Ni gute mworekurirwa kuyihako kandi mwaramaze kwihererana na bo mu kurangura amabanga y’abubatse, kandi na bo nyene bakaba baramaze kubaha isezerano riremereye ryo kubana ku neza canke kwahukana ku neza!
Kiranazira kuri mwebwe kwabira mu bakenyezi, uwigeze kwabirwa na ba so, kiretse ku vyabaye imbere yuko muba abislamu. Burya ukwabira abakenyezi bigeze kwabirwa na ba so, ni icaha kibi cane c’agahomerabunwa, kiranashavuza Imana Allah, ni n’inzira n’inyifato mbi.
Haraziririjwe kuri mwebwe kwabira mu bakenyezi, ba nyoko na ba nyokuru bo ku ruhande rwa ba so canke rwa ba nyoko; abakobwa banyu n’abuzukuru b’abakobwa b’abana banyu kubandanya umanuka; bashikanyu musangiye abavyeyi bompi canke umwe muri bo; ba senge na bashiki ba sokuru banyu; ba nyokwanyu na ba nyokuru banyu; abakobwanyu; abishwanyu n’abakobwa babo; ba nyoko b’ibere; bashikanyu b’ibere[3], ba nyokobukwe [4], abakobwa b’abakenyezi banyu bavutse ku bandi bagabo barererwa kenshi iwanyu[5], mu gihe mwoba mwaramaze guhuza ibitsina mu kurangurana na ba nyina babo amabanga y’abubatse, mu gihe mwoba mutari bwayarangurane hanyuma mukahukana na bo canke bagapfa, aho nta kabi kuri mwebwe kari mu kwabira nya bakobwa; abakazana banyu bashingiwe abahungu mwibarutse canke abonkejwe n’abakenyezi banyu, mu gihe boba barashingiwe gusa, n’aho boba bataranguranye amabanga y’abubatse; kwabira umugore hamwe n’uwo bavukana basangiye amaraso canke bonse rimwe[6], kiretse ku vyabaye imbere yuko muba abislamu. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
[3] Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaraziririje ku bonse rimwe ibisanzwe bizira ku bavukana basangiye amaraso. [4] Mwaba mumaze kurangurana amabanga y’abubatse n’abakobwa babo canke mutarayarangurana. [5] Kiranazira kubabira n’aho boba batarerewe iwanyu. [6] Kirazira kandi mu migenzo y’intumwa kwabira umugore hamwe na inasenge canke na nyinabo.