Qurani Kərimin mənaca tərcüməsi - Kirundi dilinə tərcümə - Yusif Qəhiti.

Səhifənin rəqəmi:close

external-link copy
36 : 6

۞ إِنَّمَا يَسۡتَجِيبُ ٱلَّذِينَ يَسۡمَعُونَۘ وَٱلۡمَوۡتَىٰ يَبۡعَثُهُمُ ٱللَّهُ ثُمَّ إِلَيۡهِ يُرۡجَعُونَ

Ni ukuri, abakwumvira bakagukurikira, ni abumviriza amajambo y’Imana Allah ku mvo zo kuyemera. Nayo abagarariji baharurwa mu bapfuye, kuko ubuzima nya bwo ni ubushingiye ku bwislamu butuma umuntu yicisha bugufi ku Mana Allah. Burya rero abapfuye, Imana Allah Izobazura hanyuma basubire kuri Yo ku musi w’izuka, kugira Ibaharurire Inabahembere ivyo bakoze. info
التفاسير:

external-link copy
37 : 6

وَقَالُواْ لَوۡلَا نُزِّلَ عَلَيۡهِ ءَايَةٞ مِّن رَّبِّهِۦۚ قُلۡ إِنَّ ٱللَّهَ قَادِرٌ عَلَىٰٓ أَن يُنَزِّلَ ءَايَةٗ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ

Ababangikanyamana bavuze ku kagagazo bati: “Muhamadi ntiyari gupfuma amanurirwa n’Imana yiwe Rurema Allah igitangaro gifadika cemeza ukuri kwiwe; nk’inkoni yahawe Musa, canke ingamiya yururukirijwe Swalehe!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Irashoboye kubamanunira icemezo gifadika, ariko rero abenshi muri bo, ntibazi ko imanurwa ry’ivyemezo bifadika riba ku mvo zigenwa gusa n’Imana Allah”. info
التفاسير:

external-link copy
38 : 6

وَمَا مِن دَآبَّةٖ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَا طَٰٓئِرٖ يَطِيرُ بِجَنَاحَيۡهِ إِلَّآ أُمَمٌ أَمۡثَالُكُمۚ مَّا فَرَّطۡنَا فِي ٱلۡكِتَٰبِ مِن شَيۡءٖۚ ثُمَّ إِلَىٰ رَبِّهِمۡ يُحۡشَرُونَ

Nta kiremwa na kimwe kigendagenda mw’isi, eka nta n’ikiguruka n’amababa mu kirere, kiretse ko vyose vyaremwe mu migwi hari ico bihuriyeko mu ndemo nkamwe. Burya nta na kimwe Twaretse ngo Twirengagize kucandika ku Rubaho rubungabunzwe “Lawhu Mahfuudhw”. Hanyuma ibiremwa vyose ku musi w’izuka, bizokwegeranirizwa hamwe ku Mana yavyo Rurema Allah, kugira Ihembe kimwe cose ku co cakoze. info
التفاسير:

external-link copy
39 : 6

وَٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا صُمّٞ وَبُكۡمٞ فِي ٱلظُّلُمَٰتِۗ مَن يَشَإِ ٱللَّهُ يُضۡلِلۡهُ وَمَن يَشَأۡ يَجۡعَلۡهُ عَلَىٰ صِرَٰطٖ مُّسۡتَقِيمٖ

Abagararije mu guhakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyacu Twebwe Allah, ni ba nyamuragi; ntibumva icobagirira akamaro, ntibavuga ukuri, bari mu muzimagiza w’ubuhuvyi, ntibanashoboye guhitamwo inzira y’ubugororotsi. Uwo Imana Allah Ishatse guhuvya ku butumva bwiwe, Iramuhuvya; n’uwo Ishatse kurongora ku bugamburutsi bwiwe, Imushira mu nzira igororotse. info
التفاسير:

external-link copy
40 : 6

قُلۡ أَرَءَيۡتَكُمۡ إِنۡ أَتَىٰكُمۡ عَذَابُ ٱللَّهِ أَوۡ أَتَتۡكُمُ ٱلسَّاعَةُ أَغَيۡرَ ٱللَّهِ تَدۡعُونَ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ

Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Nimumbwire igihe mwoshikirwa n’ibihano vy’Imana Allah mukiri kw’isi, canke mu gihe mwoshikirwa n’umusi w’izuka, aho nyene mwombwira ko mwosaba ikitari Imana Allah, kugira kibakize intureka zabashikiye nimwaba muri imvugakuri ko ibigirwamana musenga hari ico bishoboye!”; info
التفاسير:

external-link copy
41 : 6

بَلۡ إِيَّاهُ تَدۡعُونَ فَيَكۡشِفُ مَا تَدۡعُونَ إِلَيۡهِ إِن شَآءَ وَتَنسَوۡنَ مَا تُشۡرِكُونَ

Ahubwo nyabuna muri ico gihe, mwosaba gusa Imana Allah muyambaza ko Ibakiza intureka zabashikiye, mu gihe Yobishaka kuko ari Yo Mushoboravyose, mugashoka mwibagira ivyo muyibangikanya ko vyigeze kubaho!. info
التفاسير:

external-link copy
42 : 6

وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَآ إِلَىٰٓ أُمَمٖ مِّن قَبۡلِكَ فَأَخَذۡنَٰهُم بِٱلۡبَأۡسَآءِ وَٱلضَّرَّآءِ لَعَلَّهُمۡ يَتَضَرَّعُونَ

Ni ukuri, Twebwe Allah Twararungikiye imigwi y’abantu b’aho hambere yawe, Intumwa ziyirarikira kwumvira Imana Allah, maze irazihakana yivuye inyuma, Duca Turayigerageza mu kuyitera ubukene n’ivyago hamwe n’indwara n’amaganya, kugira itakambe yicishe bugufi ku Mana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
43 : 6

فَلَوۡلَآ إِذۡ جَآءَهُم بَأۡسُنَا تَضَرَّعُواْ وَلَٰكِن قَسَتۡ قُلُوبُهُمۡ وَزَيَّنَ لَهُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ

Iyo migwi y’abantu ico gihe ishikirwa n’igeragezwa ryacu, ese iyo ipfuma itakamba ikicisha bugufi ku Mana Allah! Ariko ntiyigeze ibikora, imitima yayo yarakomantaye icika nk’ibuye ry’urutare ntiyumva, shetani na yo iraheza iyiryohereza ivyaha n’ibangikanyamana yahora igira. info
التفاسير:

external-link copy
44 : 6

فَلَمَّا نَسُواْ مَا ذُكِّرُواْ بِهِۦ فَتَحۡنَا عَلَيۡهِمۡ أَبۡوَٰبَ كُلِّ شَيۡءٍ حَتَّىٰٓ إِذَا فَرِحُواْ بِمَآ أُوتُوٓاْ أَخَذۡنَٰهُم بَغۡتَةٗ فَإِذَا هُم مُّبۡلِسُونَ

Igihe rero iyo migwi y’abantu irekeye kwicisha bugufi, ikirengagiza no kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, Twarayugururiye imiryango yose y’ibiyibeshaho kugira irendegere mu bwononyi, iraheza ibaho yorohewe, iranagira amagara meza ahimbaye gushika aho yishimira ivyo Twayironkeje, Duca Turayihana giturumbuka, iricuza, irihebura. info
التفاسير: