وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - وەرگێڕاوی كیروندی - یوسف غهيتی

external-link copy
30 : 22

ذَٰلِكَۖ وَمَن يُعَظِّمۡ حُرُمَٰتِ ٱللَّهِ فَهُوَ خَيۡرٞ لَّهُۥ عِندَ رَبِّهِۦۗ وَأُحِلَّتۡ لَكُمُ ٱلۡأَنۡعَٰمُ إِلَّا مَا يُتۡلَىٰ عَلَيۡكُمۡۖ فَٱجۡتَنِبُواْ ٱلرِّجۡسَ مِنَ ٱلۡأَوۡثَٰنِ وَٱجۡتَنِبُواْ قَوۡلَ ٱلزُّورِ

Iyo migirwa rero, ni yo mutegetswe kwubaha mukubahiriza. Uwuzokwubaha akubahiriza amabwirizwa y’ivyaziririjwe n’Imana Allah mu gutunganya neza imigirwa yo gushengerera ingoro ntagatifu, bizoba ari vyiza kuri we kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”. Mwaranarekuriwe gufungura inyama z’ibitungwa vyose, kiretse ivyaziririjwe kuri mwebwe mu vyo musomerwa muri Qor’ani, ko biziririjwe, ivyo rero muririnda kubifungura. Muraheza rero kandi mwirinde isengwa ry'ibigirwamana bihumanye, vyongeye mwirinde n’ikinyoma kuko ari irementanya ku Mana Allah; info
التفاسير: