Na kare Imana Allah, Yarabarongoye bakiri kw’isi kw’ijambo ryiza ryo kuyemera no kuyininahaza, Ibarongora no mu buzima bw’inyuma yo gupfa kw’ijambo ryo kuyishimagiza, Yari Yaranabarongoye mu nzira ibereye y’idini ry’ubwislamu ibashikana mu Bwami bw’ijuru.
Kugira bibonere ukuri kwamye ibibafitiye akamaro[2]; no kugira baninahaze bongere batazire izina ry’Imana Allah mu gihe co kubaga ibitungwa mu misi izwi[3], ivyo bakabikora mu ntumbero yo gushima inema z’Imana Allah. Bantu muzoja gushengerera ingoro ntagatifu! Muraheza rero mufungure kuri nya bitungwa mwongere mubifungurireko n’aboro;
[2] Kubabarirwa ivyaha, guhabwa indishi, kwunguka mu rudandazwa, n’ibindi. [3] Iyo misi, ni umusi wa 10 mu kwezi kwa 12 kwa Dhu l-Hijja, hamwe n’imisi itatu ikurikira.
Iyo migirwa rero, ni yo mutegetswe kwubaha mukubahiriza. Uwuzokwubaha akubahiriza amabwirizwa y’ivyaziririjwe n’Imana Allah mu gutunganya neza imigirwa yo gushengerera ingoro ntagatifu, bizoba ari vyiza kuri we kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”. Mwaranarekuriwe gufungura inyama z’ibitungwa vyose, kiretse ivyaziririjwe kuri mwebwe mu vyo musomerwa muri Qor’ani, ko biziririjwe, ivyo rero muririnda kubifungura. Muraheza rero kandi mwirinde isengwa ry'ibigirwamana bihumanye, vyongeye mwirinde n’ikinyoma kuko ari irementanya ku Mana Allah;