Babwire uti: “Nimwumvire Imana Allah mu kugendera Qor’ani, munumvire Intumwa mu gukurikiza inyigisho n’imigenzo vyayo”. Nibagenza umugongo bakakwirengagiza, baramenya rero ko mu vy’ukuri Imana Allah Idakunda abagarariji.
Nya mbanyi imaze kuvuka, umukenyezi wa Amraani yaciye avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri nibarutse umukobwa, ntashoboye gukorera ingoro yawe - Imana Allah na Yo Yari Izi neza ico yibarutse ko kizoba igitangaro - kandi rero umuhungu nipfuje kwibaruka si nk’umukobwa mu bubasha bwo gukorera ingoro yawe. Mu vy’ukuri, namwise Mariyamu, ni ukuri ndanamukuragije we n’uruvyaro rwiwe, Ubakingire inyoshambi za shetani yavumwe”.