Kilniojo Korano reikšmių vertimas - Vertimas į kirundi k. - Jusuf Ghahiti

Puslapio numeris:close

external-link copy
75 : 4

وَمَا لَكُمۡ لَا تُقَٰتِلُونَ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ وَٱلۡمُسۡتَضۡعَفِينَ مِنَ ٱلرِّجَالِ وَٱلنِّسَآءِ وَٱلۡوِلۡدَٰنِ ٱلَّذِينَ يَقُولُونَ رَبَّنَآ أَخۡرِجۡنَا مِنۡ هَٰذِهِ ٱلۡقَرۡيَةِ ٱلظَّالِمِ أَهۡلُهَا وَٱجۡعَل لَّنَا مِن لَّدُنكَ وَلِيّٗا وَٱجۡعَل لَّنَا مِن لَّدُنكَ نَصِيرًا

Bemeramana! Mbega mubuzwa n’iki guharanira idini ry’Imana Allah, no gutabara abacinyizwa ku karenganyo badashoboye kwirwanako, mu bagabo, abakenyezi n’abana, batakambira Imana Allah bati: “Mana yacu Rurema Allah! Dukure muri iki gisagara c’i Makka, bene co barangwa n’akarenganyo ko kugarariza no kubangamira abemeramana, maze Uduhe umuhagarikizi avuye iwawe adutunganirize ivyacu, Uduhe n’umutabazi avuye iwawe aturenganure”. info
التفاسير:

external-link copy
76 : 4

ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ يُقَٰتِلُونَ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِۖ وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ يُقَٰتِلُونَ فِي سَبِيلِ ٱلطَّٰغُوتِ فَقَٰتِلُوٓاْ أَوۡلِيَآءَ ٱلشَّيۡطَٰنِۖ إِنَّ كَيۡدَ ٱلشَّيۡطَٰنِ كَانَ ضَعِيفًا

Abemeye Imana Allah vy’ukuri, baharanira idini ry’Imana Allah mu gushimangira ukuri. Nayo abagararije Imana Allah, baharanira ibintazi n’ikinyoma mu ntumbero yo gukwiragiza ubwononyi kw’isi. Kubera ivyo rero ga bemeramana! Nimurwanye abahagarikizi ba shetani mu bagarariji n’ababangikanyamana, mu vy’ukuri, ugukoresha urwenge kwa shetani mu gukwiragiza ubwononyi bw’abahagarikizi bayo, ntikurama. info
التفاسير:

external-link copy
77 : 4

أَلَمۡ تَرَ إِلَى ٱلَّذِينَ قِيلَ لَهُمۡ كُفُّوٓاْ أَيۡدِيَكُمۡ وَأَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتُواْ ٱلزَّكَوٰةَ فَلَمَّا كُتِبَ عَلَيۡهِمُ ٱلۡقِتَالُ إِذَا فَرِيقٞ مِّنۡهُمۡ يَخۡشَوۡنَ ٱلنَّاسَ كَخَشۡيَةِ ٱللَّهِ أَوۡ أَشَدَّ خَشۡيَةٗۚ وَقَالُواْ رَبَّنَا لِمَ كَتَبۡتَ عَلَيۡنَا ٱلۡقِتَالَ لَوۡلَآ أَخَّرۡتَنَآ إِلَىٰٓ أَجَلٖ قَرِيبٖۗ قُلۡ مَتَٰعُ ٱلدُّنۡيَا قَلِيلٞ وَٱلۡأٓخِرَةُ خَيۡرٞ لِّمَنِ ٱتَّقَىٰ وَلَا تُظۡلَمُونَ فَتِيلًا

Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye inkuru y’ababwiwe imbere yo gutegekwa guhangana ku rugamba, bati: “Nimusubize inkota mu rwubati, mureke kurwanya ababangikanyamana, maze mutsimbataze amasengesho munatange n’ishikanwa-bwirizwa”. Aho bategekewe guhangana ku rugamba, haciye hibonekeza umugwi muri bo, utinya abantu nka kurya utinya Imana Allah canke gusumba uko uyitinya, uranavuga n’ishavu n’akantu uti: “Mana yacu Rurema Allah! Ni kuki Wadutegetse guhangana ku rugamba, ntiwari gupfuma Utenyenya gato, tukaba turaryoherwa n’ivy’isi!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ukuryoherwa n’ivy’isi, ni umwanya muto, nayo ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ni bwo burimwo ivyiza bihambaye ku wutinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, kandi rero ntimuzorenganywa na gato ku co mwakoze, n’aho coba kingana n’akanyuzi kari ku nda y’urutete rw’itende”; info
التفاسير:

external-link copy
78 : 4

أَيۡنَمَا تَكُونُواْ يُدۡرِككُّمُ ٱلۡمَوۡتُ وَلَوۡ كُنتُمۡ فِي بُرُوجٖ مُّشَيَّدَةٖۗ وَإِن تُصِبۡهُمۡ حَسَنَةٞ يَقُولُواْ هَٰذِهِۦ مِنۡ عِندِ ٱللَّهِۖ وَإِن تُصِبۡهُمۡ سَيِّئَةٞ يَقُولُواْ هَٰذِهِۦ مِنۡ عِندِكَۚ قُلۡ كُلّٞ مِّنۡ عِندِ ٱللَّهِۖ فَمَالِ هَٰٓؤُلَآءِ ٱلۡقَوۡمِ لَا يَكَادُونَ يَفۡقَهُونَ حَدِيثٗا

Aho muzoba muri hose rero, nta kibuza ko hageze gupfa, urupfu ruzobashikira mugapfa, n’aho muzoba muri mu nyubakwa-ntamenwa ziri kure y’ahabera urugamba. Iyo baronse ivyiza baremanga ko berewe bati: “Ibi bivuye ku Mana Allah”. Ntumwa y’Imana! Iyo naho bashikiwe n’ivyago baca bagutako umwikomo n’ishavu n’akantu bati: “Ibi biturutse kuri wewe”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ivyiza n’ivyago, vyose bituruka kw’ishirwa mu ngiro ry’ivyagezwe n’Imana Allah”. Ntumwa y’Imana! Mbega abo bantu bafashwe n’iki ko batarota batahura ivyo ubabwira! info
التفاسير:

external-link copy
79 : 4

مَّآ أَصَابَكَ مِنۡ حَسَنَةٖ فَمِنَ ٱللَّهِۖ وَمَآ أَصَابَكَ مِن سَيِّئَةٖ فَمِن نَّفۡسِكَۚ وَأَرۡسَلۡنَٰكَ لِلنَّاسِ رَسُولٗاۚ وَكَفَىٰ بِٱللَّهِ شَهِيدٗا

Muntu! Ivyiza ivyo ari vyo vyose uronse, biba bivuye ku Mana Allah. Ivyago na vyo bigushikiye, biba biturutse ku ngaruka y’ibikorwa vyawe bibi. Ntumwa y’Imana! Twakurungitse rero kugira ube Intumwa ku bantu bose, kandi rero burya Imana Allah Irakwiye kuba ari Yo Cabonakurivyose Yemeza ko washikirije vy’ukuri ubutumwa. info
التفاسير: