ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - කිරුන්දි පරිවර්තනය - යූසුෆ් ගහීටි

පිටු අංක:close

external-link copy
12 : 7

قَالَ مَا مَنَعَكَ أَلَّا تَسۡجُدَ إِذۡ أَمَرۡتُكَۖ قَالَ أَنَا۠ خَيۡرٞ مِّنۡهُ خَلَقۡتَنِي مِن نَّارٖ وَخَلَقۡتَهُۥ مِن طِينٖ

Imana Allah Yarabajije Ibilisi Iti: “Ni igiki cagutumye utamwubamira kandi Nabigutegetse?”. Ibilisi yarishuye ati: “Jewe ndi intore kumuruta kuko Wandemye mu rubeya, na we Umurema mw’ivu”. info
التفاسير:

external-link copy
13 : 7

قَالَ فَٱهۡبِطۡ مِنۡهَا فَمَا يَكُونُ لَكَ أَن تَتَكَبَّرَ فِيهَا فَٱخۡرُجۡ إِنَّكَ مِنَ ٱلصَّٰغِرِينَ

Ni ho Imana Allah Yabwira Ibilisi Iti: “Manuka rero uve mu Bwami bw’ijuru, ntukwiye kubugiriramwo amanyama, buvemwo mu vy’ukuri uri mu basuzuguritse”. info
التفاسير:

external-link copy
14 : 7

قَالَ أَنظِرۡنِيٓ إِلَىٰ يَوۡمِ يُبۡعَثُونَ

Ibilisi amaze kwihebura yabwiye Imana Allah ati: “Mpa kuramba rero gushika ku musi w’izuka[4]”. info

[4] Sinzohitanwe n’umuhero w’isi kugira nshishikare guhubisha Bene Adamu.

التفاسير:

external-link copy
15 : 7

قَالَ إِنَّكَ مِنَ ٱلۡمُنظَرِينَ

Imana Allah Yaramwishuye Iti: “Mu vy’ukuri, Ndaguhaye kuramba gushika ku musi w’imperuka, igihe havugijwe inzamba yo guhonya ibiremwa vyose”. info
التفاسير:

external-link copy
16 : 7

قَالَ فَبِمَآ أَغۡوَيۡتَنِي لَأَقۡعُدَنَّ لَهُمۡ صِرَٰطَكَ ٱلۡمُسۡتَقِيمَ

Ibilisi yabandanije ahigira Bene Adamu anaga urutoke avuga ati: “Kubera ko Wampubishije ga Mana! Ni ukuri nzokwita ku rutare mu guhubisha Bene Adamu inzira yawe igororotse y’ubwislamu, ishingiye ku kwemera-ndemanwa. info
التفاسير:

external-link copy
17 : 7

ثُمَّ لَأٓتِيَنَّهُم مِّنۢ بَيۡنِ أَيۡدِيهِمۡ وَمِنۡ خَلۡفِهِمۡ وَعَنۡ أَيۡمَٰنِهِمۡ وَعَن شَمَآئِلِهِمۡۖ وَلَا تَجِدُ أَكۡثَرَهُمۡ شَٰكِرِينَ

Hanyuma ni ukuri, nzobaturuka mu mpande zose; imbere n'inyuma, iburyo n’ibubamfu, mpeze ndabaryohereze ivy’isi, ndabatere amakenga mu kwemera ko hariho ubuzima bw’inyuma yo gupfa, kandi ntuzokwigera Usanga abenshi muri bo bashima inema zawe”. info
التفاسير:

external-link copy
18 : 7

قَالَ ٱخۡرُجۡ مِنۡهَا مَذۡءُومٗا مَّدۡحُورٗاۖ لَّمَن تَبِعَكَ مِنۡهُمۡ لَأَمۡلَأَنَّ جَهَنَّمَ مِنكُمۡ أَجۡمَعِينَ

Imana Allah Yabwiye Ibilisi Iti: “Sohoka uve mu Bwami bw’ijuru ushavuriwe, womowe muri bwo. Ni ukuri, umuriro wa jahannamu Nzowuzuza abazogukurikira muri Bene Adamu, muri kumwe ikivunga”. info
التفاسير:

external-link copy
19 : 7

وَيَٰٓـَٔادَمُ ٱسۡكُنۡ أَنتَ وَزَوۡجُكَ ٱلۡجَنَّةَ فَكُلَا مِنۡ حَيۡثُ شِئۡتُمَا وَلَا تَقۡرَبَا هَٰذِهِ ٱلشَّجَرَةَ فَتَكُونَا مِنَ ٱلظَّٰلِمِينَ

Ewe Adamu! Cumbika wewe hamwe n’umukenyezi wawe Hawa mu Bwami bw’ijuru, muheze mufungure aho mushaka mu vyamwa vyabwo. Mugabo rero, ntimuzohirahire kwegera iki giti ngo mufungure ivyamwa vyaco, mwohava muba mu bantu birenganije mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
20 : 7

فَوَسۡوَسَ لَهُمَا ٱلشَّيۡطَٰنُ لِيُبۡدِيَ لَهُمَا مَا وُۥرِيَ عَنۡهُمَا مِن سَوۡءَٰتِهِمَا وَقَالَ مَا نَهَىٰكُمَا رَبُّكُمَا عَنۡ هَٰذِهِ ٱلشَّجَرَةِ إِلَّآ أَن تَكُونَا مَلَكَيۡنِ أَوۡ تَكُونَا مِنَ ٱلۡخَٰلِدِينَ

Ni ho rero shetani yabosha kurenga kw’ibwirizwa ryo kudafungura icamwa ca nya giti, kugira bahanirwe ico gicumuro mu kwambikwa ubusa ubwambure bwabo, butari bwigere bugaragara. Yaboheje avuga ati: “Burya rero Imana yanyu Rurema Allah ntiyababujije gufungura icamwa c’iki giti, atari uko mwohava muba abamalayika, canke mukaba mu bantu bazobaho ibihe bidahera mu Bwami bw’ijuru”. info
التفاسير:

external-link copy
21 : 7

وَقَاسَمَهُمَآ إِنِّي لَكُمَا لَمِنَ ٱلنَّٰصِحِينَ

Ibilisi yararahiye ararengwa kw’izina ry’Imana Allah ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndi mu bahanuzi banyu beza nobagira inama ko mwofungura kuri ico giti”. info
التفاسير:

external-link copy
22 : 7

فَدَلَّىٰهُمَا بِغُرُورٖۚ فَلَمَّا ذَاقَا ٱلشَّجَرَةَ بَدَتۡ لَهُمَا سَوۡءَٰتُهُمَا وَطَفِقَا يَخۡصِفَانِ عَلَيۡهِمَا مِن وَرَقِ ٱلۡجَنَّةِۖ وَنَادَىٰهُمَا رَبُّهُمَآ أَلَمۡ أَنۡهَكُمَا عَن تِلۡكُمَا ٱلشَّجَرَةِ وَأَقُل لَّكُمَآ إِنَّ ٱلشَّيۡطَٰنَ لَكُمَا عَدُوّٞ مُّبِينٞ

Ibilisi yaratumye rero bubahuka ku guhendwa, baraheza barafungura kuri ca giti. Bamaze kugifungurako, ubwambure bwabo bwaciye bugaragara, bashoka batangura guhungurura amababi y’ibiti ngo bayipfukishe ku bwambure[5]. Ni ho rero Imana yabo Rurema Allah Yabahamagara Iti: “Sinababujije gufungura icamwa ca kirya giti, nkanababwira ko mu vy’ukuri shetani ari umwansi wanyu agaragara!”. info

[5] Iyi Aayah irerekana ko ukugaragaza ubwambure ari ikintu kibi kinateye isoni, n’uko camye ari ikintu kitarekuwe mu mico kama ya kiremwa-muntu.

التفاسير: