وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - وەرگێڕاوی كیروندی - یوسف غهيتی

ژمارەی پەڕە:close

external-link copy
24 : 22

وَهُدُوٓاْ إِلَى ٱلطَّيِّبِ مِنَ ٱلۡقَوۡلِ وَهُدُوٓاْ إِلَىٰ صِرَٰطِ ٱلۡحَمِيدِ

Na kare Imana Allah, Yarabarongoye bakiri kw’isi kw’ijambo ryiza ryo kuyemera no kuyininahaza, Ibarongora no mu buzima bw’inyuma yo gupfa kw’ijambo ryo kuyishimagiza, Yari Yaranabarongoye mu nzira ibereye y’idini ry’ubwislamu ibashikana mu Bwami bw’ijuru. info
التفاسير:

external-link copy
25 : 22

إِنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَيَصُدُّونَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ وَٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِ ٱلَّذِي جَعَلۡنَٰهُ لِلنَّاسِ سَوَآءً ٱلۡعَٰكِفُ فِيهِ وَٱلۡبَادِۚ وَمَن يُرِدۡ فِيهِ بِإِلۡحَادِۭ بِظُلۡمٖ نُّذِقۡهُ مِنۡ عَذَابٍ أَلِيمٖ

Mu vy’ukuri abagararije Imana Allah, bagahakana bivuye inyuma n'ubutumwa bashikirijwe n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bakaburagiza n’abantu kwinjira mu bwislamu, bakanaburabuza Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’abemeramana kwinjira mu musigiti w’i Makka, umusigiti Twebwe Allah Twagize kuba ihuriro ry’abemeramana bose, ku basanzwe baba ng’aho co kimwe n’ingenzi zije zihagana, abo rero baragenewe ibihano bibabaza. N’uwo wese rero azoshaka kurenganya mu gucumurira muri nya musigiti, Tuzomuhonja ibihano bibabaza. info
التفاسير:

external-link copy
26 : 22

وَإِذۡ بَوَّأۡنَا لِإِبۡرَٰهِيمَ مَكَانَ ٱلۡبَيۡتِ أَن لَّا تُشۡرِكۡ بِي شَيۡـٔٗا وَطَهِّرۡ بَيۡتِيَ لِلطَّآئِفِينَ وَٱلۡقَآئِمِينَ وَٱلرُّكَّعِ ٱلسُّجُودِ

Muvugishwamana! Ibuka igihe Twamenyesha Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ahazokwubakwa ingoro ntagatifu, Tukamubwiriza kuyubaka mu ntumbero yo gutsimbataza isengwa ry’Imana Imwe Rudende, Duti: “Ntukambangikanye rero n’ikintu na kimwe. Niweze n’iyi ngoro yanje; ntigakorerwemwo igarariza, ivyadukano n’ibihumanya vyose, kugira nya ngoro ibe ihuriro ry’abayikikura hamwe n’abatsimbataza amasengesho bunama bubama; info
التفاسير:

external-link copy
27 : 22

وَأَذِّن فِي ٱلنَّاسِ بِٱلۡحَجِّ يَأۡتُوكَ رِجَالٗا وَعَلَىٰ كُلِّ ضَامِرٖ يَأۡتِينَ مِن كُلِّ فَجٍّ عَمِيقٖ

Ewe Ibrahimu! Menyesha abantu ko babwirijwe gushengerera ingoro ntagatifu iri i Makka, bazoheze bashwabadukire rimwe mu buryo bwose butandukanye; abagenda n’amaguru n’abagendera ku bitwazi, maze baze bavuye mu mihingo yose y’isi; info
التفاسير:

external-link copy
28 : 22

لِّيَشۡهَدُواْ مَنَٰفِعَ لَهُمۡ وَيَذۡكُرُواْ ٱسۡمَ ٱللَّهِ فِيٓ أَيَّامٖ مَّعۡلُومَٰتٍ عَلَىٰ مَا رَزَقَهُم مِّنۢ بَهِيمَةِ ٱلۡأَنۡعَٰمِۖ فَكُلُواْ مِنۡهَا وَأَطۡعِمُواْ ٱلۡبَآئِسَ ٱلۡفَقِيرَ

Kugira bibonere ukuri kwamye ibibafitiye akamaro[2]; no kugira baninahaze bongere batazire izina ry’Imana Allah mu gihe co kubaga ibitungwa mu misi izwi[3], ivyo bakabikora mu ntumbero yo gushima inema z’Imana Allah. Bantu muzoja gushengerera ingoro ntagatifu! Muraheza rero mufungure kuri nya bitungwa mwongere mubifungurireko n’aboro; info

[2] Kubabarirwa ivyaha, guhabwa indishi, kwunguka mu rudandazwa, n’ibindi.
[3] Iyo misi, ni umusi wa 10 mu kwezi kwa 12 kwa Dhu l-Hijja, hamwe n’imisi itatu ikurikira.

التفاسير:

external-link copy
29 : 22

ثُمَّ لۡيَقۡضُواْ تَفَثَهُمۡ وَلۡيُوفُواْ نُذُورَهُمۡ وَلۡيَطَّوَّفُواْ بِٱلۡبَيۡتِ ٱلۡعَتِيقِ

Hanyuma abagiye gushengerera nya ngoro, baheze batunganye iyindi migirwa yo gushengerera ingoro ntagatifu, ijanye no kwiyuhagira, uguca inzara no kumwa umushatsi, baheze kandi bubahirize ishirwa mu ngiro ry’ivyo biyemeje gukora bijanye n’ishengerera n’igendera ry’ingoro ntagatifu, harimwo no kubaga, bongere bakikure inyubakwa ya kera ya Al-Ka’ba, ikingiwe; info
التفاسير:

external-link copy
30 : 22

ذَٰلِكَۖ وَمَن يُعَظِّمۡ حُرُمَٰتِ ٱللَّهِ فَهُوَ خَيۡرٞ لَّهُۥ عِندَ رَبِّهِۦۗ وَأُحِلَّتۡ لَكُمُ ٱلۡأَنۡعَٰمُ إِلَّا مَا يُتۡلَىٰ عَلَيۡكُمۡۖ فَٱجۡتَنِبُواْ ٱلرِّجۡسَ مِنَ ٱلۡأَوۡثَٰنِ وَٱجۡتَنِبُواْ قَوۡلَ ٱلزُّورِ

Iyo migirwa rero, ni yo mutegetswe kwubaha mukubahiriza. Uwuzokwubaha akubahiriza amabwirizwa y’ivyaziririjwe n’Imana Allah mu gutunganya neza imigirwa yo gushengerera ingoro ntagatifu, bizoba ari vyiza kuri we kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”. Mwaranarekuriwe gufungura inyama z’ibitungwa vyose, kiretse ivyaziririjwe kuri mwebwe mu vyo musomerwa muri Qor’ani, ko biziririjwe, ivyo rero muririnda kubifungura. Muraheza rero kandi mwirinde isengwa ry'ibigirwamana bihumanye, vyongeye mwirinde n’ikinyoma kuko ari irementanya ku Mana Allah; info
التفاسير: