Qurani Kərimin mənaca tərcüməsi - Kirundi dilinə tərcümə - Yusif Qəhiti.

Səhifənin rəqəmi:close

external-link copy
69 : 6

وَمَا عَلَى ٱلَّذِينَ يَتَّقُونَ مِنۡ حِسَابِهِم مِّن شَيۡءٖ وَلَٰكِن ذِكۡرَىٰ لَعَلَّهُمۡ يَتَّقُونَ

Abatinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, ntibajejwe namba indishi y’abaganira mu gutyoza no guhakana Aayah za Qor’ani, ariko ico bajejwe, ni ukubahanura kugira batinye Imana Allah, maze bareke gutyoza Aayah zayo. info
التفاسير:

external-link copy
70 : 6

وَذَرِ ٱلَّذِينَ ٱتَّخَذُواْ دِينَهُمۡ لَعِبٗا وَلَهۡوٗا وَغَرَّتۡهُمُ ٱلۡحَيَوٰةُ ٱلدُّنۡيَاۚ وَذَكِّرۡ بِهِۦٓ أَن تُبۡسَلَ نَفۡسُۢ بِمَا كَسَبَتۡ لَيۡسَ لَهَا مِن دُونِ ٱللَّهِ وَلِيّٞ وَلَا شَفِيعٞ وَإِن تَعۡدِلۡ كُلَّ عَدۡلٖ لَّا يُؤۡخَذۡ مِنۡهَآۗ أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ أُبۡسِلُواْ بِمَا كَسَبُواْۖ لَهُمۡ شَرَابٞ مِّنۡ حَمِيمٖ وَعَذَابٌ أَلِيمُۢ بِمَا كَانُواْ يَكۡفُرُونَ

Ntumwa y’Imana! Reka ababangikanyamana bagize idini ry’ubwislamu igikinisho n’ikiyago co guteramirako mu gutyoza no guhakana Aayah z’Imana Allah, bakanahendwa n’ibihendamaso vy’ubuzima bwo kw’isi, maze ubibutse ukoresheje Qor’ani kugira ntihagire uwuzokwigovyora igihe yahaniwe ivyo yakoze, ico gihe ntazoronka uwumutabara mu bihano atari Imana Allah, eka ntazoronka n’uwumuvugira kuri Yo kugira ntahanwe, n’aho yotanga imbohozo kugira ntahanwe ntizokwemerwa namba. Abo ni bo rero bazohanirwa ivyo bakoze, bahemburwe n’ikinyobwa c’amarike yasebuye akaryimara, bahabwe n’ibihano bibabaza bitewe n’ukuntu bagarariza Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bagahakana n’ubwislamu. info
التفاسير:

external-link copy
71 : 6

قُلۡ أَنَدۡعُواْ مِن دُونِ ٱللَّهِ مَا لَا يَنفَعُنَا وَلَا يَضُرُّنَا وَنُرَدُّ عَلَىٰٓ أَعۡقَابِنَا بَعۡدَ إِذۡ هَدَىٰنَا ٱللَّهُ كَٱلَّذِي ٱسۡتَهۡوَتۡهُ ٱلشَّيَٰطِينُ فِي ٱلۡأَرۡضِ حَيۡرَانَ لَهُۥٓ أَصۡحَٰبٞ يَدۡعُونَهُۥٓ إِلَى ٱلۡهُدَى ٱئۡتِنَاۗ قُلۡ إِنَّ هُدَى ٱللَّهِ هُوَ ٱلۡهُدَىٰۖ وَأُمِرۡنَا لِنُسۡلِمَ لِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mbega none twiyegereze mu gusenga mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana ata co vyotumarira mu gihe twobisenga, ata n’ico vyotwicira mu gihe tworeka kubisenga, gutyo dusubire mu bugarariji inyuma y’aho Imana Allah Iturongoreye mu bwislamu, duce tuba nk’uwohejwe n’amashetani akazimira inzira, kandi ari kumwe n’abagenzi b’abanyabwenge bemera bamuzimurura bamugarura mu nzira ishika bati: “Ingo nyabuna dufadikanye inzira”, hanyuma akanka kuzimururwa!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mu vy’ukuri, uburongozi bw’Imana Allah Yandungikanye, ni bwo burongozi nyabwo, twaranategetswe twese kwicisha bugufi ku Mubungabunzi w’ibiremwa vyose mu kwiyegereza Imana Allah mu vyo dukora vyose tunayisenge tutayibangikanya”; info
التفاسير:

external-link copy
72 : 6

وَأَنۡ أَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَٱتَّقُوهُۚ وَهُوَ ٱلَّذِيٓ إِلَيۡهِ تُحۡشَرُونَ

Twarategetswe kandi duti: “Nimutsimbataze amasengesho ku mwanya yagenewe, muheze rero mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Ni no kuri Yo muzokwegeranirizwa mwese ku musi w’izuka”. info
التفاسير:

external-link copy
73 : 6

وَهُوَ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ بِٱلۡحَقِّۖ وَيَوۡمَ يَقُولُ كُن فَيَكُونُۚ قَوۡلُهُ ٱلۡحَقُّۚ وَلَهُ ٱلۡمُلۡكُ يَوۡمَ يُنفَخُ فِي ٱلصُّورِۚ عَٰلِمُ ٱلۡغَيۡبِ وَٱلشَّهَٰدَةِۚ وَهُوَ ٱلۡحَكِيمُ ٱلۡخَبِيرُ

Imana Allah, ni Yo Yaremye vy’ukuri amajuru n’isi. Ntumwa y’Imana! Ibuka n’umusi w’umuhero w’isi igihe Imana Allah Yavuze Iti: “Ba”, ugaca uba ubwo nyene nk’ikubita ry’urugohe. Ijambo ryayo ni kwo kuri kudahinyuzwa. Ni Yo Nyenubwami umusi havugijwe inzamba igira kabiri yo kuzuka kw’ibiremwa. Ni Yo Izi ibinyegejwe ibiremwa n’ibiboneka, ni na Yo Ntungane rero mu vyo Ikora, Muhetuziwavyose. info
التفاسير: