Hiyongeyeko ivyo bavuze ku gasuzuguro bihaya bati: “Mu vy’ukuri, twarishe Masihi Isa mwene Mariyamu, Intumwa y’Imana Allah!”. Banguha! Eka ntibigeze bamwica, eka mbere ntibigeze banamubamba ku musaraba, ahubwo babamvye umuntu yambitswe n’Imana Allah, ishusho ryiwe, baraheza bibaza ko ari we Isa. Mu vy’ukuri, abahazana [24] ku ngingo yo kwicwa kwiwe, barafise amakenga ko bamwishe koko, nta n’ubumenyi babifiseko kiretse ugukekeranya gusa. Kira noneho ntibigeze bamwica;
[24] Bamwe muri bo bavuga bati: “Ni we yishwe”. Abandi na bo bati: “Si we yishwe”.
Ahubwo Imana Allah Yarareruye iwayo Intumwa Isa wese muzima adora, gutyo Imukiza abagarariji. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Twaraziririje ku bayahudi ivyiza mu mfungurwa zari ziziruye kuri bo, bitewe n’ukwirenganya kwabo mu gukora ivyaha rutura, no kuburagiza abantu kenshi ko bakurikira idini ry’Imana Allah rigororotse;