Vertaling van de betekenissen Edele Qur'an - Kirundi vertaling - Yoessoef Gahiti

At-Tawba

external-link copy
1 : 9

بَرَآءَةٞ مِّنَ ٱللَّهِ وَرَسُولِهِۦٓ إِلَى ٱلَّذِينَ عَٰهَدتُّم مِّنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ

Iri ni ivavanura rishizwe ahabona n’Imana Allah n’Intumwa yayo, ivavanura ryerekeye ihagarikwa ry’amasezerano mwagiraniye n’ababangikanyamana. info
التفاسير:

external-link copy
2 : 9

فَسِيحُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ أَرۡبَعَةَ أَشۡهُرٖ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّكُمۡ غَيۡرُ مُعۡجِزِي ٱللَّهِ وَأَنَّ ٱللَّهَ مُخۡزِي ٱلۡكَٰفِرِينَ

Babangikanyamana! Nimwidegemvye aho mushaka hose kw’isi mu kiringo c’amezi ane, mutekaniwe ata n’uwubakomakoma, kandi mumenye ko mutazonanira Imana Allah ngo mucike ibihano vyayo, munamenye ko Imana Allah Izotetereza abagarariji, bagayike kw’isi, binjizwe no mu muriro mu buzima bw’inyuma yo gupfa[1]. info

[1] Iyi Aayah, yerekeye amasezerano abislamu bari bafitaniye n’ababangikanyamana, na canecane amasezerano yamaho, canke ayafise ikiringo kitagera ku mezi ane boheza bakayubahiriza gushika ku mezi ane, canke amasezerano yadohotsweko n’ababangikanyamana.

التفاسير:

external-link copy
3 : 9

وَأَذَٰنٞ مِّنَ ٱللَّهِ وَرَسُولِهِۦٓ إِلَى ٱلنَّاسِ يَوۡمَ ٱلۡحَجِّ ٱلۡأَكۡبَرِ أَنَّ ٱللَّهَ بَرِيٓءٞ مِّنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ وَرَسُولُهُۥۚ فَإِن تُبۡتُمۡ فَهُوَ خَيۡرٞ لَّكُمۡۖ وَإِن تَوَلَّيۡتُمۡ فَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّكُمۡ غَيۡرُ مُعۡجِزِي ٱللَّهِۗ وَبَشِّرِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِعَذَابٍ أَلِيمٍ

Iri rero, ni itangazo rivuye ku Mana Allah n’Intumwa yayo, rikaba rishikirijwe abantu bose ku musi mukuru w’ishengerera ry’ingoro ntagatifu; ko Imana Allah n’Intumwa yayo bavavanuye n’ababangikanyamana. Babangikanyamana! Nimwigaya mukagaruka ku Mana Allah, bizoba ari vyo vyiza cane kuri mwebwe; nimwagenza umugongo naho, mukanka kwinjira mu bwislamu, muramenya ko mutazonanira Imana Allah ngo mucike ibihano vyayo. Ntumwa y’Imana! Shikiriza rero inkuru y’incamugongo abagararije ubwislamu, ko barindiriwe n’ibihano bibabaza. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 9

إِلَّا ٱلَّذِينَ عَٰهَدتُّم مِّنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ ثُمَّ لَمۡ يَنقُصُوكُمۡ شَيۡـٔٗا وَلَمۡ يُظَٰهِرُواْ عَلَيۡكُمۡ أَحَدٗا فَأَتِمُّوٓاْ إِلَيۡهِمۡ عَهۡدَهُمۡ إِلَىٰ مُدَّتِهِمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ يُحِبُّ ٱلۡمُتَّقِينَ

Ku bafatwa n’iyo ngingo, havuyemwo gusa abo mufitaniye amasezerano afise ikiringo kizwi, bakaba batayadohotseko, batifadikanije n’umwansi mu kubarwanya, abo rero murubahiriza amasezerano mufitaniye gushika ikiringo cayo kirangire. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irakunda abagamburukiramana badahemuka mu kwubahiriza amasezerano. info
التفاسير:

external-link copy
5 : 9

فَإِذَا ٱنسَلَخَ ٱلۡأَشۡهُرُ ٱلۡحُرُمُ فَٱقۡتُلُواْ ٱلۡمُشۡرِكِينَ حَيۡثُ وَجَدتُّمُوهُمۡ وَخُذُوهُمۡ وَٱحۡصُرُوهُمۡ وَٱقۡعُدُواْ لَهُمۡ كُلَّ مَرۡصَدٖۚ فَإِن تَابُواْ وَأَقَامُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتَوُاْ ٱلزَّكَوٰةَ فَخَلُّواْ سَبِيلَهُمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٞ

Ikiringo c’amezi ane matagatifu rero nicarangira, muraheza murwanye ababangikanyamana aho muzobasanga hose, mubafatire n’ibihano vy’ubutunzi, mubategere aho hose baca. Nibaramuka bigaye bakagaruka ku Mana Allah, bagatsimbataza n’amasengesho, bagatanga n’ishikanwa-bwirizwa, muraca mubareka bidegemvye kuko bazoba bamaze kuba benewanyu mu kwemera. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 9

وَإِنۡ أَحَدٞ مِّنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ ٱسۡتَجَارَكَ فَأَجِرۡهُ حَتَّىٰ يَسۡمَعَ كَلَٰمَ ٱللَّهِ ثُمَّ أَبۡلِغۡهُ مَأۡمَنَهُۥۚ ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمۡ قَوۡمٞ لَّا يَعۡلَمُونَ

Ntumwa y’Imana! Nihagira uwugeramirwa mu babangikanyamana, ubuzima n’amatungo vyiwe bigahungabanywa maze akaguhungirako, uramuha ubuhungiro, maze umwakire kugira kamubere akaryo ko kwumva ukuri ku majambo y’Imana Allah ya Qor’ani; hanyuma yipfuje gusubira mu rwiwe, uramushikana mu mahoro n’umutekano nta ngere. Ivyo biri ukwo, kuko ababangikanyamana ari abantu badatahura ukuri ku vyerekeye ubwislamu. info
التفاسير: