আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

পৃষ্ঠা নং:close

external-link copy
58 : 7

وَٱلۡبَلَدُ ٱلطَّيِّبُ يَخۡرُجُ نَبَاتُهُۥ بِإِذۡنِ رَبِّهِۦۖ وَٱلَّذِي خَبُثَ لَا يَخۡرُجُ إِلَّا نَكِدٗاۚ كَذَٰلِكَ نُصَرِّفُ ٱلۡأٓيَٰتِ لِقَوۡمٖ يَشۡكُرُونَ

Burya isi y’akanovera iyo ironse imvura, ibiterwa vyayo biraheza bigatotahara bikera ku burenganzira bw’Imana yayo Rurema Allah[13]; nayo isi ititutse, ibiterwa vyayo ntivyera kiretse ibihumbwa gusa, naho nyene bigoranye[14]. Ni nk’uko nyene rero - Dutanga uburorero butomoye - Dutanga ivyemezo vy’ubwoko bwose vyerekana ukuri ku bantu bashima inema z’Imana Allah, bagaheza bakayumvira. info

[13] Ni nk’uko nyene rero umwemeramana iyo yumvise Aayah z’Imana Allah, ziramwungura zikamwereka ubuzima bwiza.
[14] Ako, ni akarorero k’umugarariji agira amanyama, n’aho yokwumva Aayah z’Imana Allah nta co zimwungura.

التفاسير:

external-link copy
59 : 7

لَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا نُوحًا إِلَىٰ قَوۡمِهِۦ فَقَالَ يَٰقَوۡمِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ مَا لَكُم مِّنۡ إِلَٰهٍ غَيۡرُهُۥٓ إِنِّيٓ أَخَافُ عَلَيۡكُمۡ عَذَابَ يَوۡمٍ عَظِيمٖ

Ni ukuri, Twebwe Allah Twaratumye Nuhu ku bantu biwe kugira abararikire kwemera Imana Imwe Rudende Allah, baheze bayisenge batayibangikanya, araheza rero ababwira ati: “Bantu banje! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo. Mutabigenjeje ukwo, ndatinya ko mwohabwa ibihano bihambaye ku musi w’izuka”. info
التفاسير:

external-link copy
60 : 7

قَالَ ٱلۡمَلَأُ مِن قَوۡمِهِۦٓ إِنَّا لَنَرَىٰكَ فِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٖ

Abarongoye abandi mu bantu biwe bamwishuye bati: “Twebwe mu vy’ukuri tubona ko wewe uri mu buhuvyi bugaragara”. info
التفاسير:

external-link copy
61 : 7

قَالَ يَٰقَوۡمِ لَيۡسَ بِي ضَلَٰلَةٞ وَلَٰكِنِّي رَسُولٞ مِّن رَّبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Nuhu yababwiye ati: “Bantu banje! Ihibambewe si ndi mu buhuvyi! Ariko jewe ndi Intumwa ivuye ku Mana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose; info
التفاسير:

external-link copy
62 : 7

أُبَلِّغُكُمۡ رِسَٰلَٰتِ رَبِّي وَأَنصَحُ لَكُمۡ وَأَعۡلَمُ مِنَ ٱللَّهِ مَا لَا تَعۡلَمُونَ

Ndabashikiriza ubutumwa Imana yanje Rurema Allah Yandungikanye, nkabahanura ndabagabisha ku bihano vyayo, ndanabashikiriza inkuru nziza y’Ubwami bw’ijuru, kandi ndazi ivyo mutazi mu ngingo z’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
63 : 7

أَوَعَجِبۡتُمۡ أَن جَآءَكُمۡ ذِكۡرٞ مِّن رَّبِّكُمۡ عَلَىٰ رَجُلٖ مِّنكُمۡ لِيُنذِرَكُمۡ وَلِتَتَّقُواْ وَلَعَلَّكُمۡ تُرۡحَمُونَ

Mbega mutangazwa n’uko Imana Allah Yabamanuriye urwibutso ku neza yanyu, Irucishije ku muntu Yahisemwo muri mwebwe, musanzwe muzi inkomoko n’ukuri kwiwe kugira abagabishe ku bihano vyayo muheze muyitinye muyemere, kugira muronke impuhwe zayo”! info
التفاسير:

external-link copy
64 : 7

فَكَذَّبُوهُ فَأَنجَيۡنَٰهُ وَٱلَّذِينَ مَعَهُۥ فِي ٱلۡفُلۡكِ وَأَغۡرَقۡنَا ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَآۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَوۡمًا عَمِينَ

Nuhu rero baramuhakanye bivuye inyuma, Dushoka Tumurokora we hamwe n’abemeramana bari kumwe mu bwato, Turaheza Dusomesha nturi abahakanye ivyemezo vyacu. Mu vy’ukuri, bari abantu imishaha yabo yahumye, ntibabona ukuri. info
التفاسير:

external-link copy
65 : 7

۞ وَإِلَىٰ عَادٍ أَخَاهُمۡ هُودٗاۚ قَالَ يَٰقَوۡمِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ مَا لَكُم مِّنۡ إِلَٰهٍ غَيۡرُهُۥٓۚ أَفَلَا تَتَّقُونَ

Ni ukuri Twebwe Allah, Twaranatumye kuri Bene Aadi mwenewabo Huudi igihe basenga ibishusho mu gishingo c’Imana Allah, araheza ababwira ati: “Bantu banje! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo. Ubwo ntimwotinya ibihano vyayo!”. info
التفاسير:

external-link copy
66 : 7

قَالَ ٱلۡمَلَأُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ مِن قَوۡمِهِۦٓ إِنَّا لَنَرَىٰكَ فِي سَفَاهَةٖ وَإِنَّا لَنَظُنُّكَ مِنَ ٱلۡكَٰذِبِينَ

Abarongoye abagararije mu bantu biwe bamwishuye bati: “Twebwe mu vy’ukuri tubona ko uri umukehabwenge, kandi twiyumvira ko uri no mu babeshi mu vyo ushikiriza ku Mana”. info
التفاسير:

external-link copy
67 : 7

قَالَ يَٰقَوۡمِ لَيۡسَ بِي سَفَاهَةٞ وَلَٰكِنِّي رَسُولٞ مِّن رَّبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Huudi yababwiye ati: “Bantu banje! Ihibambewe si ndi umukehabwenge! Ariko jewe ndi Intumwa ivuye ku Mama Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose. info
التفاسير: