Izomugira n’Intumwa kuri Bene Israyeli, izobabwira iti: “Jewe mu vy’ukuri, narungitswe kuri mwebwe nibangikanije icemezo kivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, na co kikaba ari uko nshoboye kubabumbira inyoni mu vyondo, hanyuma nkayihuhamwo igaca iba inyoni yigurukira ku bushobozi bw’Imana Allah; nkanavura uwavutse ari impumyi n’uwavukanye indwara y’ubukarabe[10], nsubize n’ubuzima uwapfuye ku bushobozi bw’Imana Allah; nkanababwira ivyo mufungura n’ivyo muziganirije kazoza mu mazu yanyu. Mu vy’ukuri, muri ivyo bitangaro vyose rero, ni ukuri harimwo icemezo kuri mwebwe ko ndi Intumwa y’Imana nimwaba mwemera Imana Allah hamwe na Aayah n’ivyemezo vyayo;
[10] Ubukarabe, ni indwara ifata irihu, ikiganzira uduce dutandukanye tw'umubiri, maze utwo duce tukagira ibara ryera rivanze n'iritukura.
Naje nshimangira kandi ivyamanuwe hambere yanje muri Tawurati, no kugira ngo ndabarekurire bimwe mu vyo mwabujijwe. Nkaba rero naje ndabazaniye icemezo kivuye ku Mana yanyu Rurema Allah ku vyo ndababwira, ko ari ivy’ukuri, enda rero nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera muheze munyumvire mu vyo ndabararikira bivuye ku Mana Allah.
Mu vy’ukuri, Imana Allah ndabararikira kwemera, ni Yo Mana yanje Rurema, Ikaba ari na Yo Mana yanyu Rurema, enda rero nimuyiyegereze mu vyo mukora vyose munayisenge, iyi ni yo nzira igororotseˮ.