Fassarar Ma'anonin Alqura'ni - Fassarar Kirundiyanci - Yusuf Ghaiti

Al-Ahzaab

external-link copy
1 : 33

يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ ٱتَّقِ ٱللَّهَ وَلَا تُطِعِ ٱلۡكَٰفِرِينَ وَٱلۡمُنَٰفِقِينَۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَلِيمًا حَكِيمٗا

Ewe Muvugishwamana! Shishikara ugamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, kugira ubere akarorero keza abemeramana, kandi ntukumvire abagarariji n’indyarya. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora. info
التفاسير:

external-link copy
2 : 33

وَٱتَّبِعۡ مَا يُوحَىٰٓ إِلَيۡكَ مِن رَّبِّكَۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٗا

Uraheza rero ukurikire ivyo uhishurirwa n’Imana yawe Rurema muri Qor’ani hamwe n’imigenzo myiza. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye Izi ivyo mukora vyose, ni Yo Muhetuziwavyose. info
التفاسير:

external-link copy
3 : 33

وَتَوَكَّلۡ عَلَى ٱللَّهِۚ وَكَفَىٰ بِٱللَّهِ وَكِيلٗا

Ishimikize Imana Allah mu kuyizera mu vyawe vyose unayiture, burya Imana Allah Irakwiye kuba Umuhagarikizi w’uwuyizeye. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 33

مَّا جَعَلَ ٱللَّهُ لِرَجُلٖ مِّن قَلۡبَيۡنِ فِي جَوۡفِهِۦۚ وَمَا جَعَلَ أَزۡوَٰجَكُمُ ٱلَّٰٓـِٔي تُظَٰهِرُونَ مِنۡهُنَّ أُمَّهَٰتِكُمۡۚ وَمَا جَعَلَ أَدۡعِيَآءَكُمۡ أَبۡنَآءَكُمۡۚ ذَٰلِكُمۡ قَوۡلُكُم بِأَفۡوَٰهِكُمۡۖ وَٱللَّهُ يَقُولُ ٱلۡحَقَّ وَهُوَ يَهۡدِي ٱلسَّبِيلَ

Imana Allah, ntiyigeze Ishira mu gikiriza c’umugabo n’umwe imishaha ibiri, kandi ntiyigeze Igira n’abakenyezi banyu muziririza mu ndahiro[1], kuba ba nyoko basanzwe bazira kuri mwebwe kubabira, ntiyigeze Inagira abana mureze, kuba abana banyu bwite[2]. Iryo ziririzwa ry’abakenyezi n’iry’ukwiyomekera abana mureze, ni iryo mwishingira bivuye mu kanwa kanyu gusa, nta ngingo n’imwe y’Imana Allah rishingiyeko. Burya, Imana Allah Ivuga ukuri, Ikanarongora mu nzira igororotse. info

[1] Ukuziririza umukenyezi mu ndahiro, ni kurya umugabo abwira umugore wiwe ati: “Wewe kuri jewe uri ikizira nko gusubira ku mugongo w’umuvyeyi wanje amvyara; gusubira kw’ibere”. Muri ico gihe rero nya mugore aca aba ikizira kuri we nka nyina amuvyara. Iyo ngingo yubahirizwa ukwo imbere yuko ubwislamu buza, mu nyuma rero iyo ngingo yahavuye ihagarikwa kuko ishingiye ku kinyoma mu kuziririza ibitaziririjwe n’Imana Allah.
[2] Mu bijanye n’ibizira canke ibirekuwe kuri mwebwe; nko mu gutorana canke mu kwabirana.

التفاسير:

external-link copy
5 : 33

ٱدۡعُوهُمۡ لِأٓبَآئِهِمۡ هُوَ أَقۡسَطُ عِندَ ٱللَّهِۚ فَإِن لَّمۡ تَعۡلَمُوٓاْ ءَابَآءَهُمۡ فَإِخۡوَٰنُكُمۡ فِي ٱلدِّينِ وَمَوَٰلِيكُمۡۚ وَلَيۡسَ عَلَيۡكُمۡ جُنَاحٞ فِيمَآ أَخۡطَأۡتُم بِهِۦ وَلَٰكِن مَّا تَعَمَّدَتۡ قُلُوبُكُمۡۚ وَكَانَ ٱللَّهُ غَفُورٗا رَّحِيمًا

Abana mureze rero, murabitirira amazina ya ba se babavyara, ico ni co ciza kandi ni na bwo butungane buva ku Mana Allah. Nimutamenya amazina ya ba se babavyara, muri ico gihe, murabita benewanyu mw’idini n’abanywanyi banyu. Nta n’icaha kuri mwebwe kiri mu vyo mwakosheje mutabigize nkana, ariko Imana Allah Ibahanira ivyo mugize nkana. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 33

ٱلنَّبِيُّ أَوۡلَىٰ بِٱلۡمُؤۡمِنِينَ مِنۡ أَنفُسِهِمۡۖ وَأَزۡوَٰجُهُۥٓ أُمَّهَٰتُهُمۡۗ وَأُوْلُواْ ٱلۡأَرۡحَامِ بَعۡضُهُمۡ أَوۡلَىٰ بِبَعۡضٖ فِي كِتَٰبِ ٱللَّهِ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ وَٱلۡمُهَٰجِرِينَ إِلَّآ أَن تَفۡعَلُوٓاْ إِلَىٰٓ أَوۡلِيَآئِكُم مَّعۡرُوفٗاۚ كَانَ ذَٰلِكَ فِي ٱلۡكِتَٰبِ مَسۡطُورٗا

Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), akwiye kwitwararikwa n’abemeramana mu bijanye n’idini n’ubuzima bwo kw’isi, kurusha uko bitwararika ubuzima bwabo. Abakenyezi biwe na bo, ni ba kizira ku bemeramana nka ba nyina babavyara; ntibarekuriwe kubabira mu nyuma yiwe[3]. Incuti zisangiye amaraso mu bislamu, ni zo zikwiye gutorana hagati yazo hisunzwe ingingo z’Imana Allah ziri mu Gitabu, ha gutorana hagati y’abislamu hisunzwe ubucuti bushingiye ku kwemera no ku kwimukira i Madina[4]; kiretse mu gihe mwoshima guha ku bisigi abo mudasangiye amaraso mu bislamu ku bugwaneza. Iyo ngingo rero, yaramaze kwandikwa mu vyagezwe n’Imana Allah mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”. info

[3] Iyi Aayah, yigisha umwislamu ko abwirizwa gukunda Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) kurusha uko yikunda, maze akamwumvira bikwiye; abwirizwa no kwubaha akubahiriza n’abakenyezi biwe; ntabatyoze canke ngo abatuke.
[4] Mu ntango y’ubwislamu, abislamu batorana hagati yabo bisunze ubucuti bwo kwemera no kwimukira i Madina. Iyi ngingo rero, yakuweho n’ingingo zitunganya itorana hagati yabo hisunzwe ubucuti bw’amaraso.

التفاسير: