Traducción de los significados del Sagrado Corán - Traducción al Kirundi - Yusuf Ghahiti

external-link copy
176 : 7

وَلَوۡ شِئۡنَا لَرَفَعۡنَٰهُ بِهَا وَلَٰكِنَّهُۥٓ أَخۡلَدَ إِلَى ٱلۡأَرۡضِ وَٱتَّبَعَ هَوَىٰهُۚ فَمَثَلُهُۥ كَمَثَلِ ٱلۡكَلۡبِ إِن تَحۡمِلۡ عَلَيۡهِ يَلۡهَثۡ أَوۡ تَتۡرُكۡهُ يَلۡهَثۚ ذَّٰلِكَ مَثَلُ ٱلۡقَوۡمِ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَاۚ فَٱقۡصُصِ ٱلۡقَصَصَ لَعَلَّهُمۡ يَتَفَكَّرُونَ

Iyo rero Twebwe Allah Dushaka kumuduza icubahiro mu kwemera nya vyemezo, Twari kumushoboza kubigendera, ariko rero we yihebeye ivy’isi ha kwitegurira ubuzima bw’inyuma yo gupfa, araheza akurikira ivyipfuzo vyiwe, agabitanya ku Mana Allah. Uyo rero akarorero kiwe, ni nk’imbwa; iyo uyirukanye irekereza ururimi, wayireka naho nyene ikarekereza ururimi[23]. Ntumwa y’Imana! Iyo rero, ni yo ngeso y’abantu bahakanye ivyemezo vyacu imbere yuko urungikwa. Biganire rero inkuru z’ivyashikiye ab’aho hambere, kuko harimwo ibitangaro vyotuma bibuka bakwemere; info

[23] Ni nk’uko rero uwuhakana ivyemezo vy’Imana Allah akabirenza umugongo, ukumuhanura canke kumwirengagiza nta co bihindura kuri we.

التفاسير: