Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - Ibisobanuro bya Qur'an mu rurimi rw'ikinyarwanda - Yusuf Ghayiti

numero y'urupapuro:close

external-link copy
32 : 5

مِنۡ أَجۡلِ ذَٰلِكَ كَتَبۡنَا عَلَىٰ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ أَنَّهُۥ مَن قَتَلَ نَفۡسَۢا بِغَيۡرِ نَفۡسٍ أَوۡ فَسَادٖ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَكَأَنَّمَا قَتَلَ ٱلنَّاسَ جَمِيعٗا وَمَنۡ أَحۡيَاهَا فَكَأَنَّمَآ أَحۡيَا ٱلنَّاسَ جَمِيعٗاۚ وَلَقَدۡ جَآءَتۡهُمۡ رُسُلُنَا بِٱلۡبَيِّنَٰتِ ثُمَّ إِنَّ كَثِيرٗا مِّنۡهُم بَعۡدَ ذَٰلِكَ فِي ٱلۡأَرۡضِ لَمُسۡرِفُونَ

Ku kubera ico caha co kwica rero, Twategetse Bene Israyeli, ko uwishe umuntu ku karenganyo atari ku mvo yo kwihora canke guhana igenzwa n’ubwononyi kw’isi[13], ahabwa igihano gikaze nk’aho yoba yishe abantu bose; n’uko uwubungabunze ubuzima bw’umuntu, Imana Allah Yaziririje ko yicirwa ubusa, ahabwa indishi ihambaye nk’aho yoba yabungabunze ubuzima bw’abantu bose[14]. Ni ukuri, Bene Israyeli baramaze gushikirwa n’Intumwa zacu, zibangikanije n’ivyemezo vyerekana ukuri kw’ukwemera Imana Allah no kwubahiriza amabwirizwa yayo. Inyuma yo gushikirwa n’izo Ntumwa rero, abenshi muri bo barimonogoza kw’isi mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. info

[13] Nk’ibangikanyamana, ukwambura ivya murundi hakoreshejwe ibirwanisho.
[14] Ukubungabunga ubuzima bw’umuntu umwe ntiyicirwe ubusa, ni wo mushinge wo kubungabunga ubuzima bw’abantu bose no kwubahiriza agateka kabo. Kukaba nkako, burya ukwicira umuntu ubusa ata camira, ni yo ntango yo kurendegera mu kwicira ubusa abantu bose.

التفاسير:

external-link copy
33 : 5

إِنَّمَا جَزَٰٓؤُاْ ٱلَّذِينَ يُحَارِبُونَ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ وَيَسۡعَوۡنَ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَسَادًا أَن يُقَتَّلُوٓاْ أَوۡ يُصَلَّبُوٓاْ أَوۡ تُقَطَّعَ أَيۡدِيهِمۡ وَأَرۡجُلُهُم مِّنۡ خِلَٰفٍ أَوۡ يُنفَوۡاْ مِنَ ٱلۡأَرۡضِۚ ذَٰلِكَ لَهُمۡ خِزۡيٞ فِي ٱلدُّنۡيَاۖ وَلَهُمۡ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ عَذَابٌ عَظِيمٌ

Ni ukuri, indishi yagenewe abarwanya Imana Allah n’Intumwa yayo, mu kurenga ku mabwirizwa yayo n’inyigisho z’intumwa, bagaheza bakagenzwa n’ubwononyi kw’isi mu kwicira abantu ubusa, bakanabambura ivyabo, ni uko bokwicwa; canke bakabambwa hamwe no kwicwa; canke bagacibwa amaboko yabo y’iburyo n’amaguru yabo y’ibubamfu; basubira bagacibwa amaboko yabo y’ibubamfu n’amaguru yabo y’iburyo; canke bakomorerwa mu kindi gihugu kitari ic’amavukiro; canke bagatabwa mw’ibohero ryo muri ico gihugu bakoreyemwo icaha gushika bigaye. Iyo ndishi rero, ni co gihano cabo gisuzuguza kw’isi, baranategekanirijwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa ibihano bihambaye; info
التفاسير:

external-link copy
34 : 5

إِلَّا ٱلَّذِينَ تَابُواْ مِن قَبۡلِ أَن تَقۡدِرُواْ عَلَيۡهِمۡۖ فَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٞ

Ariko rero, abazokwigaya muri bo bakishikana imbere yuko mubafata, muramenya ko ibihano bategekanirijwe ku Mana Allah bizohanagurwa. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info
التفاسير:

external-link copy
35 : 5

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَٱبۡتَغُوٓاْ إِلَيۡهِ ٱلۡوَسِيلَةَ وَجَٰهِدُواْ فِي سَبِيلِهِۦ لَعَلَّكُمۡ تُفۡلِحُونَ

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, muheze muyiyegereze mu kuyumvira no mu gukora ibiyishimisha, maze muharanire n’idini ryayo kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير:

external-link copy
36 : 5

إِنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَوۡ أَنَّ لَهُم مَّا فِي ٱلۡأَرۡضِ جَمِيعٗا وَمِثۡلَهُۥ مَعَهُۥ لِيَفۡتَدُواْ بِهِۦ مِنۡ عَذَابِ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ مَا تُقُبِّلَ مِنۡهُمۡۖ وَلَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ

Mu vy’ukuri, abagararije mu guhakana bivuye inyuma ko Imana Allah ari Imwe Rudende, vyoshika bakaba bagaba ibiri kw’isi vyose, hiyongeyeko n’ibingana na vyo, bagashaka gutanga ivyo bagaba vyose kugira bigombore mu bihano vyo ku musi w’izuka, Imana Allah ntiyokwemeye ivyigombozo vyabo, mbere baranategekanirijwe ibihano bibabaza; info
التفاسير: