وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - وەرگێڕاوی كیروندی - یوسف غهيتی

ژمارەی پەڕە:close

external-link copy
65 : 22

أَلَمۡ تَرَ أَنَّ ٱللَّهَ سَخَّرَ لَكُم مَّا فِي ٱلۡأَرۡضِ وَٱلۡفُلۡكَ تَجۡرِي فِي ٱلۡبَحۡرِ بِأَمۡرِهِۦ وَيُمۡسِكُ ٱلسَّمَآءَ أَن تَقَعَ عَلَى ٱلۡأَرۡضِ إِلَّا بِإِذۡنِهِۦٓۚ إِنَّ ٱللَّهَ بِٱلنَّاسِ لَرَءُوفٞ رَّحِيمٞ

Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwabonye ko Imana Allah Yabashoboje kwikora ku biri mw’isi[12], Ikabashoboza no kugendera mu bwato bureremba mu mazi mw’ibahari ku bushobozi n'ububasha vyayo[13], Ikagumya n’ijuru kugira ntirigwe kw’isi ngo ribahonye kiretse ku bubasha bwayo! Mu vy’ukuri, nta nkeka ko Imana Allah ku bantu, ari Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info

[12] Ibinyabuzima bigendagenda kuri yo, ibitungwa, ivyimeza, ibiterwa, ivyamwa n’imboga, n’ibindi; hamwe rero n’ibitari ibinyabuzima. Ivyo vyose rero Ikaba Yabiremye ku neza yanyu.
[13] Maze nya bwato bukabunguruza mwebwe hamwe n’ivyo mutwaye, bukabashikana aho hose mushaka.

التفاسير:

external-link copy
66 : 22

وَهُوَ ٱلَّذِيٓ أَحۡيَاكُمۡ ثُمَّ يُمِيتُكُمۡ ثُمَّ يُحۡيِيكُمۡۗ إِنَّ ٱلۡإِنسَٰنَ لَكَفُورٞ

Ni na Yo Yabahaye ubuzima mu kubarema ata co Ifatiyeko, hanyuma Ibaka nya buzima hageze gupfa, mu nyuma Izobasubiza ubuzima ku musi w’izuka, muheze muzuke kugira muharurirwe ku vyo mwakoze. Mu vy’ukuri, nta nkeka ko umuntu yama yagararije mu guhakana yivuye inyuma ivyemezo vyerekana ubushobozi, ububasha n’isengwa vy’Imana Imwe Rudende Allah. info
التفاسير:

external-link copy
67 : 22

لِّكُلِّ أُمَّةٖ جَعَلۡنَا مَنسَكًا هُمۡ نَاسِكُوهُۖ فَلَا يُنَٰزِعُنَّكَ فِي ٱلۡأَمۡرِۚ وَٱدۡعُ إِلَىٰ رَبِّكَۖ إِنَّكَ لَعَلَىٰ هُدٗى مُّسۡتَقِيمٖ

Umugwi wose mu migwi y’ab’aho hambere rero, Twebwe Allah Twawushingiye amabwirizwa n’uburyo bw’igamburukiramana wategerezwa kwubahiriza. Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, ababangikanyamana ntibakakwiganzeko ku mabwirizwa wahawe, no mu bikorwa vyawe vy’igamburukiramana Twagushingiye. Shishikara nyabuna kurarikira abantu isengwa ry’Imana yawe Rurema Allah n’iy’ubahirizwa ry’amabwirizwa yayo, mu vy’ukuri nta nkeka ko wewe uri ku burongozi bw’idini rigororotse. info
التفاسير:

external-link copy
68 : 22

وَإِن جَٰدَلُوكَ فَقُلِ ٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِمَا تَعۡمَلُونَ

Abagarariji nibaguma baguhaririza ku vyo ubararikira kwubahiriza, ntuzoje mu mpari namba, uraheza ubabwire uti: “Imana Allah Irazi neza ivyo mukora mu ntumbero yo gutsimbatara kw’igarariza; info
التفاسير:

external-link copy
69 : 22

ٱللَّهُ يَحۡكُمُ بَيۡنَكُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ فِيمَا كُنتُمۡ فِيهِ تَخۡتَلِفُونَ

Imana Allah, ku musi w’izuka, Izoheza Ibacire urutunganye rugaragaza ukuri hagati y’abemeramana n’abagarariji ku vyo mwahora muhazanako mw’idini[14]". info

[14] Iyi Aayah yigisha urupfasoni rwo kwishura uwuharira mu ntumbero yo gutebura no kugarariza.

التفاسير:

external-link copy
70 : 22

أَلَمۡ تَعۡلَمۡ أَنَّ ٱللَّهَ يَعۡلَمُ مَا فِي ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِۚ إِنَّ ذَٰلِكَ فِي كِتَٰبٍۚ إِنَّ ذَٰلِكَ عَلَى ٱللَّهِ يَسِيرٞ

Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye ko Imana Allah Izi neza ibiri mw’ijuru no mw’isi! Mu vy’ukuri, ubumenyi bw’ivyo vyose bwanditswe mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo "Lawhu Mahfuudhw". Mu vy’ukuri, ubumenyi bw’ivyo vyose rero buroroshe ku Mana Allah nta kiyisoba. info
التفاسير:

external-link copy
71 : 22

وَيَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ مَا لَمۡ يُنَزِّلۡ بِهِۦ سُلۡطَٰنٗا وَمَا لَيۡسَ لَهُم بِهِۦ عِلۡمٞۗ وَمَا لِلظَّٰلِمِينَ مِن نَّصِيرٖ

Abagarariji babandanya kubangikanya Imana Allah, mu gusenga mu gishingo cayo ibigirwamana, ata na hamwe Imana Allah Yigeze Imanura mu Gitabu icemeza c’uko nya bigirwamana bikwiye gusengwa, eka nta n’ubumenyi bafise bwokwemeza isengwa ryavyo, kuko bapfuye gusa gukurikira ivyo ba se basenga. Burya abirenganya mw’ibangikanyamana, nta mutabazi bazoronka mu buzima bw’inyuma yo gupfa, azobakingira ibihano canke ngo abarwaneko. info
التفاسير:

external-link copy
72 : 22

وَإِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتُنَا بَيِّنَٰتٖ تَعۡرِفُ فِي وُجُوهِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ ٱلۡمُنكَرَۖ يَكَادُونَ يَسۡطُونَ بِٱلَّذِينَ يَتۡلُونَ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتِنَاۗ قُلۡ أَفَأُنَبِّئُكُم بِشَرّٖ مِّن ذَٰلِكُمُۚ ٱلنَّارُ وَعَدَهَا ٱللَّهُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْۖ وَبِئۡسَ ٱلۡمَصِيرُ

N’iyo abagarariji basomewe Aayah zacu za Qor’ani, ushoka ubona banyinyiriwe n’ishavu n’akantu mu maso, bagahakwa gusimbira ku bemeramana babararikira ukwemera Imana Imwe Rudende Allah bakanabasomera nya Aayah zacu. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Mbega ndabiganire inkuru yobashavuza gusumba ukuntu mushavuzwa n’isomwa rya Aayah za Qor’ani n’irarika ry’abemeramana! Ni umuriro Imana Allah Yasezeraniye abagarariji mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni na yo maherezo mabi cane”. info
التفاسير: