Kilniojo Korano reikšmių vertimas - Vertimas į kirundi k. - Jusuf Ghahiti

Puslapio numeris:close

external-link copy
128 : 4

وَإِنِ ٱمۡرَأَةٌ خَافَتۡ مِنۢ بَعۡلِهَا نُشُوزًا أَوۡ إِعۡرَاضٗا فَلَا جُنَاحَ عَلَيۡهِمَآ أَن يُصۡلِحَا بَيۡنَهُمَا صُلۡحٗاۚ وَٱلصُّلۡحُ خَيۡرٞۗ وَأُحۡضِرَتِ ٱلۡأَنفُسُ ٱلشُّحَّۚ وَإِن تُحۡسِنُواْ وَتَتَّقُواْ فَإِنَّ ٱللَّهَ كَانَ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٗا

Umukenyezi na we, niyatinya ko umugabo wiwe yokwiganza agahava amuhunga, canke akamwirengagiza, nta caha kuri bompi kiri mu kwumvikana gusubiza hamwe, mu gihe umukenyezi yokwemera guheba umusi wo kumutahira, canke bimwe mu vyo yari agenewe, kugira ntibahukane. Ukwumvikana rero gutuma babandanya kubana, ni vyiza cane gusumba ukwahukana, imitima y’abantu na yo burya yaremwe ari ingumyi nta co yikura. Nimwaramuka rero mubanye n’abakenyezi banyu mu bugwaneza, mugaheza mugatinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo ajanye no kwubaka zikaguma, mu vy’ukuri Imana Allah Yamye Izi neza ivyo mukora vyose, ni Muhetuziwavyose, Izonabibahembera. info
التفاسير:

external-link copy
129 : 4

وَلَن تَسۡتَطِيعُوٓاْ أَن تَعۡدِلُواْ بَيۡنَ ٱلنِّسَآءِ وَلَوۡ حَرَصۡتُمۡۖ فَلَا تَمِيلُواْ كُلَّ ٱلۡمَيۡلِ فَتَذَرُوهَا كَٱلۡمُعَلَّقَةِۚ وَإِن تُصۡلِحُواْ وَتَتَّقُواْ فَإِنَّ ٱللَّهَ كَانَ غَفُورٗا رَّحِيمٗا

Bagabo mwubatse izanyu! Ntimuzoshobora gutunganiriza abakenyezi banyu mu rukundo mu buryo bungana n’aho mwovyitwararika, kubera ivyo rero, ntimukirengagize burundu uwo mudahurumbira cane muri bo mu rukundo ngo mumugire intabwa, maze abe nk’uwumanitswe ku gati atabiriwe atahukanye, gutyo mucumure ku Mana Allah. Nimwatunganya ibikorwa vyanyu maze mukagaburira abakenyezi banyu ibibabeshaho bingana ata nkunzi, mugaheza mugatinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo mu kuntu mubanye, bizoba bikwiye. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info
التفاسير:

external-link copy
130 : 4

وَإِن يَتَفَرَّقَا يُغۡنِ ٱللَّهُ كُلّٗا مِّن سَعَتِهِۦۚ وَكَانَ ٱللَّهُ وَٰسِعًا حَكِيمٗا

Umugabo n’umukenyezi wiwe nibaramuka bahukanye, Imana Allah Izoheza Ikenure umwe wese muri bo mu kumuronsa ibimubeshaho, burya Imana Allah Yamye ari Nyenimpano-ntangere, Intungane mu vyo Ikora. info
التفاسير:

external-link copy
131 : 4

وَلِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۗ وَلَقَدۡ وَصَّيۡنَا ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ مِن قَبۡلِكُمۡ وَإِيَّاكُمۡ أَنِ ٱتَّقُواْ ٱللَّهَۚ وَإِن تَكۡفُرُواْ فَإِنَّ لِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۚ وَكَانَ ٱللَّهُ غَنِيًّا حَمِيدٗا

Imana Allah ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo. Ni ukuri Twebwe Allah Twarahaye iragi abahawe Igitabu aho hambere yanyu, hamwe na mwe nyene mwarungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), iragi ry’uko mutinya Imana Imwe Rudende Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Nimwagarariza mugahakana mwivuye inyuma Imana Allah n’amabwirizwa yayo, muramenya ko Imana Allah ari Uwikenuye; kuko ari Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo, nta co Ikeneye kuri vyo kuko Yikwije muri vyose. Burya Imana Allah Yamye ari Uwikenuye, Nyenugushimwa; info
التفاسير:

external-link copy
132 : 4

وَلِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۚ وَكَفَىٰ بِٱللَّهِ وَكِيلًا

Burya Imana Allah ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo, burya Imana Allah Irakwiye kuba ari Yo Muhagarikizi-Rutunganya, Itunganiriza ibiremwa; info
التفاسير:

external-link copy
133 : 4

إِن يَشَأۡ يُذۡهِبۡكُمۡ أَيُّهَا ٱلنَّاسُ وَيَأۡتِ بِـَٔاخَرِينَۚ وَكَانَ ٱللَّهُ عَلَىٰ ذَٰلِكَ قَدِيرٗا

Bantu! Imana Allah rero Yoshaka Yobahonya mwese, Igaheza Ikarema ibindi biremwa bitari mwebwe. Ivyo kandi rero, Imana Allah Yamye Ibishoboye. info
التفاسير:

external-link copy
134 : 4

مَّن كَانَ يُرِيدُ ثَوَابَ ٱلدُّنۡيَا فَعِندَ ٱللَّهِ ثَوَابُ ٱلدُّنۡيَا وَٱلۡأٓخِرَةِۚ وَكَانَ ٱللَّهُ سَمِيعَۢا بَصِيرٗا

Bantu! Muri mwebwe rero, uwushaka indishi yo mu buzima bwo kw’isi, maze akirengagiza indishi yo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, namenye ko ku Mana Allah gusa ari ho hari indishi yo mu buzima bwo kw’isi n’iyo mu bw’inyuma yo gupfa, aheze rero ayisabe ivyiza vyo muri ubwo buzima bwompi. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’abaja bayo; Nyenukubona, Irabona neza ivyo bakora n’ivyo bazirikana, Izonabibahembera. info
التفاسير: