَعۡثَوۡاْ فِي ٱلۡأَرۡضِ مُفۡسِدِينَ

Nimwibuke kandi inema Imana Allah Yabahaye, igihe Yabaha kubaho mukurakuranwa inyuma y’aho Ihonereje Bene Aadi, Iranabatsimbataza kw’isi mu kwishira n’ukwizana, aho mwubaka inyubakwa amahanga mu kabande, mukanabaza ayandi mazu mu misozi. Kubera ivyo rero, nimwibuke inema Imana Allah Yabahaye, muheze muyishimire, kandi ntimuzogenzwe n’ubwononyi kw’isi". info
التفاسير:

external-link copy
75 : 7

قَالَ ٱلۡمَلَأُ ٱلَّذِينَ ٱسۡتَكۡبَرُواْ مِن قَوۡمِهِۦ لِلَّذِينَ ٱسۡتُضۡعِفُواْ لِمَنۡ ءَامَنَ مِنۡهُمۡ أَتَعۡلَمُونَ أَنَّ صَٰلِحٗا مُّرۡسَلٞ مِّن رَّبِّهِۦۚ قَالُوٓاْ إِنَّا بِمَآ أُرۡسِلَ بِهِۦ مُؤۡمِنُونَ

Abarongoye abagira amanyama bakihambaza mu bantu biwe, babwiye abemeramana mu bacinyijwe n’agasuzuguro n'akantu bati: “Mbega murazi vy’ukuri ko Swalehe yarungitswe n’Imana yiwe Rurema Allah kuri twebwe!”. Barishuye ata gukekeranya bati: “Twebwe mu vy’ukuri turemanga, tukemera, tukanubahiriza ivyo yarungikanwe n’Imana Allah”. info
التفاسير:

external-link copy
76 : 7

قَالَ ٱلَّذِينَ ٱسۡتَكۡبَرُوٓاْ إِنَّا بِٱلَّذِيٓ ءَامَنتُم بِهِۦ كَٰفِرُونَ

Abarongoye abagira amanyama bakihambaza bavuze bati: “Twebwe, mu vy’ukuri turagararije ivyo mwemanze mukemera”. info
التفاسير:

external-link copy
77 : 7

فَعَقَرُواْ ٱلنَّاقَةَ وَعَتَوۡاْ عَنۡ أَمۡرِ رَبِّهِمۡ وَقَالُواْ يَٰصَٰلِحُ ٱئۡتِنَا بِمَا تَعِدُنَآ إِن كُنتَ مِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ

Ni ko guca rero baca imitsi ya nya ngamiya irahwera, bahonyanga ku bwishime ibwirizwa ry’Imana yabo Rurema Allah ryo kutayikomakoma ku nabi, baca babwira Swalehe bati: “Ewe Swalehe! Duhe rero vya bihano udusezeranira niwaba uri mu Ntumwa z’Imana Allah!”. info
التفاسير:

external-link copy
78 : 7

فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلرَّجۡفَةُ فَأَصۡبَحُواْ فِي دَارِهِمۡ جَٰثِمِينَ

Ni ho rero Imana Allah Yabahanisha nyamugigima y’akataraboneka, bazinduka bose mu mazu yabo bahonye, ari ibiziga vyibereye aho. info
التفاسير:

external-link copy
79 : 7

فَتَوَلَّىٰ عَنۡهُمۡ وَقَالَ يَٰقَوۡمِ لَقَدۡ أَبۡلَغۡتُكُمۡ رِسَالَةَ رَبِّي وَنَصَحۡتُ لَكُمۡ وَلَٰكِن لَّا تُحِبُّونَ ٱلنَّٰصِحِينَ

Bamaze guca imitsi ya nya ngamiya, Swalehe yarabirengagije hanyuma ababwira ati: “Bantu banje! Ni ukuri, narabashikirije ubutumwa bw’Imana yanje Rurema Allah, nita ku rutare ndanabahanura, ariko rero mwebwe ntimukunda ababahanura”. info
التفاسير:

external-link copy
80 : 7

وَلُوطًا إِذۡ قَالَ لِقَوۡمِهِۦٓ أَتَأۡتُونَ ٱلۡفَٰحِشَةَ مَا سَبَقَكُم بِهَا مِنۡ أَحَدٖ مِّنَ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Luutwi yabwira abantu biwe ati: “Murakenyeye mukore icaha c’agahomerabunwa kitigeze gikorwa aho hambere yanyu n’umuntu n’umwe mu biremwa! info
التفاسير:

external-link copy
81 : 7

إِنَّكُمۡ لَتَأۡتُونَ ٱلرِّجَالَ شَهۡوَةٗ مِّن دُونِ ٱلنِّسَآءِۚ بَلۡ أَنتُمۡ قَوۡمٞ مُّسۡرِفُونَ

Mu vy’ukuri, mwebwe murangurana amabanga y’abubatse n’abagabo nkamwe, mukirengagiza abakenyezi mwarekuriwe n’Imana Allah ko mworangurana amabanga y’abubatse, ahubwo rero mwebwe muri abantu bimonogoje mu kurenga ku mabwirizwa mu gutururuza ibishobisho ”. info
التفاسير: