Tradução dos significados do Nobre Qur’an. - Tradução quirundi - Yusuf Ghahiti

Número de página:close

external-link copy
283 : 2

۞ وَإِن كُنتُمۡ عَلَىٰ سَفَرٖ وَلَمۡ تَجِدُواْ كَاتِبٗا فَرِهَٰنٞ مَّقۡبُوضَةٞۖ فَإِنۡ أَمِنَ بَعۡضُكُم بَعۡضٗا فَلۡيُؤَدِّ ٱلَّذِي ٱؤۡتُمِنَ أَمَٰنَتَهُۥ وَلۡيَتَّقِ ٱللَّهَ رَبَّهُۥۗ وَلَا تَكۡتُمُواْ ٱلشَّهَٰدَةَۚ وَمَن يَكۡتُمۡهَا فَإِنَّهُۥٓ ءَاثِمٞ قَلۡبُهُۥۗ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ عَلِيمٞ

Nimwaba muri ku rugendo mukabura umwanditsi, murahereza uwutanze ingurane ingwati agumana gushika arishwe ingurane yiwe. Nimwizerana, mukaguranana mutarinze kwandika, gutora ivyabona no gusaba ingwati, uwuhawe ingurane araheza rero yishure ingurane yizeweko, maze atinye Imana yiwe Rurema Allah ntahemuke. Niyihindukiza agahemuka naho, hakaba igihe baguranana hari ababona, muraheza mube ivyabona vy’ukuri ntihagire ico muzonyegeza. Uwuzonyegeza ico yabonye azoba ari nyenumutima wuzuye ivyaha, kandi rero Imana Allah ivyo mukora vyose Irabizi, ni Nyenubumenyikurivyose. info
التفاسير:

external-link copy
284 : 2

لِّلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۗ وَإِن تُبۡدُواْ مَا فِيٓ أَنفُسِكُمۡ أَوۡ تُخۡفُوهُ يُحَاسِبۡكُم بِهِ ٱللَّهُۖ فَيَغۡفِرُ لِمَن يَشَآءُ وَيُعَذِّبُ مَن يَشَآءُۗ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٌ

Imana Allah ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo. Muramutse museruye ibiri ku mitima yanyu canke mukabihisha, Imana Allah Izobibaharurako, maze Ibabarire uwo Ishatse, Inahane uwo Ishatse[58]. Imana Allah ni Yo Mushoboravyose. info

[58] Ku mpuhwe z’Imana Allah Yahavuye Ireka guhanira umuntu ico ahishije ku mutima wiwe, mu gihe ataragiserura mu majambo canke mu ngiro.

التفاسير:

external-link copy
285 : 2

ءَامَنَ ٱلرَّسُولُ بِمَآ أُنزِلَ إِلَيۡهِ مِن رَّبِّهِۦ وَٱلۡمُؤۡمِنُونَۚ كُلٌّ ءَامَنَ بِٱللَّهِ وَمَلَٰٓئِكَتِهِۦ وَكُتُبِهِۦ وَرُسُلِهِۦ لَا نُفَرِّقُ بَيۡنَ أَحَدٖ مِّن رُّسُلِهِۦۚ وَقَالُواْ سَمِعۡنَا وَأَطَعۡنَاۖ غُفۡرَانَكَ رَبَّنَا وَإِلَيۡكَ ٱلۡمَصِيرُ

Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaremeye iranizigira ivyo yahishuriwe n’Imana yayo Rurema Allah muri Qor’ani, eka n’abemeramana baravyemeye baranabishira mu ngiro; umwe wese muri bo yaremeye Imana Allah, abamalayika bayo, Ibitabu vyayo n’Intumwa zayo zose, baraheza bavuga bati: “Ntituvangura n’imwe mu kwemera Intumwa zayo”. Barongeye baravuga hamwe n’Intumwa bati: “Twumvise kandi twumviye Imana Allah, turasavye rero imbabazi n’ikigongwe cawe, Mana yacu Rurema! Ni no kuri Wewe rero tuzosubira kugira Uduhembere ivyo twakoze”. info
التفاسير:

external-link copy
286 : 2

لَا يُكَلِّفُ ٱللَّهُ نَفۡسًا إِلَّا وُسۡعَهَاۚ لَهَا مَا كَسَبَتۡ وَعَلَيۡهَا مَا ٱكۡتَسَبَتۡۗ رَبَّنَا لَا تُؤَاخِذۡنَآ إِن نَّسِينَآ أَوۡ أَخۡطَأۡنَاۚ رَبَّنَا وَلَا تَحۡمِلۡ عَلَيۡنَآ إِصۡرٗا كَمَا حَمَلۡتَهُۥ عَلَى ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِنَاۚ رَبَّنَا وَلَا تُحَمِّلۡنَا مَا لَا طَاقَةَ لَنَا بِهِۦۖ وَٱعۡفُ عَنَّا وَٱغۡفِرۡ لَنَا وَٱرۡحَمۡنَآۚ أَنتَ مَوۡلَىٰنَا فَٱنصُرۡنَا عَلَى ٱلۡقَوۡمِ ٱلۡكَٰفِرِينَ

Imana Allah ntitegeka umuntu ibirimwo amananiza, Imutegeka ivyoroshe ashoboye gushira mu ngiro bitewe n’impuhwe Imufitiye. Umwe wese rero azohemberwa ivyiza yarondeye, ahanirwe ibibi yarondeye. Mana yacu Rurema Allah! Ntuduhane mu gihe twibagiye gukora ibitegetswe, mu gihe dukoze ibibujijwe, canke mu gihe dukosheje bitewe no kutamenya. Mana yacu Rurema Allah! Ntuduhe itegeko ririmwo amananiza nk’uko Wategetse ab’aho hambere yacu ku kubahana. Mana yacu Rurema Allah! Ntuturemeke amabwirizwa tudashoboye gushira mu ngiro, duhanagurire ivyaha vyacu, tugumirize akabanga ku vyaha vyacu maze ntubiduhanire, Wongere Utugirire impuhwe n’ubugwaneza. Ni Wewe Umuhagarikizi n’Umutabazi wacu, dushoboze rero gutsinda abantu b’abagarariji. info
التفاسير: