Nta neza iri mu biyago abantu bagirira mu bwongoshwe, kiretse mu gihe nya biyago vyoba bitegeka gutanga imperezwa, canke gukora iciza, canke kunywanisha abatase mu bantu. Uwo wese rero azogira ico akoze muri ivyo, arondera indishi no gushimwa n’Imana Allah, namenye ko Twebwe Allah Tuzoheza Tukamuha indishi ihambaye kandi ishimishije.
Mu vy’ukuri, Imana Allah ntigumiriza akabanga ngo Ibabarire icaha co kuyibangikanya n’ikintu na kimwe mu biremwa, canke kuyigarariza mu buryo ubwo ari bwo bwose buciye kubiri n’ukwemera, mu gihe uwagikoze yopfa atarigaya. Imana Allah Igumiriza akabanga, Ikababarira ibindi vyaha n’ibicumuro bitari ivyo ku wo Ishatse mu biremwa. Uwo wese rero abangikanije Imana Allah n’ikindi kintu, aba yahuvye uguhuba kuri kure cane y’ukuri.
Ababangikanyamana ntibiyegereza mu vyo bakora mu gusenga ibitari Imana Allah, kiretse ibigirwamana ata co vyungura uwubisenga, ata n’ico vyicira uwuretse kubisenga, burya ntibasenga kiretse shetani yagararije Imana Allah ikimonogoza;