Traduzione dei Significati del Sacro Corano - Traduzione kirundi - Yusuf Gahiti

Numero di pagina:close

external-link copy
31 : 7

۞ يَٰبَنِيٓ ءَادَمَ خُذُواْ زِينَتَكُمۡ عِندَ كُلِّ مَسۡجِدٖ وَكُلُواْ وَٱشۡرَبُواْ وَلَا تُسۡرِفُوٓاْۚ إِنَّهُۥ لَا يُحِبُّ ٱلۡمُسۡرِفِينَ

Emwe Bene Adamu! Igihe cose muzoshaka gusenga, murambara inyambarwa zibakwiye, zisukuye, mushaze. Mufungure kandi munywe mu vyiza birekuwe, ariko ntimusesagure mu kurenza urugero. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda abasesagura”. info
التفاسير:

external-link copy
32 : 7

قُلۡ مَنۡ حَرَّمَ زِينَةَ ٱللَّهِ ٱلَّتِيٓ أَخۡرَجَ لِعِبَادِهِۦ وَٱلطَّيِّبَٰتِ مِنَ ٱلرِّزۡقِۚ قُلۡ هِيَ لِلَّذِينَ ءَامَنُواْ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا خَالِصَةٗ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۗ كَذَٰلِكَ نُفَصِّلُ ٱلۡأٓيَٰتِ لِقَوۡمٖ يَعۡلَمُونَ

Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uti: “Ni nde yaziririje ugushaza mu vyambarwa vyiza Imana Allah Yaremeye abaja bayo, akabuza gufungura ivyiza birekuwe mu ngabirano zayo!”. Babwire uti: “Ivyo vyambarwa n’imfungurwa, birekuriwe abemeramana mu buzima bwo kw’isi nk’abandi bose, bikazoba bigenewe abemeramana gusa ku musi w’izuka”. Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah Dutomorera Aayah zacu abantu bazi bagatahura ivyo babwirwa. info
التفاسير:

external-link copy
33 : 7

قُلۡ إِنَّمَا حَرَّمَ رَبِّيَ ٱلۡفَوَٰحِشَ مَا ظَهَرَ مِنۡهَا وَمَا بَطَنَ وَٱلۡإِثۡمَ وَٱلۡبَغۡيَ بِغَيۡرِ ٱلۡحَقِّ وَأَن تُشۡرِكُواْ بِٱللَّهِ مَا لَمۡ يُنَزِّلۡ بِهِۦ سُلۡطَٰنٗا وَأَن تَقُولُواْ عَلَى ٱللَّهِ مَا لَا تَعۡلَمُونَ

Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Yaziririje gukora ivyaha vy’agahomerabunwa[9], ibikorerwa ku mugaragaro n’ibikorerwa mu mpisho; Inaziririza gukora ibicumuro vy’ubwoko bwose, na canecane ukurenganya abantu, kuko guciye kubiri n’ukuri. Yarongeye Iziririza kandi kubangikanya Imana Allah kuko Itigeze Imanura icemezo kibirekura, hamwe rero no kwomekera ku Mana Allah iziririza n’izirura ry'ibintu mutabifitiye ivyemezo vy’ukuri”. info

[9] Nko gusambana kw’umugore n’umugabo canke kw’abasangiye ibitsina, ukwagiriza umuntu ubusambanyi ata cemeza gihari, n’ibindi.

التفاسير:

external-link copy
34 : 7

وَلِكُلِّ أُمَّةٍ أَجَلٞۖ فَإِذَا جَآءَ أَجَلُهُمۡ لَا يَسۡتَأۡخِرُونَ سَاعَةٗ وَلَا يَسۡتَقۡدِمُونَ

Umugwi wose w’abagarariji urafise isango ryo guhanirwako; igihe c’iryo sango ry’igihano kigeze, uwo mugwi ntuzohabwa irindi sango, eka ntirizonasubizwa inyuma ngo uhanwe hataragera. info
التفاسير:

external-link copy
35 : 7

يَٰبَنِيٓ ءَادَمَ إِمَّا يَأۡتِيَنَّكُمۡ رُسُلٞ مِّنكُمۡ يَقُصُّونَ عَلَيۡكُمۡ ءَايَٰتِي فَمَنِ ٱتَّقَىٰ وَأَصۡلَحَ فَلَا خَوۡفٌ عَلَيۡهِمۡ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ

Emwe Bene Adamu! Nimwashikirwa n’Intumwa zanje zirungitswe muri mwebwe, zibasomera Aayah z’Igitabu canje, zikanabatomorera ivyemezo vyerekana ukuri kw’ivyo zibashikiriza, muraheza muzumvire. Abazokwirinda ishavu ryanje bagatunganya ibikorwa vyabo, ntibazogira ubwoba bwo guhanwa ku musi w’izuka, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu y’ivyo basize kw’isi. info
التفاسير:

external-link copy
36 : 7

وَٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَٱسۡتَكۡبَرُواْ عَنۡهَآ أُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ

Abahakanye bivuye inyuma ivyemezo vyacu vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, bakanagira amanyama mu kuvyirengagiza, abo ni bo bantu rero bo mu muriro, bazowubamwo ibihe bidahera. info
التفاسير:

external-link copy
37 : 7

فَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّنِ ٱفۡتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبًا أَوۡ كَذَّبَ بِـَٔايَٰتِهِۦٓۚ أُوْلَٰٓئِكَ يَنَالُهُمۡ نَصِيبُهُم مِّنَ ٱلۡكِتَٰبِۖ حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءَتۡهُمۡ رُسُلُنَا يَتَوَفَّوۡنَهُمۡ قَالُوٓاْ أَيۡنَ مَا كُنتُمۡ تَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِۖ قَالُواْ ضَلُّواْ عَنَّا وَشَهِدُواْ عَلَىٰٓ أَنفُسِهِمۡ أَنَّهُمۡ كَانُواْ كَٰفِرِينَ

Nta n'umwe rero arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah, canke uwuhakana Aayah zayo! Abo ni bo rero bashikirwa n’amahirwe n’amagorwa kw’isi vyanditswe mu Gitabu c’ivyagezwe n'ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfudhw”, gushika igihe bashikiriwe n’Intumwa zacu z’abamalayika bajejwe urupfu[10] kugira zibice, zice zibabaza ziti: “Biri hehe ivyo mwahora musenga mu gishingo c’Imana Allah kugira bibakize intureka z’urupfu?”; bazokwishura bati: “Yoo! Vyamaze kuzimangana”. Muri ico gihe rero, bazoheza bemange ko bahoze kw’isi ari abagarariji mu guhakana bivuye inyuma ko hari Imana Imwe Rudende. info

[10] Barongowe na Malaku l-mawti.

التفاسير: