Tradução dos significados do Nobre Qur’an. - Tradução quirundi - Yusuf Ghahiti

Número de página:close

external-link copy
113 : 2

وَقَالَتِ ٱلۡيَهُودُ لَيۡسَتِ ٱلنَّصَٰرَىٰ عَلَىٰ شَيۡءٖ وَقَالَتِ ٱلنَّصَٰرَىٰ لَيۡسَتِ ٱلۡيَهُودُ عَلَىٰ شَيۡءٖ وَهُمۡ يَتۡلُونَ ٱلۡكِتَٰبَۗ كَذَٰلِكَ قَالَ ٱلَّذِينَ لَا يَعۡلَمُونَ مِثۡلَ قَوۡلِهِمۡۚ فَٱللَّهُ يَحۡكُمُ بَيۡنَهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ فِيمَا كَانُواْ فِيهِ يَخۡتَلِفُونَ

Abayahudi n’abanaswara baratanyeko umwikomo, Abayahudi bati: “Abanaswara nta kuri barimwo”. Abanaswara na bo bati: “Abayahudi nta kuri barimwo”. Kandi umugwi wose muri bo usoma Igitabu cawo ko ari ngombwa kwemera Intumwa zose. Ni nk’uko nyene abatagira ubumenyi mu babangikanyamana bavuze ko uwuri mw’idini iryo ari ryo ryose na we nyene ata kuri arimwo, kubera iryo hazana rero hagati yabo. Burya rero Imana Allah ku musi w’izuka, Izoheza Ibacire urutunganye rugaragaza ukuri hagati y’abemeramana n’abagarariji ku vyo bahora bahazanako mw’idini, maze Ihembere umugwi wose ibikwiranye n’ivyo wakoze. info
التفاسير:

external-link copy
114 : 2

وَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّن مَّنَعَ مَسَٰجِدَ ٱللَّهِ أَن يُذۡكَرَ فِيهَا ٱسۡمُهُۥ وَسَعَىٰ فِي خَرَابِهَآۚ أُوْلَٰٓئِكَ مَا كَانَ لَهُمۡ أَن يَدۡخُلُوهَآ إِلَّا خَآئِفِينَۚ لَهُمۡ فِي ٱلدُّنۡيَا خِزۡيٞ وَلَهُمۡ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ عَذَابٌ عَظِيمٞ

Nta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwubuza ko haninahazwa izina ry’Imana Allah mu gusoma Qor’ani no gusengera mu misigiti yayo, akagira uko ashoboye kwose mu kuyisenyura; mu kuyugara canke kubuza abemeramana kuyisengeramwo. Abo rero ntibari kuyinjira kiretse mu gihe batekewe n’ubwoba ku gutinya guhanwa n’Imana Allah. Baragenewe igihano co gusuzugurika kw’isi, kandi bategekanirijwe n’ibihano bihambaye mu buzima bw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير:

external-link copy
115 : 2

وَلِلَّهِ ٱلۡمَشۡرِقُ وَٱلۡمَغۡرِبُۚ فَأَيۡنَمَا تُوَلُّواْ فَثَمَّ وَجۡهُ ٱللَّهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ وَٰسِعٌ عَلِيمٞ

Imana Allah ni Yo Igaba Ikaganza ubuseruko n’uburengero n’ibiri hagati yavyo. Aho ari ho hose mutumbereye kw’itegeko ry’Imana Allah mu gusenga, haba ari bwo butumbero bushimishije Imana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyeningabirano-ntangere, Nyenubumenyikurivyose. info
التفاسير:

external-link copy
116 : 2

وَقَالُواْ ٱتَّخَذَ ٱللَّهُ وَلَدٗاۗ سُبۡحَٰنَهُۥۖ بَل لَّهُۥ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ كُلّٞ لَّهُۥ قَٰنِتُونَ

Abayahudi, abanaswara hamwe n’ababangikanyamana barakanagaye bavuga bati: “Imana Allah Yarigeneye umwana[14]!”. Nininahazwe, ntikitirirwe umwana! Ahubwo ibiri mu majuru no mw’isi vyose ni ibiremwa vyayo, ni Yo Mugabe wavyo, kandi vyose vyicisha bugufi imbere yayo; info

[14] Abayahudi bavuga bati: “Uzayiri ni umwana w’Imana”. Abanaswara na bo bati: “Masihi Isa mwene Mariyamu, ni umwana w’Imana”. Ababangikanyamana na bo bati: "Abamalayika, ni abakobwa b'Imana Allah".

التفاسير:

external-link copy
117 : 2

بَدِيعُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ وَإِذَا قَضَىٰٓ أَمۡرٗا فَإِنَّمَا يَقُولُ لَهُۥ كُن فَيَكُونُ

Ni Yo Muremyi w’amajuru n’isi, n’iyo Ishatse gutegeka ko ikintu ico ari co cose kiba, Ikibwira gusa Iti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene. info
التفاسير:

external-link copy
118 : 2

وَقَالَ ٱلَّذِينَ لَا يَعۡلَمُونَ لَوۡلَا يُكَلِّمُنَا ٱللَّهُ أَوۡ تَأۡتِينَآ ءَايَةٞۗ كَذَٰلِكَ قَالَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِم مِّثۡلَ قَوۡلِهِمۡۘ تَشَٰبَهَتۡ قُلُوبُهُمۡۗ قَدۡ بَيَّنَّا ٱلۡأٓيَٰتِ لِقَوۡمٖ يُوقِنُونَ

Abatagira ubumenyi mu bahawe Igitabu no mu babangikanyamana babwiye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ku kagagazo, bati: “Ese Imana Allah iyo Ipfuma Ituvugisha Ikatubwira ko wewe uri Intumwa yayo, canke tukaronka igitangaro gifadika kivyemeza!”. Ni nk’uko nyene rero n’abagarariji b’aho hambere babwiye Intumwa barungikiwe kuko imitima yabo bose isusa mu buhakanyi. Mu vy’ukuri, Twaramaze gutomorera neza abemera ata gukekeranya, Aayah n’ivyemezo vyerekana ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa y’Imana. info
التفاسير:

external-link copy
119 : 2

إِنَّآ أَرۡسَلۡنَٰكَ بِٱلۡحَقِّ بَشِيرٗا وَنَذِيرٗاۖ وَلَا تُسۡـَٔلُ عَنۡ أَصۡحَٰبِ ٱلۡجَحِيمِ

Ntumwa y’Imana ! Mu vy’ukuri, Twakurungikanye idini ry’ukuri kugira ushikirize inkuru nziza ihumuriza abemeramana ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, wongere ugabishe abagarariji ku bihano vy’umuriro bibarindiriye. Kandi rero inyuma y’iryo rarikiramana, nta co uzobazwa ku bantu bo mu muriro ururumba. info
التفاسير: