Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Nta na kimwe nishoboje, haba mu kugira ico nimariye, eka no mu kwikingira inabi, kiretse ku vyo Imana Allah Ishatse. N’iyo nza kumenya ibinyegejwe ibiremwa, norushirijeho gukora ivyiza, nta n’inabi yonshikiye namba. Burya jewe nta kindi ndi kiretse ko ngabisha abagarariji ku bihano vyo mu muriro, nkashikiriza n'abemeramana inkuru nziza y’Ubwami bw’ijuru.
Bantu! Imana Allah ni Yo Yabaremye Ibakomoye kuri Adamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), Iraheza Imuremamwo umukenyezi wiwe Hawa kugira amumare irungu anamutururuze. Amaze rero kwiherera akarangurana na we amabanga y’abubatse[26], yarasamye imbanyi iraheza irakura bukebuke; amaze gukurirwa hakagera ko yibaruka, bompi barasavye Imana yabo Rurema Allah bati: “Niwaramuka Uduhaye ikibondo ceranda gitunganye, nta nkeka ko tuzoba mu bagushimira inema yo kuronswa ikibondo”.
[26] Abavugwa ng’aha, ni umugabo n’umugore bubatse izabo muri Bene Adamu.
Biri muri kameremere ka Bene Adamu rero, ko Imana Allah Ironkeje abavyeyi ikibondo ceranda gitunganye, bahava bakayibangikanya na nya kibondo. Harakubahwa hubahirizwe rero Imana Allah, ntikabangikanywe n’ivyo bayibangikanya!
Babangikanyamana! Mu gihe mworarikira ivyo musenga mu bigirwamana ngo bitumbere inzira igororotse, ntivyopfa vyumvise namba irarika ryanyu ngo bibakurikire, ukubirarika no kwinumira, vyose ni co kimwe kuri vyo, ntivyumva, ntibibona.