[1] Ica kane canke ic’umunani c’ibisigi, umukenyezi agitorana ari umwe, iyo barenga umwe naho barakigabura bakanganya.
[2] Nko kuriha ingurane umuhisi atigeze arya canke gusiga iragi ryo gutanga ibirenga ica gatatu c’ibisigi.
[2] Iyi Aayah n’iyiri haruguru yayo, zirerekana ko abagabo basambanye babangamirwa gushika bigaye. Abagore na bo basambanye bakugaranirwa mu nzu, bagacibwa mu bandi mu gukumirwa gushika bapfe. Iyi ngingo yarubahirijwe mu ntango y’ubwislamu, hanyuma iza guhagarikwa n’ingingo iri mu gisomwa An-Nuuri, Aayah ya 2 ivuga ku gihano co gutera amabuye abasambanye bubatse izabo, mu gihe bigenga, bageze mu bigero, bakwije ubwenge, bakaba kandi barahuje koko ibitsina. Abatubatse bahanishwa ugukubitwa inkoni ijana n’ukwomorwa umwaka umwe.
[3] Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaraziririje ku bonse rimwe ibisanzwe bizira ku bavukana basangiye amaraso.
[4] Mwaba mumaze kurangurana amabanga y’abubatse n’abakobwa babo canke mutarayarangurana.
[5] Kiranazira kubabira n’aho boba batarerewe iwanyu.
[6] Kirazira kandi mu migenzo y’intumwa kwabira umugore hamwe na inasenge canke na nyinabo.
[7] Nko kwiba, kwambura utwa murundi no guhangika.
[8] Nk’ibangikanyamana, kutubaha no kutubahiriza agateka k’abavyeyi, no kwicira umuntu ubusa, n’ibindi.
[9] Ugutorana hisunzwe ukunywana kwarubahirizwa mu ntango y’ubwislamu, ariko mu nyuma iyo ngingo yahavuye isubirirwa n’ingingo zo gutorana. Raba Aayah ya 11 n’iya 12 muri iki gisomwa c’Abakenyezi.
[10] Ivyo na vyo, ni icubahiro c’abubakanye mu kudasambana, bakabungabunga n’amatungo yabo mu kudasesagura, bakitwararika n’indero y’ibibondo vyabo.
[11] Iyi ngingo yubahirijwe imbere yuko inzoga iziririzwa burundu.
[12] Bashaka kuvuga bati: “Urakaziba amatwi, ntukumve”.
[13] Iryo jambo, ni igitutsi mu mvugo y’abayahudi.
[91] Ibigirwamana vyo mu bwoko bwose “TWAAGHUUT”, ni ikiremwa ico ari co cose gisengwa mu gishingo c’Imana Allah, gishimishwa n’iryo sengwa.
[92] Kangana n’urutete rw’ururo.
[16] Iyi Aayah, irerekana ko ukwemera nya kwemera gutuma umuntu yubahiriza ingingo y’Imana Allah, akayisunga mu gutunganiriza abantu muri vyose. Uwo wese rero, yibwira ko yemera vy’ukuri, hanyuma agahitamwo kwubahiriza ingingo y’ibintazi n’ikinyoma, aba ari indyarya mu kwemera kwiwe.
[17] Burya ukwubahiriza no gukurikiza ingingo zisunga Qor’ani n’inyigisho z’intumwa muri vyose bijanye n’ubuzima, ni mu bigize umushinge wo kwemera.
[95] Kiretse mu gihe yokwigaya ukuri kw’ukwigaya atarapfa, kandi Imana Allah ntizohanisha ibigaba mu bemeramana umuriro wa Jahannamu ngo bawubemwo ibihe bidahera, ariko Izowubahanisha hanyuma ku mpuhwe zayo Iheze Ibatezurire.
[18] Nk’indwara n’ubumuga.
[19] Ukugabanya igitigiri c’ivyunamo vy’isengesho kurarekuwe mu gihe umuntu ari ku rugendo, haba mu gihe abantu batekanye mu zabo canke mu gihe hari imvo zituma batekerwa n’ubwoba.
[20] Mu ntango y’ubwislamu, ingendo zagirwa n’abemeramana zari ziteye ubwoba budasanzwe kuko bahigwa buhongo.
[21] Iyi Aayah iremeza ko Imana Allah Ikunda Ikanahitamwo abakunzi b’intore mu bantu. Urwo ni rwo rukundo ruhanitse rwose.
[22] Bemeye Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) bahakana Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) hamwe na Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
[23] Bemeye Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) bahakana Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
[24] Bamwe muri bo bavuga bati: “Ni we yishwe”. Abandi na bo bati: “Si we yishwe”.
[25] Ijambo “ASBAATW”, risigura Intumwa n’Abavugishwamana barungitswe n’Imana Allah mu ruvyaro rwa Yakubu, ari na we batazira Israyeli. Urwo ruvyaro rwa Yakubu rero, rwahavuye ruvamwo imiryango canke amoko cumi n’abiri ya Bene Israyeli.
[26] “Zaburi”, ni Igitabu n’Imizingo vyamanuriwe Intumwa Dawudi vyanditswe
[27] Iyi Aayah, irerekana ko Imana Allah Ivuga mu buryo bukwiranye n’icubahiro cayo, kandi ko Yavuganye n’Intumwa Musa ata muhuza aciye hagati.
[28] Iyi Aayah, ni icemezo c’uko Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yarungitswe ku bantu bose.