Kilniojo Korano reikšmių vertimas - Vertimas į kirundi k. - Jusuf Ghahiti

Puslapio numeris:close

external-link copy
135 : 4

۞ يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ كُونُواْ قَوَّٰمِينَ بِٱلۡقِسۡطِ شُهَدَآءَ لِلَّهِ وَلَوۡ عَلَىٰٓ أَنفُسِكُمۡ أَوِ ٱلۡوَٰلِدَيۡنِ وَٱلۡأَقۡرَبِينَۚ إِن يَكُنۡ غَنِيًّا أَوۡ فَقِيرٗا فَٱللَّهُ أَوۡلَىٰ بِهِمَاۖ فَلَا تَتَّبِعُواْ ٱلۡهَوَىٰٓ أَن تَعۡدِلُواْۚ وَإِن تَلۡوُۥٓاْ أَوۡ تُعۡرِضُواْ فَإِنَّ ٱللَّهَ كَانَ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٗا

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimuhagarikire ubutungane maze mube ivyabona vy’ukuri ku bw’Imana Allah, n’aho vyoshika mukiyagiriza canke mukagiriza abavyeyi banyu n’abavandimwe banyu. Uko uwagirizwa azoba ari kwose, yaba umutunzi canke umukene, burya Imana Allah ni Yo Ishinzwe kumenya ineza y’umwe wese muri bo. Kubera ivyo rero, ntimugakurikire ivyipfuzo n’akagagazo vyanyu ngo bibabuze gutunganiriza abantu. Mu gihe mwokebanya ukuri mu majambo, mukaba ivyabona vy’ikinyoma, canke mukirengagiza gushikiriza ukuri muzi canke mukakunyegeza, muramenya ko mu vy’ukuri Imana Allah Yamye Izi neza ivyo mukora vyose, ni Muhetuziwavyose, Izonabibahembera. info
التفاسير:

external-link copy
136 : 4

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ ءَامِنُواْ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِۦ وَٱلۡكِتَٰبِ ٱلَّذِي نَزَّلَ عَلَىٰ رَسُولِهِۦ وَٱلۡكِتَٰبِ ٱلَّذِيٓ أَنزَلَ مِن قَبۡلُۚ وَمَن يَكۡفُرۡ بِٱللَّهِ وَمَلَٰٓئِكَتِهِۦ وَكُتُبِهِۦ وَرُسُلِهِۦ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِ فَقَدۡ ضَلَّ ضَلَٰلَۢا بَعِيدًا

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimushishikare mwemera Imana Allah, Intumwa yayo Mahamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe zayo), Igitabu cayo ca Qor’ani Yamanuriye Intumwa yayo, hamwe rero n’ibindi Bitabu Yamanuriye izindi Ntumwa. Uwo wese rero azogarariza agahakana yivuye inyuma Imana Allah, abamalayika bayo, Ibitabu vyayo, Intumwa zayo, hamwe rero n’umusi w’iherezo, ni ukuri azoba yarahuvye uguhuba kuri kure cane y’ukuri. info
التفاسير:

external-link copy
137 : 4

إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ ثُمَّ كَفَرُواْ ثُمَّ ءَامَنُواْ ثُمَّ كَفَرُواْ ثُمَّ ٱزۡدَادُواْ كُفۡرٗا لَّمۡ يَكُنِ ٱللَّهُ لِيَغۡفِرَ لَهُمۡ وَلَا لِيَهۡدِيَهُمۡ سَبِيلَۢا

Mu vy’ukuri, abinjiye mu ruhongore rw’ukwemera Imana Allah, hanyuma bakaruvamwo bagasubira mu bugarariji, mu nyuma bakagaruka mu ruhongore rw’ukwemera Imana Allah, hanyuma bagasubira kandi mu bugarariji, hanyuma bagashishikara mu bugarariji bagatsimbatara, ntivyari gushika ko Imana Allah Ibagumiriza akabanga ku vyaha vyabo ngo Ibababarire, eka ntivyari no gushika ko Ibarongora mu nzira igororotse yotuma badahanwa. info
التفاسير:

external-link copy
138 : 4

بَشِّرِ ٱلۡمُنَٰفِقِينَ بِأَنَّ لَهُمۡ عَذَابًا أَلِيمًا

Ntumwa y’Imana! Shikiriza indyarya inkuru y’incamugongo ko zategekanirijwe ibihano bibabaza; info
التفاسير:

external-link copy
139 : 4

ٱلَّذِينَ يَتَّخِذُونَ ٱلۡكَٰفِرِينَ أَوۡلِيَآءَ مِن دُونِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَۚ أَيَبۡتَغُونَ عِندَهُمُ ٱلۡعِزَّةَ فَإِنَّ ٱلۡعِزَّةَ لِلَّهِ جَمِيعٗا

Indyarya, ni barya bagira mu bagarariji abagenzi somambike bacuditse babahagarariye bakirengagiza abemeramana. Mbega none ivyo babigira babaronderako icubahiro no gukingirwa! Ico bakwiye kumenya ni uko mu vy’ukuri icubahiro no gukingirwa vyose biva ku Mana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
140 : 4

وَقَدۡ نَزَّلَ عَلَيۡكُمۡ فِي ٱلۡكِتَٰبِ أَنۡ إِذَا سَمِعۡتُمۡ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ يُكۡفَرُ بِهَا وَيُسۡتَهۡزَأُ بِهَا فَلَا تَقۡعُدُواْ مَعَهُمۡ حَتَّىٰ يَخُوضُواْ فِي حَدِيثٍ غَيۡرِهِۦٓ إِنَّكُمۡ إِذٗا مِّثۡلُهُمۡۗ إِنَّ ٱللَّهَ جَامِعُ ٱلۡمُنَٰفِقِينَ وَٱلۡكَٰفِرِينَ فِي جَهَنَّمَ جَمِيعًا

Bemeramana! Ni ukuri, Imana Allah Yaramaze kubamanurira mu Gitabu cayo Qor’ani, ko mu gihe mwumvise igarariza n’itebura kuri Aayah n’ivyemezo vyayo, mutobandanya mwicaranye n’abo bagarariji babiteburako, kiretse mu gihe botandukira ibindi biganiro bitagiramwo igarariza n’itebura kuri Aayah n’ivyemezo vyayo. Bitagenze ukwo, ni ukuri muzoba muri nkabo muri iryo garariza n’itebura, muzohanwa kumwe. Mu vy’ukuri, Imana Allah Izokwegeraniriza hamwe indyarya n’abagarariji bose mu muriro wa Jahannamu. info
التفاسير: