وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - وەرگێڕاوی كیروندی - یوسف غهيتی

ژمارەی پەڕە:close

external-link copy
47 : 22

وَيَسۡتَعۡجِلُونَكَ بِٱلۡعَذَابِ وَلَن يُخۡلِفَ ٱللَّهُ وَعۡدَهُۥۚ وَإِنَّ يَوۡمًا عِندَ رَبِّكَ كَأَلۡفِ سَنَةٖ مِّمَّا تَعُدُّونَ

Ntumwa y’Imana! Abahakanyi bagusaba ko wokwihutira kubasabira igihano c’ihakana ryabo, burya Imana Allah ntizoca kubiri n’isezerano ryo kubahanira ihakana ryabo, nta nkeka rero ko, bitebe bitebuke, Izobahana nk’uko Yahanishije ukwicwa bamwe muri bo ku rugamba rwa Badri. Mu vy’ukuri, umusi w’izuka ku Mana yawe Rurema Allah, ungana n’imyaka igihumbi mufatiye ku myaka muharura kw’isi. info
التفاسير:

external-link copy
48 : 22

وَكَأَيِّن مِّن قَرۡيَةٍ أَمۡلَيۡتُ لَهَا وَهِيَ ظَالِمَةٞ ثُمَّ أَخَذۡتُهَا وَإِلَيَّ ٱلۡمَصِيرُ

Hari n’uducimbiri twinshi rero twirenganije mu kugarariza, maze Jewe Allah Ndatenyenya guhana abatubamwo, baca bararendegera mu butumva; mu nyuma, Ndaheza rero Ndabahana bakiri kw’isi barahona, kandi n’iherezo ryabo ni iwanje Jewe Allah, kugira Ndabahe ibihano bibakwiye mu buzima bw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير:

external-link copy
49 : 22

قُلۡ يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ إِنَّمَآ أَنَا۠ لَكُمۡ نَذِيرٞ مُّبِينٞ

Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bantu! Ni ukuri jewe, ndi Umugabisha atomoye ku bihano vy’Imana Allah”; info
التفاسير:

external-link copy
50 : 22

فَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ لَهُم مَّغۡفِرَةٞ وَرِزۡقٞ كَرِيمٞ

Abemeye rero Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe, bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo ntibabihanirwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bazonaronka n’impano zubashwe kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru; info
التفاسير:

external-link copy
51 : 22

وَٱلَّذِينَ سَعَوۡاْ فِيٓ ءَايَٰتِنَا مُعَٰجِزِينَ أُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡجَحِيمِ

Nayo abakoresheje urwenge mu kubeshuza Aayah zacu za Qor’ani ngo bazirwanye, bahakane n’Intumwa zacu bivuye inyuma, bibwira ko bazotunaniza Twebwe Allah, abo ni bo bantu rero bo mu muriro ururumba. info
التفاسير:

external-link copy
52 : 22

وَمَآ أَرۡسَلۡنَا مِن قَبۡلِكَ مِن رَّسُولٖ وَلَا نَبِيٍّ إِلَّآ إِذَا تَمَنَّىٰٓ أَلۡقَى ٱلشَّيۡطَٰنُ فِيٓ أُمۡنِيَّتِهِۦ فَيَنسَخُ ٱللَّهُ مَا يُلۡقِي ٱلشَّيۡطَٰنُ ثُمَّ يُحۡكِمُ ٱللَّهُ ءَايَٰتِهِۦۗ وَٱللَّهُ عَلِيمٌ حَكِيمٞ

Ntumwa y’Imana! Ntitwigeze Dutuma aho hambere yawe Intumwa canke Umuvugishwamana, kiretse ko mu gihe ariko arasoma ivyo yahishuriwe, shetani yaca itera amazinda mu vyo asoma, kugira abantu ntibakurikire ivyo asoma, hanyuma Imana Allah na Yo Ikaba Yabihinyuye kera, Ikamara nya mazinda, Igaheza Igatunganya Aayah zayo zitomoye. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, nta co Iyobewe; Intungane mu vyo Ikora; info
التفاسير:

external-link copy
53 : 22

لِّيَجۡعَلَ مَا يُلۡقِي ٱلشَّيۡطَٰنُ فِتۡنَةٗ لِّلَّذِينَ فِي قُلُوبِهِم مَّرَضٞ وَٱلۡقَاسِيَةِ قُلُوبُهُمۡۗ وَإِنَّ ٱلظَّٰلِمِينَ لَفِي شِقَاقِۭ بَعِيدٖ

Iryo teramazinda rya shetani rero, riba kugira Imana Allah Irigire ikigeragezo ku bantu bafise indwara y’uburyarya mu mutima, no ku barangwa n’agatimatare mu babangikanyamana batigera bikebuka. Mu vy’ukuri, abirenganije mw'ibangikanyamana, barangwa n’urwanko rwo guca kubiri n’Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo, urwanko ruri kure cane y’ukuri; info
التفاسير:

external-link copy
54 : 22

وَلِيَعۡلَمَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡعِلۡمَ أَنَّهُ ٱلۡحَقُّ مِن رَّبِّكَ فَيُؤۡمِنُواْ بِهِۦ فَتُخۡبِتَ لَهُۥ قُلُوبُهُمۡۗ وَإِنَّ ٱللَّهَ لَهَادِ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِلَىٰ صِرَٰطٖ مُّسۡتَقِيمٖ

No kugira ngo abahawe ubumenyi, bamenye ko Qor’ani ari kwo kuri kudahinyuzwa kuva ku Mana yawe Rurema Allah, maze bayemere ata gushidikanya, baheze bicishe bugufi kuri Yo. Mu vy’ukuri, nta nkeka ko Imana Allah Irongora abayemeye bakemera n’Intumwa yayo mu nzira yayo igororotse y’ubwislamu. info
التفاسير:

external-link copy
55 : 22

وَلَا يَزَالُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فِي مِرۡيَةٖ مِّنۡهُ حَتَّىٰ تَأۡتِيَهُمُ ٱلسَّاعَةُ بَغۡتَةً أَوۡ يَأۡتِيَهُمۡ عَذَابُ يَوۡمٍ عَقِيمٍ

Abagararije bagahakana Imana Allah bivuye inyuma, ntibahengeshanya kugumana amazinda kuri Qor’ani kugera bashikiwe giturumbuka n’umuhero w’isi bagihakana, canke bashikiwe n’ibihano ku musi utazoberera namba, ukaba ari wo musi w’izuka; info
التفاسير: