Ibilisi yabandanije ahigira Bene Adamu anaga urutoke avuga ati: “Kubera ko Wampubishije ga Mana! Ni ukuri nzokwita ku rutare mu guhubisha Bene Adamu inzira yawe igororotse y’ubwislamu, ishingiye ku kwemera-ndemanwa.
Ibilisi yaratumye rero bubahuka ku guhendwa, baraheza barafungura kuri ca giti. Bamaze kugifungurako, ubwambure bwabo bwaciye bugaragara, bashoka batangura guhungurura amababi y’ibiti ngo bayipfukishe ku bwambure[5]. Ni ho rero Imana yabo Rurema Allah Yabahamagara Iti: “Sinababujije gufungura icamwa ca kirya giti, nkanababwira ko mu vy’ukuri shetani ari umwansi wanyu agaragara!”.
[5] Iyi Aayah irerekana ko ukugaragaza ubwambure ari ikintu kibi kinateye isoni, n’uko camye ari ikintu kitarekuwe mu mico kama ya kiremwa-muntu.