[1] Ukuziririza umukenyezi mu ndahiro, ni kurya umugabo abwira umugore wiwe ati: “Wewe kuri jewe uri ikizira nko gusubira ku mugongo w’umuvyeyi wanje amvyara; gusubira kw’ibere”. Muri ico gihe rero nya mugore aca aba ikizira kuri we nka nyina amuvyara. Iyo ngingo yubahirizwa ukwo imbere yuko ubwislamu buza, mu nyuma rero iyo ngingo yahavuye ihagarikwa kuko ishingiye ku kinyoma mu kuziririza ibitaziririjwe n’Imana Allah.
[2] Mu bijanye n’ibizira canke ibirekuwe kuri mwebwe; nko mu gutorana canke mu kwabirana.
[3] Iyi Aayah, yigisha umwislamu ko abwirizwa gukunda Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) kurusha uko yikunda, maze akamwumvira bikwiye; abwirizwa no kwubaha akubahiriza n’abakenyezi biwe; ntabatyoze canke ngo abatuke.
[4] Mu ntango y’ubwislamu, abislamu batorana hagati yabo bisunze ubucuti bwo kwemera no kwimukira i Madina. Iyi ngingo rero, yakuweho n’ingingo zitunganya itorana hagati yabo hisunzwe ubucuti bw’amaraso.