Musa amaze kugaruka ku bantu biwe, yaje yishwe n’ishavu n’intuntu n’akantu, kuko Imana Allah Yari Yamubwiye ko Yagerageje abantu biwe, n’uko Al-Saamiriy yamaze kubahubisha. Musa yarahejeje avuga ati: “Ni agahebuza, ni bibi cane ivyo mwasigaye murankorera inyuma y’aho ngiriye! Mbega mwihutiye gushaka ko ngaruka gihutihuti, ntimwaheza ngo mundindire nk’uko mwasezeraniwe n’Imana yanyu Rurema Allah?”. Ni ho Musa yaterera hasi Imizingo ya Tawurati, aca afata n’ishavu n’akantu murumunawe Haruna mu kanigo aramujegeza. Haruna ni ho yamwinginga ati: “Mwana wa mama! Ni ukuri, abantu bari aho barampahaje bahakwa no kunyica, enda reka kunkekeza ntitwihe amenyo y’abatwenzi mu bansi bacu, kandi ntutwarwe n’agashavu ngo unshire mu bantu birenganije bagaca kubiri n’ibwirizwa ryawe, bagasenga igishusho c’ishashi y’inka”.
Nayo abakoze ivyaha, mu nyuma bakagaruka ku Mana Allah bakigaya bakanayemera, bakanakora n’ibikorwa vyiza, mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah nta nkeka ko inyuma y’uko kwigaya kwabo Izobababarira, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Ni ho rero Musa yatora mu bantu biwe abagabo b’intore mirongo indwi kugira bajane ku musozi wa Sinayi, kw’isango ryacu Twebwe Allah ryo kwigaya icaha c’isengwa ry’igishusho c’ishashi y’inka. Ba bagabo b’intore bamaze gushika kuri nya musozi, babwiye Musa bati: “Ntiturota tukwemera tutabanje kubona Imana Allah ukuri kwamye; mu vy’ukuri niwaba wavuganye na Yo, yitwereke rero!”. Ni ho bahanishwa nyamugigima y’akataraboneka, maze bose bahonera rimwe. Musa ni ho yahava atakambira Imana Allah arigaya ati: “Mana yanje Rurema Allah! Aho nsubirira inyuma, Bene Israyeli nza kubabwira iki kandi Wahoneje abo natoye muri bo! Iyo Ushaka Wari gutuma Ubahonya ndi kumwe na bo imbere yuko tugera ku musozi wa Sinayi. Mbega Mana yanje Rurema Allah! Uduhonya kubera ivyaha vyakozwe n’abakehabwenge muri twebwe! Ivyo bakoze, si ikindi kiretse ko ari ikigeragezo cawe gituma Uhubisha uwo Ushatse mu biremwa vyawe, Ukarongora uwo Ushatse muri vyo. Wewe ni We Muhagarikizi n’Umutabazi wacu. Kubera ivyo rero, Tugumirize akabanga Utubabarire ibicumuro vyacu, Wongere Utugirire impuhwe, burya Wewe ni We Mwiza w’abababarira bakagumya ibanga;