Tradução dos significados do Nobre Qur’an. - Tradução quirundi - Yusuf Ghahiti

Número de página:close

external-link copy
231 : 2

وَإِذَا طَلَّقۡتُمُ ٱلنِّسَآءَ فَبَلَغۡنَ أَجَلَهُنَّ فَأَمۡسِكُوهُنَّ بِمَعۡرُوفٍ أَوۡ سَرِّحُوهُنَّ بِمَعۡرُوفٖۚ وَلَا تُمۡسِكُوهُنَّ ضِرَارٗا لِّتَعۡتَدُواْۚ وَمَن يَفۡعَلۡ ذَٰلِكَ فَقَدۡ ظَلَمَ نَفۡسَهُۥۚ وَلَا تَتَّخِذُوٓاْ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ هُزُوٗاۚ وَٱذۡكُرُواْ نِعۡمَتَ ٱللَّهِ عَلَيۡكُمۡ وَمَآ أَنزَلَ عَلَيۡكُم مِّنَ ٱلۡكِتَٰبِ وَٱلۡحِكۡمَةِ يَعِظُكُم بِهِۦۚ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمٞ

Nimwahukana n’abakenyezi banyu bakarama mu kiringo ca “eda[41]”, nibaba bari mu guheza ico kiringo, murabagumya mushoboye kwubahiriza uburenganzira n’agateka k’abubatse, muheze mubasubirane ku neza, canke mubareke ku neza ico kiringo giheze. Ntimuzohirahire ngo mubagumye mu ntumbero yo kubahohotera mu kutubahiriza uburenganzira n’agateka k’abubatse. Uwuzogira ivyo, azoba yirenganije ku bihano bimurindiriye. Kandi rero ntimukagire Aayah n’ingingo z’Imana Allah itebura n’ifyinata. Muraheza mwibuke inema y’ubwislamu no gutomorerwa ingingo mwahawe n’Imana Allah, mwongere mwibuke kugendera Qor’ani n’imigenzo y’intumwa Yabamanuriye, Ibahanura ko mutobica kubiri. Muraheza rero mutinye Imana Allah mu kuyigamburukira mu vyo mukora, muheze mumenye kandi ko Imana Allah ari Nyenubumenyi ku vyo mukora vyose, kandi Izobibahembera. info

[41] Ukwaramira ukwahukana mu bwislamu, kuri mu bwoko bubiri: hari ukwaramira ukwahukana ubwo gusubirana. Kukaba ari kwo kuvugwa ng'aha aho abahukanye bashobora gusubirana mu gihe bovyipfuza imbere yuko ikiringo gitegekanijwe kirangira. Hakaba rero n'ukwaramira ukwahukana ubutagisubirana n'aho bovyipfuza.

التفاسير:

external-link copy
232 : 2

وَإِذَا طَلَّقۡتُمُ ٱلنِّسَآءَ فَبَلَغۡنَ أَجَلَهُنَّ فَلَا تَعۡضُلُوهُنَّ أَن يَنكِحۡنَ أَزۡوَٰجَهُنَّ إِذَا تَرَٰضَوۡاْ بَيۡنَهُم بِٱلۡمَعۡرُوفِۗ ذَٰلِكَ يُوعَظُ بِهِۦ مَن كَانَ مِنكُمۡ يُؤۡمِنُ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِۗ ذَٰلِكُمۡ أَزۡكَىٰ لَكُمۡ وَأَطۡهَرُۚ وَٱللَّهُ يَعۡلَمُ وَأَنتُمۡ لَا تَعۡلَمُونَ

Nimwahukana n’abakenyezi banyu ubwo gusubirana, maze ikiringo co kwarama ca eda kigahera mutabasubiranye, ntimuzobabuze gusubira kwabirwa bushasha n’abahoze ari abagabo babo nibavyipfuza bakavyumvikana ku neza. Iyo ni impanuro ihabwa uwuzoba muri mwebwe yemera Imana Allah n’umusi w’imperuka. Ukutababuza gusubira kwabirwa, ni co kirimwo imigisha n’indishi nta ngere, hamwe rero n’icubahiro kuri mwebwe. Burya Imana Allah Irazi ibirimwo ineza yanyu mu gihe mwebwe ata vyo muzi. info
التفاسير:

external-link copy
233 : 2

۞ وَٱلۡوَٰلِدَٰتُ يُرۡضِعۡنَ أَوۡلَٰدَهُنَّ حَوۡلَيۡنِ كَامِلَيۡنِۖ لِمَنۡ أَرَادَ أَن يُتِمَّ ٱلرَّضَاعَةَۚ وَعَلَى ٱلۡمَوۡلُودِ لَهُۥ رِزۡقُهُنَّ وَكِسۡوَتُهُنَّ بِٱلۡمَعۡرُوفِۚ لَا تُكَلَّفُ نَفۡسٌ إِلَّا وُسۡعَهَاۚ لَا تُضَآرَّ وَٰلِدَةُۢ بِوَلَدِهَا وَلَا مَوۡلُودٞ لَّهُۥ بِوَلَدِهِۦۚ وَعَلَى ٱلۡوَارِثِ مِثۡلُ ذَٰلِكَۗ فَإِنۡ أَرَادَا فِصَالًا عَن تَرَاضٖ مِّنۡهُمَا وَتَشَاوُرٖ فَلَا جُنَاحَ عَلَيۡهِمَاۗ وَإِنۡ أَرَدتُّمۡ أَن تَسۡتَرۡضِعُوٓاْ أَوۡلَٰدَكُمۡ فَلَا جُنَاحَ عَلَيۡكُمۡ إِذَا سَلَّمۡتُم مَّآ ءَاتَيۡتُم بِٱلۡمَعۡرُوفِۗ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٞ

Abavyeyi[42] basabwa kwonsa abana babo imyaka ibiri ikwiriye ku wushaka kwonsa bikwiye. Muri ico gihe, ba se na bo basabwa gufungurira no kwambika abavyeyi bonsa ku neza hisunzwe ubushobozi bafise, kuko Imana Allah ntitegeka umuntu kiretse ico ashoboye. Umwana ntazobe inyendamuvano yo guhohotera nyina, eka ntazonabe inyendamuvano yo guhohotera se. Uwutorana mu gihe se yahwereye, na we ategetswe kwubahiriza ivyari bitegetswe umuhisi gufungurira no kwambika uwonsa. Mu gihe abo bavyeyi bokenera gucutsa uyo mwana bavyishakiye, bakavyumvikana ku neza y’uwo mwana imbere yuko imyaka ibiri ihera, nta caha kirimwo kuri bo. Nimwashaka naho kumwonkesha ku wundi muvyeyi atari nyina, nta caha kirimwo nimwatekerera nyina mukongera mugahereza uwumwonsa agashimwe ku neza hisunzwe imibereho y’aho hantu. Muraheza rero mutinye Imana Allah mu kuyigamburukira mu vyo mukora vyose, muheze mumenye kandi ko Imana Allah ivyo mukora vyose Ibibona neza, ni Nyenukubona, kandi Izobibahembera. info

[42] Ni mu gihe bahukanye bafise umwana yonka.

التفاسير: