Emwe bahawe Igitabu c’Injili! Ntimukarenze urugero rw’ukwemera mw’idini ryanyu, kandi ntimukavuge ku vyerekeye Imana Allah, kiretse ukuri mu kutayomekera umugore canke umwana. Ni ukuri, Masihi Isa mwene Mariyamu, ni Intumwa y’Imana Allah vy’ukuri, si imana, si n’umwana w’Imana, yamuremye kw’ijambo ryayo Yarungikanye umumalayika Jibrili kwa Mariyamu Iti: “Ba”, maze bica biba ukwo, rikaba ari na ryo nkomoko y’ubuzima “Roho” yavuye ku Mana Allah, maze ku bushobozi bwayo, Jibrili ayihuhira muri Mariyamu, Isa aca aba ikiremwa gikwiye. Nimwemere rero ko Imana Allah ari Imwe Rudende mwicishe bugufi kuri Yo, mwemere n’Intumwa zayo mu vyo zabashikirije muheze muvyubahirize, kandi ntimukabangikanye Imana Allah na Isa hamwe na nyina ngo muvyite ubutatu bweranda. Nimusige aho! Nimuteshwe mute kw’iyo mvugo, bizoba ari vyo vyiza cane gusumba kuri mwebwe. Ni ukuri, Allah ni Imana Imwe Rudende, ininahazwa ni iryayo, ntikitirirwe umwana! Imana Allah ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo, burya Imana Allah Irakwiye kuba ari Yo Muhagarikizi Atunganya ubuzima n’uburyo bwo kubeshaho ibiremwa.
Masihi Isa, ntarota namba yanka kuba umuja w’Imana Allah, kira noneho n’abamalayika batonye ku Mana Allah, ntibarota banka kwemanga isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah. Uwo wese rero muri bo, yorota yanka kwiyegereza Imana Allah mu vyo akora vyose, akanagira amanyama mu kutayisenga ari Imwe Rudende, nta nkeka ko Imana Allah Izobegeraniriza iwayo bose ku musi w’izuka, Iheze Ibacire urugororotse, Ihembere umwe wese ico yakoze.
Abemeye rero Imana Allah bakanakora n’ivyiza bitegetswe, Imana Allah Izobatunganiriza bikwiye impembo y’ivyo bakoze, Iteko Ibongerereko mu mpano zayo. Nayo abanse kwumvira Imana Allah bakanagira amanyama mu kutayisenga ari Imwe Rudende, Imana Allah Izobaha ibihano bibabaza, nta n’umuhagarikizi bazoronka atari Imana Allah abakura mu bihano, eka nta n’umutabazi bazoronka abibakingira.