আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

পৃষ্ঠা নং:close

external-link copy
96 : 7

وَلَوۡ أَنَّ أَهۡلَ ٱلۡقُرَىٰٓ ءَامَنُواْ وَٱتَّقَوۡاْ لَفَتَحۡنَا عَلَيۡهِم بَرَكَٰتٖ مِّنَ ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِ وَلَٰكِن كَذَّبُواْ فَأَخَذۡنَٰهُم بِمَا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ

Iyo abantu bo mu bisagara vyashikiriwe n’ubutumwa bemera Intumwa z’Imana barungikiwe, bakazikurikira, bakanubahiriza n’amabwirizwa y’Imana Allah, ni ukuri Twebwe Allah Twari kubugururira imiryango y’ivyiza bibabeshaho biturutse kw’icuncubuka ry’imvura izananye mu kirere ku gihe, bagaheza bakarima bakimbura, ariko rero barahakanye, Dushoka Tubahanira ivyaha vy'ivyo bari bararondeye kw'isi. info
التفاسير:

external-link copy
97 : 7

أَفَأَمِنَ أَهۡلُ ٱلۡقُرَىٰٓ أَن يَأۡتِيَهُم بَأۡسُنَا بَيَٰتٗا وَهُمۡ نَآئِمُونَ

Mbega abantu bo mu bisagara vyashikiriwe n’ubutumwa, bibaza ko batekaniwe kudahanwa n’Imana Allah, ko batoshikirwa n’ibihano mu gihe baryamye! info
التفاسير:

external-link copy
98 : 7

أَوَأَمِنَ أَهۡلُ ٱلۡقُرَىٰٓ أَن يَأۡتِيَهُم بَأۡسُنَا ضُحٗى وَهُمۡ يَلۡعَبُونَ

Mbega abantu bo mu bisagara bibaza ko batekaniwe kudahanwa n’Imana Allah, batoshikirwa n’ibihano mu gihe bari mu mirimo ya misi yose mu gitondo[15] ata co binona! info

[15] Imana Allah Yavuze canecane ibi bihe bibiri, igihe baryamye mw’ijoro n’igihe bari ku mirimo ya misi yose mu gitondo, kuko ibihano bishikira umuntu muri ivyo bihe, bibabaza cane bigatera agahinda.

التفاسير:

external-link copy
99 : 7

أَفَأَمِنُواْ مَكۡرَ ٱللَّهِۚ فَلَا يَأۡمَنُ مَكۡرَ ٱللَّهِ إِلَّا ٱلۡقَوۡمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ

Mbega abantu bo mu bisagara vyagararije, bibaza ko batekaniwe ku gutenyenya kw’Imana Allah mu kutabahana, Igaheza Ikabandanya kubaronsa inema zayo kugira Ibakwegere mu bihano bukebuke bakiri kw’isi! Burya nta wokwijajara ngo asye bwose ngo aratekaniwe ku kudahanwa n’Imana Allah, kiretse abantu bahomvye ubuzima bwabo. info
التفاسير:

external-link copy
100 : 7

أَوَلَمۡ يَهۡدِ لِلَّذِينَ يَرِثُونَ ٱلۡأَرۡضَ مِنۢ بَعۡدِ أَهۡلِهَآ أَن لَّوۡ نَشَآءُ أَصَبۡنَٰهُم بِذُنُوبِهِمۡۚ وَنَطۡبَعُ عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ فَهُمۡ لَا يَسۡمَعُونَ

Mbega abakurakuranwa kuba kw’isi, inyuma y’ihonywa ry’abakurambere babo bitewe n’ivyaha bakoze, ntibarabona ko iyo Dushaka Twari kubahanira ibicumuro vyabo nk’abo hambere yabo, Tukanatera ikimangu c’ubuhakanyi ku mitima yabo, gutyo ntibashobore kwumva inyigisho ngo zibanyure! info
التفاسير:

external-link copy
101 : 7

تِلۡكَ ٱلۡقُرَىٰ نَقُصُّ عَلَيۡكَ مِنۡ أَنۢبَآئِهَاۚ وَلَقَدۡ جَآءَتۡهُمۡ رُسُلُهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِ فَمَا كَانُواْ لِيُؤۡمِنُواْ بِمَا كَذَّبُواْ مِن قَبۡلُۚ كَذَٰلِكَ يَطۡبَعُ ٱللَّهُ عَلَىٰ قُلُوبِ ٱلۡكَٰفِرِينَ

Ntumwa y’Imana! Ivyo bisagara Tukudondaguriye rero[16], ivyashikiye ababibamwo birimwo urwibutso ku bibuka, harimwo n’igabisha ku ntumva. Ni ukuri, abantu bo muri nya bisagara barashikiriwe n’Intumwa zabo zibangikanije ivyemezo vyerekana ukuri kwazo, ariko ntibigeze bazemera ku kubera ihakana ryabo ry’ukuri bazaniwe. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Yateye ikimangu ku mitima yabo ntibemera - Itera ikimangu ku mitima y’abagararije Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). info

[16] Ni ibisagara vy’abantu barungikiwe Nuhu, abarungikiwe Huudi, abarungikiwe Swalehe, abarungikiwe Luutwi n’abarungikiwe Shu’ayibu.

التفاسير:

external-link copy
102 : 7

وَمَا وَجَدۡنَا لِأَكۡثَرِهِم مِّنۡ عَهۡدٖۖ وَإِن وَجَدۡنَآ أَكۡثَرَهُمۡ لَفَٰسِقِينَ

Abenshi mu bahakanyi bo muri ivyo bisagara, Twasanze ata n’isezerano bubahiriza, kandi twanasanze abenshi muri bo ari ibigaba birenga ku mabwirizwa yacu Twebwe Allah. info
التفاسير:

external-link copy
103 : 7

ثُمَّ بَعَثۡنَا مِنۢ بَعۡدِهِم مُّوسَىٰ بِـَٔايَٰتِنَآ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ وَمَلَإِيْهِۦ فَظَلَمُواْ بِهَاۖ فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُفۡسِدِينَ

Ntumwa y'Imana! Mu nyuma y’izo Ntumwa rero, ni ho kandi Twatuma Musa mwene Amraani, Tumurungikana ivyemezo vyacu bigaragara kwa Firawuni n’abantu biwe, baraheza barirenganya mu kugarariza nya vyemezo. Ehe raba ukuntu Twabahanye, Tukabasomesha nturi bose! Iryo rero, ni ryo herezo ry’abagenzwa n’ubwononyi kw’isi. info
التفاسير:

external-link copy
104 : 7

وَقَالَ مُوسَىٰ يَٰفِرۡعَوۡنُ إِنِّي رَسُولٞ مِّن رَّبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Musa yabwiye Firawuni ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndi Intumwa ivuye ku Mana Rurema, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose. info
التفاسير: