Abantu ba Musa muri Bene Israyeli, Twabaciyemwo imiryango cumi n’ibiri ingana n’igitigiri c’uruvyaro rukomoka kuri Ya’kubu; umuryango umwumwe wose witirirwa umwe muri nya ruvyaro. Igihe abantu ba Musa banyoterwa[19], bakamusaba ko yobahembura, Twaramuhishuriye Duti: “Kubita inkoni yawe kw’ibuye”, rica ricikamwo amariba cumi n’abiri angana n’imiryango yari ng’aho, gutyo umuryango umwumwe wose wikiza inyota kw’iriba ryawo bwite. Hanyuma Tubarungikira igicu kibaha agatutu kugira kibakingire izuba ryo mu bugaragwa, Turaheza Tunabamanurira “Manna[20]” na “Salwa [21]”. Dushoka Tubabwira Duti: “Nimurye rero mu vyiza Twabafunguriye”. Si Twebwe Allah rero barenganije ku buhakanyi bwabo bwo kudashima no kutubahiriza amabwirizwa, ariko ni bo birenganije [22].
[19] Ni muri ca gihe Imana Allah Yabaha igihano co kwamana intekera ku mutwe bazembagirika mu bugaragwa mu kiringo c'imyaka mirongo ine. [20] Ibirirarira vy’ibiti bisosa nk’ubuki. [21] Inyama z’ubwoko bw’inyoni. [22] Baraduhiwe no kwama ku mfungurwa z’ubwoko bumwe, baraheza basaba ko bofungurirwa ivyimbuwe mu mirima yo muri Misiri.
Ntumwa y’Imana! Baza abayahudi ku nkuru y’abantu bigeze kuba mu gisagara kiri ku nkengera y’ibahari, igihe barenga kw’ibwirizwa ry’Imana Allah ryo kutaroba ifi ku musi w'isabato wubashwe bategetswe kwubaha no kwubahiriza, Imana Allah Iraheza Irabagerageza ku buryo ifi zagwirirana ku nkengera z’ibahari ku musi w'isabato gusa, ku yindi misi zikaguma mw’ibahari. Baraheza rero bakazitega urusenga ku musi w'isabato, maze bakazitegura ku musi ukurikira. Ni nk’ukwo nyene rero Tubagerageza ku bubegito bwabo bwo kurenga ku mabwirizwa yacu.