Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - Ibisobanuro bya Qur'an mu rurimi rw'ikinyarwanda - Yusuf Ghayiti

numero y'urupapuro:close

external-link copy
104 : 5

وَإِذَا قِيلَ لَهُمۡ تَعَالَوۡاْ إِلَىٰ مَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ وَإِلَى ٱلرَّسُولِ قَالُواْ حَسۡبُنَا مَا وَجَدۡنَا عَلَيۡهِ ءَابَآءَنَآۚ أَوَلَوۡ كَانَ ءَابَآؤُهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ شَيۡـٔٗا وَلَا يَهۡتَدُونَ

Abaziririza ibitaziririjwe n’Imana Allah, iyo babwiwe bati: “Enda nyabuna nimuze ku vyamanuwe n’Imana Allah no ku nyigisho z’Intumwa yayo kugira mumenye ikizira n’ikirekuwe”; bishura bati: “Ivyo twarazwe n’abavyeyi bacu birahagije”. Mbega bavuga ivyo, n’aho abavyeyi babo boba ata na kimwe batahura, batanashobora no gutumbera inzira igororotse! info
التفاسير:

external-link copy
105 : 5

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ عَلَيۡكُمۡ أَنفُسَكُمۡۖ لَا يَضُرُّكُم مَّن ضَلَّ إِذَا ٱهۡتَدَيۡتُمۡۚ إِلَى ٱللَّهِ مَرۡجِعُكُمۡ جَمِيعٗا فَيُنَبِّئُكُم بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwitwararike kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, n’aho abantu batobumvira. Abahuvye inzira, nta co bazobicira mu gihe mwoguma mu nzira igororotse, mugategeka gukora ivyiza, mukabuza no gukora ibibi. Impera n’imperuka, mwese muzosubira ku Mana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira Ibamenyeshe ivyo mwakoze Inabibahembere. info
التفاسير:

external-link copy
106 : 5

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ شَهَٰدَةُ بَيۡنِكُمۡ إِذَا حَضَرَ أَحَدَكُمُ ٱلۡمَوۡتُ حِينَ ٱلۡوَصِيَّةِ ٱثۡنَانِ ذَوَا عَدۡلٖ مِّنكُمۡ أَوۡ ءَاخَرَانِ مِنۡ غَيۡرِكُمۡ إِنۡ أَنتُمۡ ضَرَبۡتُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَأَصَٰبَتۡكُم مُّصِيبَةُ ٱلۡمَوۡتِۚ تَحۡبِسُونَهُمَا مِنۢ بَعۡدِ ٱلصَّلَوٰةِ فَيُقۡسِمَانِ بِٱللَّهِ إِنِ ٱرۡتَبۡتُمۡ لَا نَشۡتَرِي بِهِۦ ثَمَنٗا وَلَوۡ كَانَ ذَا قُرۡبَىٰ وَلَا نَكۡتُمُ شَهَٰدَةَ ٱللَّهِ إِنَّآ إِذٗا لَّمِنَ ٱلۡأٓثِمِينَ

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ukwemeza iragi ry’uwuri ku mpfiro muri mwebwe, gusaba ivyabona bibiri vy’intungane muri mwebwe, canke ivyabona bibiri mu batari abislamu mu gihe hatoboneka abislamu, maze bikababera ivyabona mu kwemeza nya ragi igihe hogira uwushikirwa n’urupfu ari ku rugendo. Ivyo vyabona rero, nimwabigirako amakenga, muraheza mubihagurutse inyuma yo gusenga, canecane isengesho ryo ku muhingamo, biheze birahire kw’Izina ry’Imana Allah mu kwemeza iryo ragi, biti: “Turarahiye ko tutarota twakira igiturire mu kuba ivyabona n’aho twobera ivyabona uwo dusangiye umuryango; n’uko tutazonyegeza na kimwe mu kuri tuzi, tukaba ivyabona vy’ukuri ku bw’Imana Allah; nitwaramuka turenze kuri iyi ndahiro, tuzoba turi mu bacumuye”. info
التفاسير:

external-link copy
107 : 5

فَإِنۡ عُثِرَ عَلَىٰٓ أَنَّهُمَا ٱسۡتَحَقَّآ إِثۡمٗا فَـَٔاخَرَانِ يَقُومَانِ مَقَامَهُمَا مِنَ ٱلَّذِينَ ٱسۡتَحَقَّ عَلَيۡهِمُ ٱلۡأَوۡلَيَٰنِ فَيُقۡسِمَانِ بِٱللَّهِ لَشَهَٰدَتُنَآ أَحَقُّ مِن شَهَٰدَتِهِمَا وَمَا ٱعۡتَدَيۡنَآ إِنَّآ إِذٗا لَّمِنَ ٱلظَّٰلِمِينَ

Abasigwa b’umuhisi, nibamenya ko ivyo vyabona bikwiye kwagirizwa icaha co guhemuka mu kutaba ivyabona vy’ukuri canke mu kutemeza iragi nk’uko riri, muraheza muhagurutse ibindi vyabona bibiri mu basigwa b’umuhisi, biheze birahire kw’Izina ry’Imana Allah biti: “Ni ukuri, ivyo twemeza mu kuba ivyabona, ni ivy’ukuri, mbere bikwiye kwemerwa gusumba ivyemejwe n’ivyabona vya mbere, nta kuri twahonyanze mu vyo twemeje; nitwaramuka turenze kuri iyi ndahiro, tuzoba turi mu birenganije mu kurenga amabwirizwa y’Imana Allah”. info
التفاسير:

external-link copy
108 : 5

ذَٰلِكَ أَدۡنَىٰٓ أَن يَأۡتُواْ بِٱلشَّهَٰدَةِ عَلَىٰ وَجۡهِهَآ أَوۡ يَخَافُوٓاْ أَن تُرَدَّ أَيۡمَٰنُۢ بَعۡدَ أَيۡمَٰنِهِمۡۗ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَٱسۡمَعُواْۗ وَٱللَّهُ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلۡفَٰسِقِينَ

Iyo ngingo yo kurahizwa kw’ivyabona yubahirizwa muri ubwo buryo, ni yo ishobora gutuma ivyabona bishikiriza ukuri nk’uko bisabwa ku gutinya ibihano vy’Imana Allah, canke ku gutinya ko indahiro zavyo zosubizwa inyuma nk’indahiro z’aba mbere mu gihe borahira babesha, maze bakamaramara. Nimutinye rero Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo mu ndahiro zanyu, mwongere mwumve n’impanuro muhabwa. Burya Imana Allah ntirongora mu nzira yayo ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo. info
التفاسير: