[15] Imana Allah Yavuze canecane ibi bihe bibiri, igihe baryamye mw’ijoro n’igihe bari ku mirimo ya misi yose mu gitondo, kuko ibihano bishikira umuntu muri ivyo bihe, bibabaza cane bigatera agahinda.
[16] Ni ibisagara vy’abantu barungikiwe Nuhu, abarungikiwe Huudi, abarungikiwe Swalehe, abarungikiwe Luutwi n’abarungikiwe Shu’ayibu.