Vertaling van de betekenissen Edele Qur'an - Kirundi vertaling - Yoessoef Gahiti

Pagina nummer:close

external-link copy
55 : 9

فَلَا تُعۡجِبۡكَ أَمۡوَٰلُهُمۡ وَلَآ أَوۡلَٰدُهُمۡۚ إِنَّمَا يُرِيدُ ٱللَّهُ لِيُعَذِّبَهُم بِهَا فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا وَتَزۡهَقَ أَنفُسُهُمۡ وَهُمۡ كَٰفِرُونَ

Muvugishwamana! Kubera ivyo rero, ntugatangazwe n’ubwinshi bw’amatungo n’abana vy’izo ndyarya, ni ukuri Imana Allah Ishaka ko Izigeragereza ku vyo Yazihaye mu buzima bwo kw’isi, gutyo zizosezere isi zikigarariza. info
التفاسير:

external-link copy
56 : 9

وَيَحۡلِفُونَ بِٱللَّهِ إِنَّهُمۡ لَمِنكُمۡ وَمَا هُم مِّنكُمۡ وَلَٰكِنَّهُمۡ قَوۡمٞ يَفۡرَقُونَ

Ziranarahira zikarengwa kw’Izina ry’Imana Allah, zibesha ko mu vy’ukuri ziri kumwe na mwe, kandi zitari muri mwebwe. Ariko rero indyarya ni abantu, iyo batinye barahira ku kwiyorobeka. info
التفاسير:

external-link copy
57 : 9

لَوۡ يَجِدُونَ مَلۡجَـًٔا أَوۡ مَغَٰرَٰتٍ أَوۡ مُدَّخَلٗا لَّوَلَّوۡاْ إِلَيۡهِ وَهُمۡ يَجۡمَحُونَ

Ziramutse zironse ubuhungiro canke inzitiro ntamenwa zohungiramwo, isenga ry’ibuye canke umwobo zonyegeramwo, zogenda nk’umuravyo zikabahunga. info
التفاسير:

external-link copy
58 : 9

وَمِنۡهُم مَّن يَلۡمِزُكَ فِي ٱلصَّدَقَٰتِ فَإِنۡ أُعۡطُواْ مِنۡهَا رَضُواْ وَإِن لَّمۡ يُعۡطَوۡاْ مِنۡهَآ إِذَا هُمۡ يَسۡخَطُونَ

Ntumwa y’Imana! Muri zo, harimwo abakunebagura ukuntu ugabura imperezwa; iyo ziyihaweko, zirashima zigaceceka; iyo naho zitayihaweko na gato, zirashavura zikakugirira umwikomo. info
التفاسير:

external-link copy
59 : 9

وَلَوۡ أَنَّهُمۡ رَضُواْ مَآ ءَاتَىٰهُمُ ٱللَّهُ وَرَسُولُهُۥ وَقَالُواْ حَسۡبُنَا ٱللَّهُ سَيُؤۡتِينَا ٱللَّهُ مِن فَضۡلِهِۦ وَرَسُولُهُۥٓ إِنَّآ إِلَى ٱللَّهِ رَٰغِبُونَ

Iyo zishima ivyo zihawe n’Imana Allah n’Intumwa yayo, zigaheza zikavuga ziti: “Iyikwiye kuduhagararira, ni Imana Allah, Izoheza Iduhe mu mpano zayo, Intumwa yayo na yo nyene izoduha mu vyo yahawe n’Imana Allah, mu vy’ukuri twebwe twipfuza ko Imana Allah Yodukenura”, vyari kuba vyiza cane kuri zo. info
التفاسير:

external-link copy
60 : 9

۞ إِنَّمَا ٱلصَّدَقَٰتُ لِلۡفُقَرَآءِ وَٱلۡمَسَٰكِينِ وَٱلۡعَٰمِلِينَ عَلَيۡهَا وَٱلۡمُؤَلَّفَةِ قُلُوبُهُمۡ وَفِي ٱلرِّقَابِ وَٱلۡغَٰرِمِينَ وَفِي سَبِيلِ ٱللَّهِ وَٱبۡنِ ٱلسَّبِيلِۖ فَرِيضَةٗ مِّنَ ٱللَّهِۗ وَٱللَّهُ عَلِيمٌ حَكِيمٞ

Mu vy’ukuri, ishikanwa-bwirizwa ryagenewe guhabwa aboro[16], abakene[17], abaryegeranya, abakundishwa ubwislamu[18], kubohoza abagurano, kurihira abananiwe kwishura ingurane[19], guharanira idini ry’Imana Allah, hamwe no gufasha uwuri ku rugendo yakehaniwe n’uburyo. Igaburwa ry’iryo shikanwa-bwirizwa ryagenwe n’Imana Allah. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi ibitunganye ku baja bayo, Intungane mu vyo Ikora. info

[16] Ni abatagira shinge na rugero.
[17] Ni abatagira ibibabeshaho bikwiye.
[18] Mu bagarariji biboneka ko bashobora kwinjira ubwislamu, canke bakagira ico bamariye abislamu, canke bakaba ari abislamu bafise ukwemera kugoyagoya, bahabwe kugira batsimbatazwe ku kwemera.
[19] Mu gihe nya ngurane itakoreshejwe mu biciye kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah, canke ngo ikoreshwe mu gusesagura.

التفاسير:

external-link copy
61 : 9

وَمِنۡهُمُ ٱلَّذِينَ يُؤۡذُونَ ٱلنَّبِيَّ وَيَقُولُونَ هُوَ أُذُنٞۚ قُلۡ أُذُنُ خَيۡرٖ لَّكُمۡ يُؤۡمِنُ بِٱللَّهِ وَيُؤۡمِنُ لِلۡمُؤۡمِنِينَ وَرَحۡمَةٞ لِّلَّذِينَ ءَامَنُواْ مِنكُمۡۚ وَٱلَّذِينَ يُؤۡذُونَ رَسُولَ ٱللَّهِ لَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ

Mu ndyarya kandi, harimwo ababangamira Intumwa y’Imana mu majambo bakanavuga ko yumviriza ico ari co cose ibwiwe ikacemera ukwo. Muvugishwamana! Zibwire uti: “Muhamadi ni ugutwi kwumviriza iciza iyo kizanana hose ku neza yanyu; yemera Imana Allah, akemera n’ukuri gushikirijwe n’abemeramana, akaba n’impuhwe ku bemeramana bamukurikiye muri mwebwe”. Burya, ababangamira Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu buryo ubwo ari bwo bwose, barategekanirijwe ibihano bibabaza cane. info
التفاسير: