Mu vy’ukuri, abagararije Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, bakanahakana bivuye inyuma Intumwa zayo, amatungo yabo hamwe n’abana babo nta na kimwe bizobamarira nibahanwa n’Imana Allah kw’isi, canke mu buzima bw’inyuma yo gupfa, abo ni na bo bantu rero bo mu muriro, bobo bazowubamwo ibihe bidahera.
Akarorero k’ivyo abagarariji batanga mu vyiza bazeyeko indishi ku Mana Allah mu buzima bwo kw’isi, ni nk’igihuhusi kirimwo igikonyozi, maze nya gihuhusi kigahitana ibiterwa vy’abantu baziga kuzosarura, maze ku kubera ivyaha bakoze, nya gihuhusi kigahonya vya biterwa vyose. Abagarariji rero, nta ndishi bazoronka mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kira noneho, Imana Allah ntizoba Ibarenganije namba, ahubwo ni bo birenganije mu kugarariza no kugabitanya ku Mana Allah.
Bemeramana! Mu vyerekana urwanko babafitiye, ni uko iyo mushikiwe n’iciza; nk’intsinzi ku rugamba canke kuronka iminyago, bibatera ishavu n’agahinda. Iyo naho mushikiwe n’ikiza[18], birabahimbara. Nimwihanganira rero ibiza bibashikira, mugaheza mukagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, kubarwanya kwabo ku rwenge nta na kimwe kuzobicira. Mu vy’ukuri, Imana Allah mu bumenyi bwayo, Irakikuje ivyo bakora vyose, kandi Izobibahembera.