Salin ng mga Kahulugan ng Marangal na Qur'an - Salin sa Wikang Kirundi ni Yusuf Ghayiti

Numero ng Pahina:close

external-link copy
46 : 3

وَيُكَلِّمُ ٱلنَّاسَ فِي ٱلۡمَهۡدِ وَكَهۡلٗا وَمِنَ ٱلصَّٰلِحِينَ

Akazonavugisha abantu akiri uruyoya, niyamara gukura yongere abararikire kwemera Imana Allah. Azoba ari no mu beranda. info
التفاسير:

external-link copy
47 : 3

قَالَتۡ رَبِّ أَنَّىٰ يَكُونُ لِي وَلَدٞ وَلَمۡ يَمۡسَسۡنِي بَشَرٞۖ قَالَ كَذَٰلِكِ ٱللَّهُ يَخۡلُقُ مَا يَشَآءُۚ إِذَا قَضَىٰٓ أَمۡرٗا فَإِنَّمَا يَقُولُ لَهُۥ كُن فَيَكُونُ

Mariyamu yaritangaje maze avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Vyoshoboka gute ko nokwibaruka ikibondo kandi ata n’umuntu turubakana!”. Umumalayika araheza aramwishura ati: “Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Irema ico Ishatse, iyo Itegetse ikintu ko kiba Ikibwira gusa Iti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene. info
التفاسير:

external-link copy
48 : 3

وَيُعَلِّمُهُ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡحِكۡمَةَ وَٱلتَّوۡرَىٰةَ وَٱلۡإِنجِيلَ

Izonamwigisha kwandika, gutumbereza ukuri mu mvugo no mu ngiro, Yongere Imwigishe Tawurati yamanuriwe Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) hamwe rero n’Injili azomanurirwa n’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
49 : 3

وَرَسُولًا إِلَىٰ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ أَنِّي قَدۡ جِئۡتُكُم بِـَٔايَةٖ مِّن رَّبِّكُمۡ أَنِّيٓ أَخۡلُقُ لَكُم مِّنَ ٱلطِّينِ كَهَيۡـَٔةِ ٱلطَّيۡرِ فَأَنفُخُ فِيهِ فَيَكُونُ طَيۡرَۢا بِإِذۡنِ ٱللَّهِۖ وَأُبۡرِئُ ٱلۡأَكۡمَهَ وَٱلۡأَبۡرَصَ وَأُحۡيِ ٱلۡمَوۡتَىٰ بِإِذۡنِ ٱللَّهِۖ وَأُنَبِّئُكُم بِمَا تَأۡكُلُونَ وَمَا تَدَّخِرُونَ فِي بُيُوتِكُمۡۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لَّكُمۡ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ

Izomugira n’Intumwa kuri Bene Israyeli, izobabwira iti: “Jewe mu vy’ukuri, narungitswe kuri mwebwe nibangikanije icemezo kivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, na co kikaba ari uko nshoboye kubabumbira inyoni mu vyondo, hanyuma nkayihuhamwo igaca iba inyoni yigurukira ku bushobozi bw’Imana Allah; nkanavura uwavutse ari impumyi n’uwavukanye indwara y’ubukarabe[10], nsubize n’ubuzima uwapfuye ku bushobozi bw’Imana Allah; nkanababwira ivyo mufungura n’ivyo muziganirije kazoza mu mazu yanyu. Mu vy’ukuri, muri ivyo bitangaro vyose rero, ni ukuri harimwo icemezo kuri mwebwe ko ndi Intumwa y’Imana nimwaba mwemera Imana Allah hamwe na Aayah n’ivyemezo vyayo; info

[10] Ubukarabe, ni indwara ifata irihu, ikiganzira uduce dutandukanye tw'umubiri, maze utwo duce tukagira ibara ryera rivanze n'iritukura.

التفاسير:

external-link copy
50 : 3

وَمُصَدِّقٗا لِّمَا بَيۡنَ يَدَيَّ مِنَ ٱلتَّوۡرَىٰةِ وَلِأُحِلَّ لَكُم بَعۡضَ ٱلَّذِي حُرِّمَ عَلَيۡكُمۡۚ وَجِئۡتُكُم بِـَٔايَةٖ مِّن رَّبِّكُمۡ فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ

Naje nshimangira kandi ivyamanuwe hambere yanje muri Tawurati, no kugira ngo ndabarekurire bimwe mu vyo mwabujijwe. Nkaba rero naje ndabazaniye icemezo kivuye ku Mana yanyu Rurema Allah ku vyo ndababwira, ko ari ivy’ukuri, enda rero nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera muheze munyumvire mu vyo ndabararikira bivuye ku Mana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
51 : 3

إِنَّ ٱللَّهَ رَبِّي وَرَبُّكُمۡ فَٱعۡبُدُوهُۚ هَٰذَا صِرَٰطٞ مُّسۡتَقِيمٞ

Mu vy’ukuri, Imana Allah ndabararikira kwemera, ni Yo Mana yanje Rurema, Ikaba ari na Yo Mana yanyu Rurema, enda rero nimuyiyegereze mu vyo mukora vyose munayisenge, iyi ni yo nzira igororotseˮ. info
التفاسير:

external-link copy
52 : 3

۞ فَلَمَّآ أَحَسَّ عِيسَىٰ مِنۡهُمُ ٱلۡكُفۡرَ قَالَ مَنۡ أَنصَارِيٓ إِلَى ٱللَّهِۖ قَالَ ٱلۡحَوَارِيُّونَ نَحۡنُ أَنصَارُ ٱللَّهِ ءَامَنَّا بِٱللَّهِ وَٱشۡهَدۡ بِأَنَّا مُسۡلِمُونَ

Intumwa y’Imana Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) imaze kwumva ukwimonogoza mu bugarariji kwa Bene Israyeli, yaratereye ijwi hejuru ibwira abigishwa bayo iti: “Ni nde yomba hafi tugaharanira idini ry’Imana Allah!”. Abigishwa bayo barishuye bati: “Twebwe twarishinze guharanira idini ry’Imana Allah, twaremeye Imana Imwe Rudende Allah, tukugize n’icabona ko twebwe turi abislamu twicisha bugufi mu kwumvira Imana Allah; info
التفاسير: