Traducción de los significados del Sagrado Corán - Traducción al Kirundi - Yusuf Ghahiti

Número de página:close

external-link copy
156 : 7

۞ وَٱكۡتُبۡ لَنَا فِي هَٰذِهِ ٱلدُّنۡيَا حَسَنَةٗ وَفِي ٱلۡأٓخِرَةِ إِنَّا هُدۡنَآ إِلَيۡكَۚ قَالَ عَذَابِيٓ أُصِيبُ بِهِۦ مَنۡ أَشَآءُۖ وَرَحۡمَتِي وَسِعَتۡ كُلَّ شَيۡءٖۚ فَسَأَكۡتُبُهَا لِلَّذِينَ يَتَّقُونَ وَيُؤۡتُونَ ٱلزَّكَوٰةَ وَٱلَّذِينَ هُم بِـَٔايَٰتِنَا يُؤۡمِنُونَ

Unatwandikire ibikorwa vyiza kuri iyi si, Uzonabiduhembere mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Ni ukuri twagarutse kwigaya imbere yawe”. Imana Allah Yabwiye Musa Iti: “Ibihano vyanje Ndabiha uwo Nshatse mu biremwa vyanje; hamwe n’ivyo, impuhwe zanje zikikuje ikintu cose Naremye. Nzoheza rero Nandikire ironswa ryazo abantinya bakiyubara ibihano vyanje mu kungamburukira, bakanatanga ishikanwa-bwirizwa, hamwe n’abemera ivyemezo vyacu vyerekana isengwa ry’Imana Imwe Rudende. info
التفاسير:

external-link copy
157 : 7

ٱلَّذِينَ يَتَّبِعُونَ ٱلرَّسُولَ ٱلنَّبِيَّ ٱلۡأُمِّيَّ ٱلَّذِي يَجِدُونَهُۥ مَكۡتُوبًا عِندَهُمۡ فِي ٱلتَّوۡرَىٰةِ وَٱلۡإِنجِيلِ يَأۡمُرُهُم بِٱلۡمَعۡرُوفِ وَيَنۡهَىٰهُمۡ عَنِ ٱلۡمُنكَرِ وَيُحِلُّ لَهُمُ ٱلطَّيِّبَٰتِ وَيُحَرِّمُ عَلَيۡهِمُ ٱلۡخَبَٰٓئِثَ وَيَضَعُ عَنۡهُمۡ إِصۡرَهُمۡ وَٱلۡأَغۡلَٰلَ ٱلَّتِي كَانَتۡ عَلَيۡهِمۡۚ فَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ بِهِۦ وَعَزَّرُوهُ وَنَصَرُوهُ وَٱتَّبَعُواْ ٱلنُّورَ ٱلَّذِيٓ أُنزِلَ مَعَهُۥٓ أُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُفۡلِحُونَ

Abakurikira Intumwa ikaba n’Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), itigeze yiga kwandika no gusoma, ari na yo basanga ibiyiranga vyanditswe mu Bitabu vyabo vya Tawurati n’Injili; ibabwiriza gusenga Imana Imwe Rudende Allah no kuyumvira hamwe rero no gukora ivyiza; ikanababuza ibangikanyamana n’ubugaba bwo kurenga ku mabwirizwa hamwe rero no gukora ibibi; ikanabazirurira ivyiza birekuwe mu mfungurwa, mu binyobwa no mu bakenyezi; ikanabaziriririza ibibi bizira nk’inyama y’ingurube, n’ibindi mu mfungurwa no mu binyobwa bahora bazirura mu vyaziririjwe n’Imana Allah; gutyo ikabakurako amabwirizwa yari abaremereye[18]. Abemeye rero iyo Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bakemanga ko ari Intumwa y’ukuri, bakayubaha bakayubahiriza bakanayitabara, bakanakurikira Qor’ani yamanuriwe, bakanagendera n’imigenzo yayo, abo ni bo rero baronse intsinzi y'ivyo Imana Allah Yabasezeraniye”. info

[18] Nko guca agace k’impuzu kagiyeko ibihumanya, guturira iminyago no kwica uwishe n’aho yoba atishe n’ibigira nkana.

التفاسير:

external-link copy
158 : 7

قُلۡ يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ إِنِّي رَسُولُ ٱللَّهِ إِلَيۡكُمۡ جَمِيعًا ٱلَّذِي لَهُۥ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ يُحۡيِۦ وَيُمِيتُۖ فَـَٔامِنُواْ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِ ٱلنَّبِيِّ ٱلۡأُمِّيِّ ٱلَّذِي يُؤۡمِنُ بِٱللَّهِ وَكَلِمَٰتِهِۦ وَٱتَّبِعُوهُ لَعَلَّكُمۡ تَهۡتَدُونَ

Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bantu! Jewe mu vy’ukuri, ndi Intumwa y’Imana Allah kuri mwebwe mwese, ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo, ni Yo Itanga ubuzima Ikanabwaka, Ikazozura n’abapfuye. Kubera ivyo rero, nimwemere Imana Imwe Rudende Allah n’Intumwa yayo, Umuvugishwamana atigeze yiga kwandika no gusoma, yemera Imana Imwe Rudende Allah, akemera n’amajambo yayo Yamumanuriye n’ayo Yamanuriye Abavugishwamana bo hambere yiwe, kandi mumukurikire mwubahirize n’amabwirizwa yiwe kugira mube abagororotsi”. info
التفاسير:

external-link copy
159 : 7

وَمِن قَوۡمِ مُوسَىٰٓ أُمَّةٞ يَهۡدُونَ بِٱلۡحَقِّ وَبِهِۦ يَعۡدِلُونَ

Mu bantu ba Musa muri Bene Israyeli, harimwo umugwi w’abagororotsi utsimbataye ku kuri, ukanarongora abantu wisunze nya kuri, ukanabararikira kugukurikira, ugaheza rero ukanatunganiriza abandi mu kubacira imanza wisunze nya kuri nyene. info
التفاسير: