Ni ukuri abavuze ko Imana Allah mu vy’ukuri ari we Masihi mwene Mariyamu, baramaze kugarariza, kuko Masihi ubwiwe yabwiye Bene Israyeli ati: “Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende, ni Yo Mana yanje Ikaba n’Imana yanyu Rurema. Mu vy’ukuri, uwo wese azobangikanya Imana Allah n’ikindi kintu, ni ukuri Imana Allah Yaraziririje ko yoja mu Bwami bw’ijuru, ubushikiro bwiwe ni mu muriro. Abirenganije mw’ibangikanyamana ntibazoronka n’umwe abatabara mu bihano”.
Ni ukuri, abavuze ko Imana Allah mu vy’ukuri ari imwe mu butatu bweranda[23], baramaze kugarariza. Mbega none ntibazi ko abantu ata yindi mana bafise, atari Imana Imwe Rudende Allah, Itavyaye kandi Itavyawe! Ntiboteshwa ngo bate, bakavavanura n’ivyo bavuga! Ni ukuri bazokorwako n’ibihano bibabaza;
[23] Ubutatu bweranda, bugizwe n’umukama w’imana zitatu ari zo, data, mwana na mutimamweranda. Ijambo “umukama” rero, kizira ku mwislamu kurikoresha nk’izina ry’Imana Allah, kuko ng’aha risigura ubutatu bweranda, iryo na ryo ni ibangikanyamana.
Mbega ntibogaruka ku Mana Allah bakigaya ku vyo bavuga, bakanayisaba imbabazi! Burya Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Burya rero Masihi mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) si ikindi, kiretse ko ari Intumwa nk’izindi zarungitswe n’Imana Allah aho hambere; na nyina wiwe yari imvugakuri yemera vy’ukuri, Masihi hamwe na nyina barihereza imfungurwa nk’ibindi biremwa, mu gihe ata mana y’ukuri ikenera kubeshwaho n’imfungurwa. Ntumwa y’Imana! Ehe raba na we ukuntu Tubatomorera ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, ntibaheze ngo bave mu muzimagiza w’ubuhuvyi! Hanyuma urabe n’ukuntu bagarariza ukuri kandi baramaze kukumenya, maze bakareka kwemera no gusenga Imana Allah Yaremye batayibangikanya!
Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mbega mubangikanya Imana Allah mu gusenga ibigirwamana ata co bibatwara mu gihe mworeka kubisenga, ata n’ico bibungura mu gihe mwobisenga! Burya rero Imana Allah ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi n’ivyo muhisha mu mishaha yanyu”.