Iyi nkuru Ndakwiganiye rero ga Ntumwa y’Imana Muhamadi! Ni ukuri ni yo mateka y’ukuri ku vyerekeye Isa. Nta n’iyindi mana rero ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah Yonyene. Mu vy’ukuri, ni na Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa mu bwami bwayo, Intungane mu vyo Ikora.
Nibaramuka bagenje umugongo bakirengagiza kukwemera no kugukurikira, bazoba ari bo bononyi. Mu vy’ukuri Imana Allah Irazi neza ivyo bakora vyose, Izobibahembera.
Emwe bahawe Ibitabu vya Tawurati n’Injili! Ni kuki muhakana mwivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah Yamanuriye Intumwa zayo mu Bitabu vyanyu, vyerekana ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari yo Ntumwa yimirije kuza, n’uko ivyo ibashikirije ari kwo kuri, kandi na mwe nyene muri ivyabona kuri ukwo kuri ariko rero mukurengako mukuzi mukaguhakana.